Imigani 22:1-29
22 Wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi+; ubutoni buraruta mbere ifeza n’inzahabu+.
2 Umutunzi na ntahonikora barahuye+. Uwabahinguye bose ni Yehova+.
3 Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha+, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako+.
4 Ikiva mu kwicisha bugufi be n’ugutinya Yehova, ni ubutunzi n’ubuninahazwa n’ubuzima+.
5 Amahwa n’imitego biri mu nzira y’uwuhetaraye+; uwurinda ubuzima bwiwe aguma kure yavyo+.
6 Rera umwana wisunze inzira imubereye+; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo+.
7 Umutunzi ni we aganza ba ntahonikora+, kandi uwugurana aba umusavyi wa nyene kumugurana+.
8 Uwubiba ibitagororotse azoshwabura ibintu bibabaza+, mugabo inkoni y’uburake bwiwe izovaho+.
9 Uw’ijisho ryiza azohezagirwa, kuko yahaye umuntu mutoyi ku bifungurwa vyiwe+.
10 Irukana umushinyaguzi, kugira ngo amahane ahave no kugira ngo imburano n’agateterwe bihagarare+.
11 Uwukunda ubutyoroke bw’umutima+, emwe, kubera igikundiro c’iminwa yiwe umwami azomubera umugenzi+.
12 Amaso ya Yehova ubwiwe azigama ubumenyi+, mugabo atembagaza amajambo y’umuhemu+.
13 Ikinebwe cavuze+ giti: “Hari intambwe hanze+! Mpava nicirwa hagati mu bibanza vya bose!”
14 Akanwa k’abagore b’ibihumbu* ni icobo kirekire+. Uwo Yehova arungitseko imisibo azokigwamwo+.
15 Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana+; inkoni y’indero ni yo izobwigiza kure yiwe+.
16 Uwugunga umuntu mutoyi kugira yironse ibintu vyinshi+, eka n’uwuha umutunzi, ntazobura kuja mu bukene+.
17 Tega ugutwi wumve amajambo y’abantu b’inkerebutsi+, kugira ngo ushire umutima wawe ku bumenyi bwanje+.
18 Kuko bihimbaye ko ubigumya mu nda yawe+, kugira ngo vyose hamwe bishimangirwe ku minwa yawe+.
19 Kugira ngo umwizero wawe ube muri Yehova ubwiwe+, nguhaye ubumenyi uno musi, wewe nyene.
20 Mbega kugeza ubu sinakwandikiye nkoresheje impanuro n’ubumenyi+,
21 kugira nkwereke ukuri kw’amajambo nyakuri, ngo ugarukane amajambo y’ukuri ku wagutumye+?
22 Ntiwambure umuntu mutoyi ngo ni uko ari mutoyi+, kandi ntujanjagurire umurushwa mw’irembo+.
23 Kuko Yehova ubwiwe azoburana urubanza rwabo+, kandi ababambura ntazobura kubambura ubuzima+.
24 Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu+; kandi ntujane n’umuntu w’ubushangashirwe bwiguburiza,
25 ngo ntuhave umenyēra iminyuro yiwe ugatega koko umutego ubuzima bwawe+.
26 Ntube mu bakomanya ibiganza+, mu bemera kwishinga uwusavye ingurane+.
27 Nimba ata co ufise uriha, kubera iki none yotwara igitanda cawe agikuye munsi yawe?
28 Ntiwigize inyuma urubibe rwa kera, urwo ba sogokuruza bashizeho+.
29 Mbega uramaze kwitegereza umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe? Imbere y’abami ni ho azohagarara+; ntazohagarara imbere y’abantu nciyaho.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “abagore b’ahandi.”