Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 24:1-34

24  Ntugirire agashari abantu babi+, kandi ntuhahamire kujana na bo+.  Kuko ubunyazi ari bwo umutima wabo uguma uzirikana, kandi ivyago ni vyo iminwa yabo iguma ivuga+.  Ubukerebutsi ni bwo bwubaka urugo+, kandi ugutahura ni kwo kurushimangira+.  Ubumenyi ni bwo butuma ivyumba vyuzura ibintu vyose vy’agaciro bizimvye kandi bihimbaye+.  Uwuri inkerebutsi mu gukoresha ubumenyi aba ari umugabo+, kandi umuntu w’ubumenyi ashimangira ububasha+.  Kuko uzorwana intambara yawe biciye ku buyobozi bw’ubuhanga+, kandi mu bajanama indiri hari ubukiriro+.  Ku gipfu ubukerebutsi nyakuri burahanitse cane+; ntikizoteranura akanwa mw’irembo.  Nayo uwutegura umugambi wo gukora ikibi, azokwitwa karuhariwe mu vyiyumviro bibi+.  Ubushirasoni bw’ubupfu ni igicumuro+, kandi umushinyaguzi ni ikintu giteye ishishi ku bantu+. 10  Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa+? Inkomezi zawe zizoba nke. 11  Rokora abariko bajanwa ku rupfu; kandi abadandabagirana baja kwicwa, ese wobatangīra+! 12  Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+? 13  Mwananje, rya ubuki, kuko ari bwiza; kandi ubuki bw’ikimamara busosa nibube mu magage yawe+. 14  Muri ubwo buryo nyene, numenye ubukerebutsi ku neza yawe+. Uburonse, kazoza rero uzoba ugafise, kandi icizigiro cawe ntikizorandurwa+. 15  Ntubundire ahantu umugororotsi aba, nk’umubisha+; ntunyage ahantu hiwe h’ukuruhukira+. 16  Kuko umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka+; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago+. 17  Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe+, 18  kugira ngo Yehova ntabibone, bikaba bibi mu maso yiwe, hanyuma akamukurako koko ishavu ryiwe+. 19  Nturungure kubera inkozi z’ikibi. Ntiwumvire agashari ababisha+. 20  Kuko ata kazoza kazohaba ku muntu mubi wese+; itara ry’ababisha rizozima+. 21  Mwananje, tinya Yehova be n’umwami+. Ntiwivange n’abashaka ihinduka+. 22  Kuko icago cabo kizokwaduka bukwi na bukwi+: mbega ni nde azi ivy’ukuzimangana kw’abashaka ihinduka+? 23  N’aya majambo nyene ni ayagenewe abantu b’inkerebutsi+: Kugira nkunzi mu rubanza si vyiza+. 24  Uwubwira umubisha ngo: “Uri umugororotsi+,” ibisata vy’abantu bizomuvuma, imiryango y’amahanga izomusiba. 25  Mugabo ku bamukangīra bizoba ibihimbaye+, kandi umuhezagiro w’iciza uzobazako+. 26  Uwishura adakikiriza azosoma iminwa+. 27  Tegura igikorwa cawe hanze, kandi ucitunganirize mu murima+. Mu nyuma wubake n’urugo rwawe. 28  Ntucike icabona cagiriza mugenzawe ata mvo+. Wohava rero uba igipfu kubera iminwa yawe+. 29  Ntuvuge ngo: “Nk’uko nyene yangiriye, ni ko ngiye kumugirira+. Nzokwishura umwe wese ibihuye n’uko akora+.” 30  Naciye iruhande y’umurima w’umuntu w’ikinebwe+ n’iruhande y’umurima w’imizabibu w’umuntu akenye umutima+. 31  Maze, ehe wose wari wamezemwo ivyatsi bibi+. Ibisuru vyari vyapfutse uburinganire bwawo, kandi uruhome rwawo rw’amabuye rwari rwasambuwe+. 32  Nuko nditegereza, jewe ubwanje; ndabishira ku mutima+; ndabona, ntora iyi ndero+: 33  Isinzirire itiro rikeyi, agatiro gakeyi, uzinge amaboko gatoyi wiryamire+, 34  maze ubworo bwawe ntibuzobura kuza nk’umwambuzi, ubukene bwawe na bwo nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+.

Amakuru yiyongereye