Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 16:1-33

16  Intondeko z’umutima ni iz’umuntu yakuwe mw’ivu+, mugabo inyishu y’ururimi iva kuri Yehova+.  Inzira z’umuntu zose ziratyoroye mu maso yiwe+, mugabo Yehova aragera imitima+.  Nuragize ibikorwa vyawe Yehova ubwiwe+, imigambi yawe izoheza ibe iyishimangiwe+.  Vyose Yehova yabikoze ku bw’intumbero yiwe+, egome, mbere n’umubisha ku bw’umusi mubi+.  Uwishima mu mutima wese ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+. Ukuboko kwokwiyunga ku kundi, yamara umuntu ntazobura guhanwa+.  Biciye ku buntu bwuzuye urukundo no ku kuri ikosa rirahongerwa+, kandi mu gutinya Yehova umuntu arakevya ngo ntagwe mu bibi+.  Iyo Yehova ahimbawe n’inzira z’umuntu+, atuma mbere n’abansi biwe bibera amahoro na we+.  Duke turimwo ubugororotsi+ turuta umurengera w’ibintu utarimwo ubutungane+.  Umutima w’umuntu yakuwe mw’ivu woshobora kwiyumvira inzira yiwe+, mugabo Yehova ni we ayobora intambuko ziwe+. 10  Ingingo ihumetswe ikwiye kuba ku minwa y’umwami+; mu rubanza akanwa kiwe ntigakwiye kuba akatizigirwa+. 11  Ikigeresho be n’umunzane bitabesha ni ivya Yehova+; amabuye y’ugupimisha yose yo mw’isaho ni igikorwa ciwe+. 12  Gukora ububisha ni ikintu giteye ishishi ku bami+, kuko biciye ku bugororotsi ari ho intebe y’ubwami ishimangirwa+. 13  Iminwa y’ubugororotsi irahimbara umwami ahambaye+; kandi akunda uwuvuga ibigororotse+. 14  Ubushangashirwe bw’umwami busobanura intumwa z’urupfu+, mugabo umuntu w’inkerebutsi arabuhindukiza+. 15  Mu muco wo mu maso h’umwami hari ubuzima+, kandi ubutoni bwiwe ni nk’igicu c’imvura y’impeshi+. 16  Kuronka ubukerebutsi, ewe kuntu biruta inzahabu+! Kandi kuronka ugutegera ni ivyo guhitamwo kuruta ifeza+. 17  Inzira y’ikirari y’abagororotse ni ugukevya ngo ntibagwe mu bibi+. Uwuzigama inzira yiwe aba agumije ubuzima bwiwe+. 18  Ubwishime buza imbere yo gusenyuka+, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara+. 19  Kwiyorosha mu mutima kumwe n’abatekereza+, biruta kugabura isahu kumwe n’abinantaza+. 20  Uwerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse mu kintu, azoronka ivyiza+, kandi hahiriwe uwizigira Yehova+. 21  Umuntu w’inkerebutsi mu mutima azokwitwa uwutegera+, kandi uw’iminwa isosa arongereza ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa+. 22  Ugutahura kwimbitse ni iriba ry’ubuzima+ kuri benekwo; kandi indero y’ibipfu ni ubupfu+. 23  Umutima w’umuntu w’inkerebutsi utera akanwa kiwe kwerekana ugutahura kwimbitse+, kandi wongera ku minwa yiwe ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa+. 24  Amajambo ahimbaye ni ikimamara c’ubuki+, asosera umutima kandi agakiza amagufa+. 25  Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu+, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu+. 26  Icipfuzo c’umukozi akora agatama caramukoreye kiratama+, kubera ko akanwa kiwe kamuhase cane+. 27  Umuntu w’imburakimazi arimba ibibi+, kandi ku minwa yiwe ni nk’aho hari umuriro uturira+. 28  Umuntu w’imigambi y’uruyeri aguma yandurutsa amahane+, kandi umubesheranyi atandukanya abasanganywe+. 29  Umuntu w’ubukazi aryosharyosha mugenziwe+, kandi ntabura kumutera kuja mu nzira itari nziza+. 30  Akomaguza amaso ngo ategure imigambi y’uruyeri+. Afyondaniriza hamwe iminwa yiwe, akarangura koko umugambi wiwe w’uruyeri. 31  Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza+ iyo ruboneka mu nzira y’ubugororotsi+. 32  Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi+, kandi uwucungera umutima wiwe aruta uwufata igisagara+. 33  Ubupfindo butererwa mu gikondorero+, mugabo ingingo yose izanana kuri bwo iva kuri Yehova+.

Amakuru yiyongereye