Imigani 18:1-24

18  Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi+; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose+.  Umuntu wese w’ikijuju ntahimbarwa n’ugutahura+, atari uko umutima wiwe wokwipfukura+.  Iyo umubisha yinjiye, agakengerwe na ko nyene gategerezwa kwinjira+; kandi kumwe n’agateterwe+, hari iceyi.  Amajambo y’akanwa k’umuntu ni amazi ari kure epfo+. Iriba ry’ubukerebutsi ni uruzi rw’isumo rududubiza+.  Kugirira nkunzi umubisha si vyiza+, habe n’ukwigiza ku ruhande umugororotsi mu rubanza+.  Iminwa y’ikijuju yinjira mu mitongano+, kandi akanwa kaco gahamagara inkoni+.  Akanwa k’ikijuju ni ko gatikizo kaco+, kandi iminwa yaco ibera umutego ubuzima bwaco+.  Amajambo y’umubesheranyi ameze nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho+, ibimanuka mu bihimba vy’ibwina mu nda+.  Kandi, uwerekana ko ari umunyabute mu gikorwa ciwe+, ni mwene wabo n’uwutera agatikizo+. 10  Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa+. 11  Ibintu vy’agaciro vy’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye+, kandi mu vyiyumviro vyiwe, bimeze nk’uruhome rukingira+. 12  Imbere y’ugusenyuka, umutima w’umuntu urishira hejuru+; kandi imbere y’ubuninahazwa, haba uguca bugufi+. 13  Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva+, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe+. 14  Umutima w’umuntu urashobora kwihanganira indwara yiwe+; mugabo umutima ukubititse, ni nde ashobora kuwihanganira+? 15  Umutima w’umuntu azi ubwenge wironsa ubumenyi+, kandi ugutwi kw’abantu b’inkerebutsi kurondera ubumenyi+. 16  Ingabirano y’umuntu izomutābururira inzira+, kandi izomuyobora imushikane n’imbere y’abantu bahambaye+. 17  Uwa mbere mu kuvuga mu rubanza rwiwe aba umugororotsi+; mugenziwe araza, akamuserangura koko+. 18  Ubupfindo buhwamika amahane+, kandi buratatura n’abanyenkomezi+. 19  Umuvukanyi agabitanijweko aruta igisagara gikomeye+; kandi hariho amahane ameze nk’igihindizo c’umunara wo kubamwo+. 20  Inda y’umuntu izohaga ivyamwa vy’akanwa kiwe+; azohaga mbere umwimbu w’iminwa yiwe+. 21  Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi+, kandi uwurukunda azorya ivyamwa vyarwo+. 22  Hari uwaronse umugore mwiza+? Yaronse ikintu ciza+, kandi aronka ubutoni bwa Yehova+. 23  Ntahonikora avuga yinginga+, mugabo umutunzi yishurana ugukara+. 24  Hari abagenzi baguma barondera kumenagurana+, mugabo hari umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana+.

Utujambo tw'epfo