Imigani 18:1-24
18 Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi+; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose+.
2 Umuntu wese w’ikijuju ntahimbarwa n’ugutahura+, atari uko umutima wiwe wokwipfukura+.
3 Iyo umubisha yinjiye, agakengerwe na ko nyene gategerezwa kwinjira+; kandi kumwe n’agateterwe+, hari iceyi.
4 Amajambo y’akanwa k’umuntu ni amazi ari kure epfo+. Iriba ry’ubukerebutsi ni uruzi rw’isumo rududubiza+.
5 Kugirira nkunzi umubisha si vyiza+, habe n’ukwigiza ku ruhande umugororotsi mu rubanza+.
6 Iminwa y’ikijuju yinjira mu mitongano+, kandi akanwa kaco gahamagara inkoni+.
7 Akanwa k’ikijuju ni ko gatikizo kaco+, kandi iminwa yaco ibera umutego ubuzima bwaco+.
8 Amajambo y’umubesheranyi ameze nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho+, ibimanuka mu bihimba vy’ibwina mu nda+.
9 Kandi, uwerekana ko ari umunyabute mu gikorwa ciwe+, ni mwene wabo n’uwutera agatikizo+.
10 Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa+.
11 Ibintu vy’agaciro vy’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye+, kandi mu vyiyumviro vyiwe, bimeze nk’uruhome rukingira+.
12 Imbere y’ugusenyuka, umutima w’umuntu urishira hejuru+; kandi imbere y’ubuninahazwa, haba uguca bugufi+.
13 Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva+, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe+.
14 Umutima w’umuntu urashobora kwihanganira indwara yiwe+; mugabo umutima ukubititse, ni nde ashobora kuwihanganira+?
15 Umutima w’umuntu azi ubwenge wironsa ubumenyi+, kandi ugutwi kw’abantu b’inkerebutsi kurondera ubumenyi+.
16 Ingabirano y’umuntu izomutābururira inzira+, kandi izomuyobora imushikane n’imbere y’abantu bahambaye+.
17 Uwa mbere mu kuvuga mu rubanza rwiwe aba umugororotsi+; mugenziwe araza, akamuserangura koko+.
18 Ubupfindo buhwamika amahane+, kandi buratatura n’abanyenkomezi+.
19 Umuvukanyi agabitanijweko aruta igisagara gikomeye+; kandi hariho amahane ameze nk’igihindizo c’umunara wo kubamwo+.
20 Inda y’umuntu izohaga ivyamwa vy’akanwa kiwe+; azohaga mbere umwimbu w’iminwa yiwe+.
21 Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi+, kandi uwurukunda azorya ivyamwa vyarwo+.
22 Hari uwaronse umugore mwiza+? Yaronse ikintu ciza+, kandi aronka ubutoni bwa Yehova+.
23 Ntahonikora avuga yinginga+, mugabo umutunzi yishurana ugukara+.
24 Hari abagenzi baguma barondera kumenagurana+, mugabo hari umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana+.