Imigani 17:1-28
17 Igipande c’umukate cumye kiri kumwe n’impore+, kiruta inzu yuzuye ibimazi vy’imitongano+.
2 Umusuku yerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse azoganza umwana akora ivy’akamaramaza+, kandi hagati mu bavukana azoronka umuturi w’intoranwa+.
3 Inkono y’ugutyorora igenewe ifeza, itanure na yo igenewe inzahabu+; mugabo Yehova ni we musuzumyi w’imitima+.
4 Inkozi y’ikibi yumviriza umunwa ubabaza+. Umuhendanyi atega ugutwi ururimi rutera amarushwa+.
5 Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+.
6 Urugori rw’abatama ni abuzukuru+, kandi ubwiza bw’abana ni ba se+.
7 Ku muntu wese w’imburabwenge, umunwa ugororotse ntubereye+. Nkanswe umunwa w’ibinyoma ku munyacubahiro+!
8 Ingabirano ni ibuye rikwega ubutoni mu maso ya nyeneyo ahambaye+. Iyo ahindukirira hose araroranirwa+.
9 Uwupfuka ikigabitanyo aba arondera urukundo+, kandi uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe+.
10 Uguhambara kurashika kure mu muntu ategera+, kuruta ugukubita ikijuju incuro ijana+.
11 Ubugarariji gusa ni bwo umuntu mubi aguma arondera+, kandi intumwa irungikwa kuri we ni ruburakigongwe+.
12 Umuntu yopfuma ahura n’idubu yabuze abana bayo+ hako ahura n’ikijuju mu bupfu bwaco+.
13 Nayo uwo wese yishura iciza ikibi+, ikibi ntikizova ku nzu yiwe+.
14 Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi+; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have+.
15 Uwo wese yita umubisha umugororotsi+ be n’uwo wese yita umugororotsi umubisha+, emwe, abo bompi ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+.
16 Kubera iki mu kuboko kw’ikijuju hari ikiguzi co kwironsa ubukerebutsi+, kandi ata mutima kigira+?
17 Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa+.
18 Umuntu atagira umutima ahāna ukuboko n’uwundi+, akishinga rwose umuntu imbere ya mugenziwe+.
19 Uwo wese akunda ikigabitanyo aba akunda intambara+. Uwo wese aduza hejuru urwinjiriro rwiwe aba arondera gusenyuka+.
20 Uw’umutima uhetaraye ntazoronka ivyiza+, kandi uw’ururimi mahindagu azogwa mu vyago+.
21 Uwo wese avyaye umwana w’ikijuju, bimubera intuntu+; kandi se w’umwana w’imburabwenge ntanezerwa+.
22 Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra+, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa+.
23 Umubisha atora igiturire agikuye mu gikiriza+, kugira agoreke iminyuro y’urubanza+.
24 Ubukerebutsi buri imbere yo mu maso h’umuntu azi ubwenge+, mugabo amaso y’ikijuju ari ku mpera y’isi+.
25 Umwana w’ikijuju ni umwikomo kuri se+ be n’umururazi kuri nyina yamwibarutse+.
26 Ikigeretseko, guca amande umugororotsi si vyiza+. Gukubita abanyacubahiro birahushanye n’ibigororotse+.
27 Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi+, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye+.
28 Mbere n’igipfu, kigumye gicereje, kibonwa nk’inkerebutsi+; uwo wese yugaye iminwa yiwe abonwa nk’uwutegera.