Imigani 21:1-31

21  Umutima w’umwami ni nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+. Aho bimuhimbaye hose ni ho awuhindukiriza+.  Inzira yose y’umuntu iragororotse mu maso yiwe+, mugabo Yehova aragera imitima+.  Kuri Yehova, gushishikara ubugororotsi n’urubanza ni vyo bishimwa kuruta ikimazi+.  Amaso yibona be n’umutima ugayana+, itara ry’ababisha, ivyo ni igicumuro+.  Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho+, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene+.  Kuronka itunga biciye ku rurimi rw’ibinyoma ni impemu zitwarwa n’umuyaga+, ku barondera urupfu+.  Ubunyazi bw’ababisha buzobaburuta+, kuko banse gushitsa ubutungane+.  Umuntu, mbere uw’ahandi, arahetaraye mu nzira yiwe+; ariko uwutyoroye aragororotse mu gikorwa ciwe+.  Umuntu yopfuma aba ku mfuruka y’igisenge+ hako abana n’umugore w’amahane, naho hoba ari mu nzu imwe+. 10  Umutima w’umubisha uhahamira ikibi+; mugenziwe nta butoni azogirirwa mu maso yiwe+. 11  Iyo umushinyaguzi aciwe amande, umuntu atazi utuntu n’utundi aracika inkerebutsi+; kandi iyo umuntu ahaye ugutahura kwimbitse inkerebutsi, iraronka ubumenyi+. 12  Wa Mugororotsi aritegereza inzu y’umubisha+, agatembagaza ababisha kugira babone ivyago+. 13  Nayo uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi+, na we nyene azohamagara ntiyishurwe+. 14  Ingabirano itanzwe mu mpisho ihwamika ishavu+, igiturire co mu gikiriza na co kigacuvya+ ubushangashirwe bukomeye. 15  Ni umunezero ku mugororotsi gushitsa ubutungane+, mugabo hari ikintu giteye ubwoba kirindiriye abaza barakora ibibabaza+. 16  Nayo umuntu yangara agata inzira y’ugutahura kwimbitse+ azoruhukira mw’ishengero rya barya ata co bashoboye mu rupfu+. 17  Uwukunda ukuryoherwa azoba mu bukene+; uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka ubutunzi+. 18  Umubisha abera incungu umugororotsi+; kandi uwuhemuka afata ikibanza c’abagororotse+. 19  Umuntu yopfuma aba mu gihugu c’agahinga hako abana n’umugore w’amahane, hariko n’umwikomo+. 20  Itunga ryo kwipfuza be n’amavuta biri mu nzu y’umuntu w’inkerebutsi+, ariko umuntu w’ikijuju azobirotsa+. 21  Uwukurikirana ubugororotsi+ be n’ubuntu bwuzuye urukundo azoronka ubuzima, ubugororotsi n’ubuninahazwa+. 22  Umuntu w’inkerebutsi yaruriye igisagara c’abanyenkomezi, kugira amanure inkomezi z’umwizero waco+. 23  Uwugumya akanwa kiwe n’ururimi rwiwe aba arinze ubuzima bwiwe amarushwa+. 24  Umwirasi nyawitimbere, uwishima: ni ryo zina ry’uwukorana ukwita imbere kw’ubusazi+. 25  Umunoho w’ikinebwe uzocica, kuko amaboko yaco yanse gukora+. 26  Kiranohoka bukarinda bwira, ariko umugororotsi aratanga ntagire ico yimana+. 27  Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi+. Hari akantu iyo umuntu akizanye kiri kumwe n’ubushirasoni+! 28  Icabona kibesha kizohwera+, mugabo umuntu yumviriza azovuga mbere ibihe bidahera+. 29  Umuntu w’umubisha yiyambuye udusoni ku maso+, mugabo uwugororotse ni we azoshimangira inzira ziwe+. 30  Nta bukerebutsi, nta gutahura, nta mpanuro, mu kurwanya Yehova+. 31  Ifarasi ni ikintu categuriwe umusi w’urugamba+, mugabo ubukiriro ni ubwa Yehova+.

Utujambo tw'epfo