Imigani 2:1-22

2  Mwananje, niwakîra amajambo yanje+ kandi ukabika muri ntibate amabwirizwa yanje iruhande yawe+,  kugira utege ugutwi kwawe ubukerebutsi+, ngo ushire umutima wawe ku gutahura+;  vyongeye, niwahamagara ugutegera+ kandi ugashira ijwi hejuru urondera ugutahura+,  niwaguma ubirondera nk’uwurondera ifeza+, kandi ukaguma ubirondera nk’amatunga yanyegejwe+,  ni ho uzotahura ugutinya+ Yehova, kandi uzoronka ukumenya Imana+.  Kuko Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi+; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura+.  Kandi abagororotse azobabikira muri ntibate ubukerebutsi ngirakamaro+; ni inkinzo ku bagendera mu gutungana*+,  mu kwubahiriza iminyuro y’urubanza+, kandi azorinda inzira y’intahemuka ziwe+.  Aho ni ho uzotahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza+. 10  Ubukerebutsi nibwinjira mu mutima wawe+ n’ubumenyi bukaguhimbara+, 11  ubushobozi bwo kwiyumvira buzoguma bugucungereye+, ugutahura kuzokuzigama+, 12  ngo bikurokore uve mu nzira mbi+, bigukize umuntu avuga ibintu bigoramye+, 13  bigukize barya bava mu minyuro y’ukugororoka kugira ngo bagendere mu nzira z’umwiza+, 14  bigukize barya banezerwa n’ugukora inabi+, bagirira akanyamuneza ibintu bigoramye vy’ububi+; 15  barya usanga iminyuro yabo ihetaraye kandi b’abanyaruyeri mu ngendo yabo+; 16  ngo bigukize umugore w’igihumbu*, umugore w’umunyamahangakazi+ yagize amajambo yiwe ayasosa+, 17  umwe areka umugenzi somambike wo mu buto bwiwe+ kandi yibagiye isezerano ry’Imana yiwe+. 18  Kuko inzu yiwe inyika ija epfo mu rupfu, imihora yiwe na yo epfo kuri barya ata co bashoboye mu rupfu+. 19  Nta n’umwe mu baryamana na we azogaruka, eka mbere ntibazosubira mu minyuro y’abazima+. 20  Intumbero ni uko wogendera mu nzira y’abeza+ be n’uko wogumya iminyuro y’abagororotsi+. 21  Kuko abagororotse ari bo bazokwibera mw’isi+, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo+. 22  Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi+; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “umugore w’ahandi.”