Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 23:1-35

23  Niwicara ngo usangire ibifungurwa n’umwami, uze urimbure neza ibiri imbere yawe+,  kandi uze wishire imbugita mw’izosi nimba ufise ameru+.  Ntuhahamire ivyibo vyiwe binovera, kuko ari ibifungurwa vy’ibinyoma+.  Ntucumukure kugira uronke ubutunzi+. Heba ubwenge bwawe+.  Mbega wabukubitijeko amaso, kandi ari ubusa+? Kuko butabura kwimerera amababa nk’ay’inkona, bukaguruka bwerekeza mu majuru+.  Nturye ibifungurwa vy’uwo wese ari n’ijisho ridatanga+, canke ngo uhahamire ivyibo vyiwe binovera+.  Kuko ameze nka kurya kw’umuntu yaharûye mu mutima wiwe+. Akubwira ngo: “Niwirire, winywere,” mugabo umutima wiwe utari kumwe nawe+.  Ikimanyu cawe wariye, uzokidahwa, kandi uzoba wapfishije ubusa amajambo yawe ahimbaye+.  Ntuvugire mu matwi y’ikijuju+, kuko kizosuzugura amajambo yawe y’ubwenge+. 10  Ntiwigize inyuma urubibe rwa kera+, kandi ntiwinjire mw’itongo ry’impfuvyi*+. 11  Kuko Umucunguzi wabo akomeye; ubwiwe azoburana nawe urubanza rwabo+. 12  Nuzane umutima wawe ku ndero, n’ugutwi kwawe ku majambo y’ubumenyi+. 13  Ntiwime indero umwana+. Umukubise inkoni ntazopfa. 14  Ukwiye rero kumukubita inkoni, kugira urokore ubuzima bwiwe ubukize ukuzimu+. 15  Mwananje, umutima wawe niwaba inkerebutsi+, umutima wanje, emwe, umutima wanje, uzonezerwa+. 16  Kandi amafyigo yanje azokwigina, iminwa yawe niyavuga ukugororoka+. 17  Umutima wawe ntiwumvire agashari abacumuzi+, ahubwo nutinye Yehova burinde bwira+. 18  Kuko ari ho uzogira kazoza+, kandi icizigiro cawe ntikizorandurwa+. 19  Nawe ga mwananje, niwumve ube inkerebutsi, kandi uyobore umutima wawe mu nzira+. 20  Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane+, mu baryi b’inyama b’abakunzi b’inda+. 21  Kuko imborerwa n’umukunzi w’inda bazoja mu bworo+, kandi uguhunyiza kuzokwambika umuntu imishambara+. 22  Umviriza so yakuvyaye+, kandi ntusuzugure nyoko wawe ngo ni uko gusa ashaje+. 23  Gura ukuri+, ntukugurishe; be n’ubukerebutsi n’indero be n’ugutegera+. 24  Se w’umugororotsi ntazobura kunezerwa+; uwuvyaye umwana w’inkerebutsi na we nyene azomuhimbarirwa+. 25  So wawe na nyoko wawe bazohimbarwa, kandi nyoko wawe yakwibarutse azonezerwa+. 26  Mwananje, numpe umutima wawe, kandi ayo maso yawe ahimbarwe n’inzira zanje+. 27  Kuko umumaraya ari icobo kirekire+, kandi umugore w’umunyamahangakazi ni iriba ryaga. 28  Ni ukuri, arabunda nka kurya kw’umwambuzi+; kandi agwiza ibihemu mu bantu+. 29  Ni nde ari n’amagorwa? Ni nde akonyokewe? Ni nde ari n’amahane+? Ni nde ari n’amaganya? Ni nde ari n’ibikomere ata mvo? Ni nde afise amaso y’indubaruba? 30  Ni abamara umwanya muremure ku muvinyu+, abinjira guserangura barondera umuvinyu uvanze+. 31  Ntiwihweze umuvinyu iyo utukuriye, iyo ubiragira mu gikombe, iyo ushororoka. 32  Amaherezo yawo ukomora nk’inzoka+, ukarekura ubumara nk’imamba+. 33  Amaso yawe azobona ibintu bitabaho, n’umutima wawe uvuge ibintu bigoramye+. 34  Ntuzobura kumera nk’umuntu aryamye mu nda y’ikiyaga, mbere nk’umuntu aryamye kw’isonga ry’inkingi y’ubwato+. 35  “Bankubise, sinarwara; bampuraguye, sinabimenya. Nzovyuka ryari+? Nzosubira kurondera wundi mukeyi+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”