Imigani 19:1-29

19  Ntahonikora wese agendera mu gutungana kwiwe aruta+ uwuhetaraye mu minwa yiwe, be n’umuntu w’ikijuju+.  Vyongeye, si vyiza ko umuntu atagira ubumenyi+, kandi uwihuta n’ibirenge vyiwe aracumura+.  Ubupfu bw’umuntu yakuwe mw’ivu ni bwo bugoramika inzira yiwe+, hanyuma umutima wiwe ugashangashirirwa Yehova+.  Ubutunzi ni bwo bwongereza abagenzi benshi+, mugabo umuntu mutoyi aratandukanywa mbere n’umugenzi wiwe+.  Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+, kandi uwusuka ibinyoma ntazokira+.  Abatakambira* umunyacubahiro ni benshi+, kandi umuntu wese usanga abera umugenzi umuntu atanga ingabirano+.  Bene wabo na ntahonikora baramwanse bose+. Ese ukuntu abagenzi biwe bwite bobo barushirije kumuca kure+! Arabakurikira ari n’ivyo avuga; yamara ntabo+.  Uwironsa umutima w’ubukerebutsi+ aba akunda ubuzima bwiwe. Uwurinda ugutahura azoronka ivyiza+.  Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+, kandi uwusuka ibinyoma azohwera+. 10  Ibihinda ntibibereye ku muntu w’ikijuju+. Nkanswe umusuku kuganza abaganwa+! 11  Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe+; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we+. 12  Ubushangashirwe bw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+, mugabo ubutoni bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi+. 13  Umwana w’ikijuju ni amarushwa kuri se+, kandi amahane y’umugore ni nk’igisenge kiva gituma umuntu yomoka+. 14  Intoranwa iva kuri ba se b’abantu ni inzu be n’ubutunzi+, mugabo umugore w’ubwenge ava kuri Yehova+. 15  Ubunebwe butera itiro rirerire+, kandi umuntu w’ubute arasonza+. 16  Uwugumya ibwirizwa aba agumije ubuzima bwiwe+; uwusuzugura inzira ziwe azokwicwa+. 17  Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+, kandi ivyo akoze azobimwishura+. 18  Hana umwana wawe hakiriho icizigiro+; kandi ntiwipfuze kumwica+. 19  Umuntu w’ubushangashirwe bwinshi azokwikorera amande+; kuko hamwe womurokora, uzoguma rero ubigira incuro n’izindi+. 20  Umviriza impanuro kandi wemere indero+, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe+. 21  Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni myinshi+, mugabo impanuro ya Yehova ni yo izorama+. 22  Ikintu co kwipfuzwa mu muntu yakuwe mw’ivu ni ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+; kandi ntahonikora aruta umuntu w’umubeshi+. 23  Ugutinya Yehova kuganisha ku buzima+, kandi umuntu azorara ahaze+; umuntu ntazogenderwa n’ikibi+. 24  Ikinebwe kizika ukuboko mu cibo c’inzimano+; ntigishobora no kukugarukana ku munwa waco+. 25  Ukwiye gukubita umushinyaguzi+, kugira ngo umuntu atazi utuntu n’utundi acike umunyabwenge+; kandi umuntu azi ubwenge akwiye gukangīrwa, kugira ngo ategere ubumenyi+. 26  Uwufata nabi se kandi akirukana nyina+ ni umwana akora ivy’akamaramaza n’ivy’agatetereza+. 27  Mwananje, ukareka kwumviriza indero bizokuviramwo kuzimira uve ku majambo y’ubumenyi+. 28  Icabona c’imburakimazi gitwengera mw’ijigo ubutungane+, kandi akanwa k’ababisha kamira miyonzwa ibintu bibabaza+. 29  Imanza zashimangiwe ku bw’abashinyaguzi+, inkoni na zo ku bw’umugongo w’ibijuju+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “Aborosha mu maso h’[umunyacubahiro].”