Imigani 17:1-28

17  Igipande c’umukate cumye kiri kumwe n’impore+, kiruta inzu yuzuye ibimazi vy’imitongano+.  Umusuku yerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse azoganza umwana akora ivy’akamaramaza+, kandi hagati mu bavukana azoronka umuturi w’intoranwa+.  Inkono y’ugutyorora igenewe ifeza, itanure na yo igenewe inzahabu+; mugabo Yehova ni we musuzumyi w’imitima+.  Inkozi y’ikibi yumviriza umunwa ubabaza+. Umuhendanyi atega ugutwi ururimi rutera amarushwa+.  Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+.  Urugori rw’abatama ni abuzukuru+, kandi ubwiza bw’abana ni ba se+.  Ku muntu wese w’imburabwenge, umunwa ugororotse ntubereye+. Nkanswe umunwa w’ibinyoma ku munyacubahiro+!  Ingabirano ni ibuye rikwega ubutoni mu maso ya nyeneyo ahambaye+. Iyo ahindukirira hose araroranirwa+.  Uwupfuka ikigabitanyo aba arondera urukundo+, kandi uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe+. 10  Uguhambara kurashika kure mu muntu ategera+, kuruta ugukubita ikijuju incuro ijana+. 11  Ubugarariji gusa ni bwo umuntu mubi aguma arondera+, kandi intumwa irungikwa kuri we ni ruburakigongwe+. 12  Umuntu yopfuma ahura n’idubu yabuze abana bayo+ hako ahura n’ikijuju mu bupfu bwaco+. 13  Nayo uwo wese yishura iciza ikibi+, ikibi ntikizova ku nzu yiwe+. 14  Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi+; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have+. 15  Uwo wese yita umubisha umugororotsi+ be n’uwo wese yita umugororotsi umubisha+, emwe, abo bompi ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+. 16  Kubera iki mu kuboko kw’ikijuju hari ikiguzi co kwironsa ubukerebutsi+, kandi ata mutima kigira+? 17  Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa+. 18  Umuntu atagira umutima ahāna ukuboko n’uwundi+, akishinga rwose umuntu imbere ya mugenziwe+. 19  Uwo wese akunda ikigabitanyo aba akunda intambara+. Uwo wese aduza hejuru urwinjiriro rwiwe aba arondera gusenyuka+. 20  Uw’umutima uhetaraye ntazoronka ivyiza+, kandi uw’ururimi mahindagu azogwa mu vyago+. 21  Uwo wese avyaye umwana w’ikijuju, bimubera intuntu+; kandi se w’umwana w’imburabwenge ntanezerwa+. 22  Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra+, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa+. 23  Umubisha atora igiturire agikuye mu gikiriza+, kugira agoreke iminyuro y’urubanza+. 24  Ubukerebutsi buri imbere yo mu maso h’umuntu azi ubwenge+, mugabo amaso y’ikijuju ari ku mpera y’isi+. 25  Umwana w’ikijuju ni umwikomo kuri se+ be n’umururazi kuri nyina yamwibarutse+. 26  Ikigeretseko, guca amande umugororotsi si vyiza+. Gukubita abanyacubahiro birahushanye n’ibigororotse+. 27  Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi+, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye+. 28  Mbere n’igipfu, kigumye gicereje, kibonwa nk’inkerebutsi+; uwo wese yugaye iminwa yiwe abonwa nk’uwutegera.

Amakuru yiyongereye