Imigani 20:1-30
20 Umuvinyu ni umushinyaguzi+, inzoga iboreza irasebagirika+, kandi uwuzimizwa na yo wese si inkerebutsi+.
2 Uguca ivutu kw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+. Uwikwegera uburake bwiwe aba ariko yicumurako+.
3 Ni ubuninahazwa ku muntu kureka ibihari+, mugabo umuntu wese w’igipfu avyisukamwo+.
4 Kubera urushana, ikinebwe ntikizorima+; kizosegerereza mu gihe c’ishwabura, mugabo nta kintu kizoboneka+.
5 Inama mu mutima w’umuntu ni nk’amazi ari kure epfo+, mugabo umuntu ari n’ugutahura arayivoma+.
6 Abantu indiri bazotangaza umwe wese ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+, mugabo umuntu w’umwizigirwa ni nde yomuronka+?
7 Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe+. Hahiriwe abana biwe mu nyuma ziwe+.
8 Umwami aricara ku ntebe y’imanza+, agashwiragirisha amaso yiwe ububi bwose+.
9 Ni nde yovuga ati: “Naratyoroye umutima wanje+; nsigaye nera ku gicumuro canje+”?
10 Ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima be n’ubwoko bubiri bw’ingero za efa+, emwe, vyose hamwe ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+.
11 Mbere biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse+.
12 Ugutwi kwumva be n’ijisho ribona, Yehova ubwiwe ni we yabikoze vyompi+.
13 Ntukunde itiro, woye kuja mu bworo+. Kanura, uhage umukate+.
14 “Ni kibi, kibi!” ni ko umuguzi avuga, akigira+. Maze agaca yigamba+.
15 Hariho inzahabu, hakaba n’umurengera w’amabuye y’agaciro yitwa korali; mugabo iminwa y’ubumenyi ni ivyombo vy’agaciro+.
16 Twara impuzu y’umuntu, nimba yishinze uw’ahandi+; mu gihe na ho ari ibijanye n’umugore w’umunyamahangakazi, fata ingwati kwa nya muntu+.
17 Umukate ubonetse biciye ku kinyoma uraryohera umuntu+, mugabo mu nyuma akanwa kiwe kazokwuzuzwa urucekeri+.
18 Biciye ku mpanuro, imigambi irashimangirwa+, biciye ku buyobozi bw’ubuhanga na ho urwane intambara yawe+.
19 Uwugendagenda arondera kubeshera abandi ahishura ikiyago c’akabanga+; kandi ntukagiranire imigenderanire n’uwukwegakwegwa n’iminwa yiwe+.
20 Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+.
21 Intoranwa ibanza kuronkwa biciye ku munoho+, mugabo kazoza kayo ntikazohezagirwa+.
22 Ntuvuge ngo: “Nzokwishura umuntu ikibi+!” Niwizigire Yehova+, na we azogukiza+.
23 Ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, kandi umunzane wiba si mwiza+.
24 Intambuko z’umuntu w’umugabo ziva kuri Yehova+. Nayo umuntu yakuwe mw’ivu, yotegera ate inzira yiwe+?
25 Ni umutego iyo umuntu yakuwe mw’ivu yihutiye gusemerera ngo: “Ni ceranda+!”, maze inyuma y’indagano+ akagomba gusuzuma ibintu+.
26 Umwami w’inkerebutsi ashwiragiza ababisha+, kandi abazungurukirizako ikurudumu+.
27 Impemu+ z’umuntu yakuwe mw’ivu ni itara rya Yehova, rigasuzuma ryitonze mu bihimba vyose vy’ibwina mu nda+.
28 Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, ivyo birazigama umwami+; kandi ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo ashigikiza intebe yiwe y’ubwami+.
29 Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo+, kandi ubwiza bwakaka bw’abatama ni imvi ku mutwe wabo+.
30 Ibisebe bisesereza ni vyo binyukura ikibi ngo kihave+; inkoni na zo, zinyukura ibihimba vy’ibwina mu nda+.