Imigani 25:1-28
25 N’iyi nyene ni imigani ya Salomo+ abantu ba Hezekiya umwami wa Yuda+ bimuye:
2 Ubuninahazwa bw’Imana ni ukugumiza ikintu ari ibanga+, ubuninahazwa bw’abami na bwo ni uguserangura ikintu+.
3 Amajuru kubera uburebure bwayo bw’amahagarara+, n’isi kubera ubwimbike bwayo+, be n’umutima w’abami, ntibiserangurika+.
4 Ifeza nikurwemwo inkamba, maze yose izosohoka ityoroye+.
5 Umubisha nakurwe imbere y’umwami+, maze intebe yiwe y’ubwami izoshimangirwa biciye ku bugororotsi+.
6 Ntiwitere iteka imbere y’umwami+, kandi ntuhagarare mu kibanza c’abahambaye+.
7 Kuko vyiza ari uko akubwira ati: “Duga hano+,” hako agushira hasi imbere y’umunyacubahiro amaso yawe yabonye+.
8 Ntuje gushingisha urubanza gihutihuti, kugira ntihabe ikibazo c’ico uri bukore mu mpera yarwo, igihe mugenzawe azoba agutetereje+.
9 Niwiburanire kuri mugenzawe+, kandi ntuhishure ikiyago c’akabanga c’uwundi+;
10 kugira ngo uwumviriza ntakumaramaze, n’inkuru mbi utanze ntibe iyitogarurwa.
11 Kurya kw’ivyamwa vy’amapome y’inzahabu mu duhingurano tw’ifeza, ni ko ijambo rivuzwe ku gihe caryo rimera+.
12 Umukangirizi akorana ubukerebutsi ni ihereni ry’inzahabu, akaba n’agasharizo k’inzahabu idasanzwe, ku gutwi kwumva+.
13 Kurya kw’akabeho ka shelegi*+ ku musi w’iyimbura, ni ko umutumwa w’umwizigirwa amera ku bamutumye, kuko ahembura ubuzima bwa shebuja+.
14 Kurya kw’ibicu vy’umwuka be n’umuyaga bitagiramwo imvura y’isegenya, ni ko umuntu yirata ingabirano mu kinyoma amera+.
15 Biciye ku kwihangana umukomanda arayengayengwa, kandi ururimi rw’ubwitonzi rurashobora kumena igufa+.
16 Waronse ubuki+? Rya ubugukwiye, ntuhave wihereza uburenze urugero ukabwirizwa kubudahwa+.
17 Ikirenge cawe nukigire imbonekarimwe ku muhana wa mugenzawe, kugira ntahave aguhaga, akakwanka koko.
18 Kurya kw’ubuhiri bw’intambara n’inkota n’umwampi ukarihije, ni ko umuntu yagiriza mugenziwe bwa cabona c’ikinyoma amera+.
19 Kurya kw’iryinyo rivunitse be n’ikirenge kinyoganyoga, ni ko kwizera umuhemu ku musi w’amarushwa bimera+.
20 Uwukura impuzu ku musi w’imbeho ni nk’inkarihe ku munyu witwa alikali, akaba kandi nk’umuririmvyi n’indirimbo ku mutima wijiriwe+.
21 Nimba uwukwanka ashonje, muhe umukate arye; kandi nimba anyotewe, muhe amazi anywe+.
22 Kuko amakara ari yo uzoba uriko uramurunda ku mutwe+, kandi Yehova ubwiwe azoguhemba+.
23 Umuyaga wo mu buraruko uzana imvura y’isegenya nko mu bubabare bw’ibise+, ururimi rumena ibanga na rwo rugatuma mu maso huzura imisibo+.
24 Umuntu yopfuma aba ku mfuruka y’igisenge hako abana n’umugore w’amahane, naho hoba ari mu nzu imwe+.
25 Kurya kw’amazi akanye ku wurushe+, ni ko agakuru keza kavuye mu gihugu ca kure kamera+.
26 Imbizi ihumanye n’iriba ryononekaye, ukwo ni ko umugororotsi amera igihe adandabagirana imbere y’umubisha+.
27 Kurya ubuki burenze urugero si vyiza+; kandi abantu guserangura ubuninahazwa bwabo bwite, mbega buba ari ubuninahazwa+?
28 Nka kurya kw’igisagara kimenywe, kitagira uruhome, ni ko umuntu adatangira umutima* wiwe amera+.
Utujambo tw'epfo
^ “Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.
^ Ijambo ku rindi ni “impwemu.”