Imigani 20:1-30

20  Umuvinyu ni umushinyaguzi+, inzoga iboreza irasebagirika+, kandi uwuzimizwa na yo wese si inkerebutsi+.  Uguca ivutu kw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+. Uwikwegera uburake bwiwe aba ariko yicumurako+.  Ni ubuninahazwa ku muntu kureka ibihari+, mugabo umuntu wese w’igipfu avyisukamwo+.  Kubera urushana, ikinebwe ntikizorima+; kizosegerereza mu gihe c’ishwabura, mugabo nta kintu kizoboneka+.  Inama mu mutima w’umuntu ni nk’amazi ari kure epfo+, mugabo umuntu ari n’ugutahura arayivoma+.  Abantu indiri bazotangaza umwe wese ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+, mugabo umuntu w’umwizigirwa ni nde yomuronka+?  Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe+. Hahiriwe abana biwe mu nyuma ziwe+.  Umwami aricara ku ntebe y’imanza+, agashwiragirisha amaso yiwe ububi bwose+.  Ni nde yovuga ati: “Naratyoroye umutima wanje+; nsigaye nera ku gicumuro canje+”? 10  Ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima be n’ubwoko bubiri bw’ingero za efa+, emwe, vyose hamwe ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+. 11  Mbere biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse+. 12  Ugutwi kwumva be n’ijisho ribona, Yehova ubwiwe ni we yabikoze vyompi+. 13  Ntukunde itiro, woye kuja mu bworo+. Kanura, uhage umukate+. 14  “Ni kibi, kibi!” ni ko umuguzi avuga, akigira+. Maze agaca yigamba+. 15  Hariho inzahabu, hakaba n’umurengera w’amabuye y’agaciro yitwa korali; mugabo iminwa y’ubumenyi ni ivyombo vy’agaciro+. 16  Twara impuzu y’umuntu, nimba yishinze uw’ahandi+; mu gihe na ho ari ibijanye n’umugore w’umunyamahangakazi, fata ingwati kwa nya muntu+. 17  Umukate ubonetse biciye ku kinyoma uraryohera umuntu+, mugabo mu nyuma akanwa kiwe kazokwuzuzwa urucekeri+. 18  Biciye ku mpanuro, imigambi irashimangirwa+, biciye ku buyobozi bw’ubuhanga na ho urwane intambara yawe+. 19  Uwugendagenda arondera kubeshera abandi ahishura ikiyago c’akabanga+; kandi ntukagiranire imigenderanire n’uwukwegakwegwa n’iminwa yiwe+. 20  Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+. 21  Intoranwa ibanza kuronkwa biciye ku munoho+, mugabo kazoza kayo ntikazohezagirwa+. 22  Ntuvuge ngo: “Nzokwishura umuntu ikibi+!” Niwizigire Yehova+, na we azogukiza+. 23  Ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, kandi umunzane wiba si mwiza+. 24  Intambuko z’umuntu w’umugabo ziva kuri Yehova+. Nayo umuntu yakuwe mw’ivu, yotegera ate inzira yiwe+? 25  Ni umutego iyo umuntu yakuwe mw’ivu yihutiye gusemerera ngo: “Ni ceranda+!”, maze inyuma y’indagano+ akagomba gusuzuma ibintu+. 26  Umwami w’inkerebutsi ashwiragiza ababisha+, kandi abazungurukirizako ikurudumu+. 27  Impemu+ z’umuntu yakuwe mw’ivu ni itara rya Yehova, rigasuzuma ryitonze mu bihimba vyose vy’ibwina mu nda+. 28  Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, ivyo birazigama umwami+; kandi ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo ashigikiza intebe yiwe y’ubwami+. 29  Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo+, kandi ubwiza bwakaka bw’abatama ni imvi ku mutwe wabo+. 30  Ibisebe bisesereza ni vyo binyukura ikibi ngo kihave+; inkoni na zo, zinyukura ibihimba vy’ibwina mu nda+.

Utujambo tw'epfo