Imigani 21:1-31
21 Umutima w’umwami ni nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+. Aho bimuhimbaye hose ni ho awuhindukiriza+.
2 Inzira yose y’umuntu iragororotse mu maso yiwe+, mugabo Yehova aragera imitima+.
3 Kuri Yehova, gushishikara ubugororotsi n’urubanza ni vyo bishimwa kuruta ikimazi+.
4 Amaso yibona be n’umutima ugayana+, itara ry’ababisha, ivyo ni igicumuro+.
5 Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho+, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene+.
6 Kuronka itunga biciye ku rurimi rw’ibinyoma ni impemu zitwarwa n’umuyaga+, ku barondera urupfu+.
7 Ubunyazi bw’ababisha buzobaburuta+, kuko banse gushitsa ubutungane+.
8 Umuntu, mbere uw’ahandi, arahetaraye mu nzira yiwe+; ariko uwutyoroye aragororotse mu gikorwa ciwe+.
9 Umuntu yopfuma aba ku mfuruka y’igisenge+ hako abana n’umugore w’amahane, naho hoba ari mu nzu imwe+.
10 Umutima w’umubisha uhahamira ikibi+; mugenziwe nta butoni azogirirwa mu maso yiwe+.
11 Iyo umushinyaguzi aciwe amande, umuntu atazi utuntu n’utundi aracika inkerebutsi+; kandi iyo umuntu ahaye ugutahura kwimbitse inkerebutsi, iraronka ubumenyi+.
12 Wa Mugororotsi aritegereza inzu y’umubisha+, agatembagaza ababisha kugira babone ivyago+.
13 Nayo uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi+, na we nyene azohamagara ntiyishurwe+.
14 Ingabirano itanzwe mu mpisho ihwamika ishavu+, igiturire co mu gikiriza na co kigacuvya+ ubushangashirwe bukomeye.
15 Ni umunezero ku mugororotsi gushitsa ubutungane+, mugabo hari ikintu giteye ubwoba kirindiriye abaza barakora ibibabaza+.
16 Nayo umuntu yangara agata inzira y’ugutahura kwimbitse+ azoruhukira mw’ishengero rya barya ata co bashoboye mu rupfu+.
17 Uwukunda ukuryoherwa azoba mu bukene+; uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka ubutunzi+.
18 Umubisha abera incungu umugororotsi+; kandi uwuhemuka afata ikibanza c’abagororotse+.
19 Umuntu yopfuma aba mu gihugu c’agahinga hako abana n’umugore w’amahane, hariko n’umwikomo+.
20 Itunga ryo kwipfuza be n’amavuta biri mu nzu y’umuntu w’inkerebutsi+, ariko umuntu w’ikijuju azobirotsa+.
21 Uwukurikirana ubugororotsi+ be n’ubuntu bwuzuye urukundo azoronka ubuzima, ubugororotsi n’ubuninahazwa+.
22 Umuntu w’inkerebutsi yaruriye igisagara c’abanyenkomezi, kugira amanure inkomezi z’umwizero waco+.
23 Uwugumya akanwa kiwe n’ururimi rwiwe aba arinze ubuzima bwiwe amarushwa+.
24 Umwirasi nyawitimbere, uwishima: ni ryo zina ry’uwukorana ukwita imbere kw’ubusazi+.
25 Umunoho w’ikinebwe uzocica, kuko amaboko yaco yanse gukora+.
26 Kiranohoka bukarinda bwira, ariko umugororotsi aratanga ntagire ico yimana+.
27 Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi+. Hari akantu iyo umuntu akizanye kiri kumwe n’ubushirasoni+!
28 Icabona kibesha kizohwera+, mugabo umuntu yumviriza azovuga mbere ibihe bidahera+.
29 Umuntu w’umubisha yiyambuye udusoni ku maso+, mugabo uwugororotse ni we azoshimangira inzira ziwe+.
30 Nta bukerebutsi, nta gutahura, nta mpanuro, mu kurwanya Yehova+.
31 Ifarasi ni ikintu categuriwe umusi w’urugamba+, mugabo ubukiriro ni ubwa Yehova+.