Imigani 25:1-28

25  N’iyi nyene ni imigani ya Salomo+ abantu ba Hezekiya umwami wa Yuda+ bimuye:  Ubuninahazwa bw’Imana ni ukugumiza ikintu ari ibanga+, ubuninahazwa bw’abami na bwo ni uguserangura ikintu+.  Amajuru kubera uburebure bwayo bw’amahagarara+, n’isi kubera ubwimbike bwayo+, be n’umutima w’abami, ntibiserangurika+.  Ifeza nikurwemwo inkamba, maze yose izosohoka ityoroye+.  Umubisha nakurwe imbere y’umwami+, maze intebe yiwe y’ubwami izoshimangirwa biciye ku bugororotsi+.  Ntiwitere iteka imbere y’umwami+, kandi ntuhagarare mu kibanza c’abahambaye+.  Kuko vyiza ari uko akubwira ati: “Duga hano+,” hako agushira hasi imbere y’umunyacubahiro amaso yawe yabonye+.  Ntuje gushingisha urubanza gihutihuti, kugira ntihabe ikibazo c’ico uri bukore mu mpera yarwo, igihe mugenzawe azoba agutetereje+.  Niwiburanire kuri mugenzawe+, kandi ntuhishure ikiyago c’akabanga c’uwundi+; 10  kugira ngo uwumviriza ntakumaramaze, n’inkuru mbi utanze ntibe iyitogarurwa. 11  Kurya kw’ivyamwa vy’amapome y’inzahabu mu duhingurano tw’ifeza, ni ko ijambo rivuzwe ku gihe caryo rimera+. 12  Umukangirizi akorana ubukerebutsi ni ihereni ry’inzahabu, akaba n’agasharizo k’inzahabu idasanzwe, ku gutwi kwumva+. 13  Kurya kw’akabeho ka shelegi*+ ku musi w’iyimbura, ni ko umutumwa w’umwizigirwa amera ku bamutumye, kuko ahembura ubuzima bwa shebuja+. 14  Kurya kw’ibicu vy’umwuka be n’umuyaga bitagiramwo imvura y’isegenya, ni ko umuntu yirata ingabirano mu kinyoma amera+. 15  Biciye ku kwihangana umukomanda arayengayengwa, kandi ururimi rw’ubwitonzi rurashobora kumena igufa+. 16  Waronse ubuki+? Rya ubugukwiye, ntuhave wihereza uburenze urugero ukabwirizwa kubudahwa+. 17  Ikirenge cawe nukigire imbonekarimwe ku muhana wa mugenzawe, kugira ntahave aguhaga, akakwanka koko. 18  Kurya kw’ubuhiri bw’intambara n’inkota n’umwampi ukarihije, ni ko umuntu yagiriza mugenziwe bwa cabona c’ikinyoma amera+. 19  Kurya kw’iryinyo rivunitse be n’ikirenge kinyoganyoga, ni ko kwizera umuhemu ku musi w’amarushwa bimera+. 20  Uwukura impuzu ku musi w’imbeho ni nk’inkarihe ku munyu witwa alikali, akaba kandi nk’umuririmvyi n’indirimbo ku mutima wijiriwe+. 21  Nimba uwukwanka ashonje, muhe umukate arye; kandi nimba anyotewe, muhe amazi anywe+. 22  Kuko amakara ari yo uzoba uriko uramurunda ku mutwe+, kandi Yehova ubwiwe azoguhemba+. 23  Umuyaga wo mu buraruko uzana imvura y’isegenya nko mu bubabare bw’ibise+, ururimi rumena ibanga na rwo rugatuma mu maso huzura imisibo+. 24  Umuntu yopfuma aba ku mfuruka y’igisenge hako abana n’umugore w’amahane, naho hoba ari mu nzu imwe+. 25  Kurya kw’amazi akanye ku wurushe+, ni ko agakuru keza kavuye mu gihugu ca kure kamera+. 26  Imbizi ihumanye n’iriba ryononekaye, ukwo ni ko umugororotsi amera igihe adandabagirana imbere y’umubisha+. 27  Kurya ubuki burenze urugero si vyiza+; kandi abantu guserangura ubuninahazwa bwabo bwite, mbega buba ari ubuninahazwa+? 28  Nka kurya kw’igisagara kimenywe, kitagira uruhome, ni ko umuntu adatangira umutima* wiwe amera+.

Utujambo tw'epfo

“Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.
Ijambo ku rindi ni “impwemu.”