Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 15:1-33

15  Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake+, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu+.  Ururimi rw’abantu b’inkerebutsi rukora ineza biciye ku bumenyi+, mugabo akanwa k’ibijuju kadudubiza ubupfu+.  Amaso ya Yehova ari ahantu hose+, akaguma areretse ababi n’abeza+.  Ugutekana kw’ururimi ni igiti c’ubuzima+, mugabo ubugorame muri rwo busobanura ukuvunika umutima+.  Umuntu w’igipfu wese, agaya indero ya se wiwe+, mugabo uwitaho igikangiro wese ni umunyabwenge+.  Mu nzu y’umugororotsi haba ikigega kibogaboga+, mugabo mu mwimbu w’umubisha haba ugukumīrwa+.  Iminwa y’umuntu w’inkerebutsi iguma ikwiragiza ubumenyi+, mugabo umutima w’ibijuju ntumeze ukwo+.  Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo isengesho ry’abagororotse riramuhimbara+.  Inzira y’umubisha ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo akunda uwukurikirana ubugororotsi+. 10  Indero ni mbi ku wuva mu munyuro+; uwanka igikangīro wese azopfa+. 11  Ukuzimu be n’ikibanza c’agatikizo+ biri imbere ya Yehova+. Hari akantu imitima y’abana b’abantu+! 12  Umushinyaguzi ntakunda uwumukangīra+. Ntazoja ku bantu b’inkerebutsi+. 13  Umutima unezerewe utuma mu maso hamera neza+, mugabo bivuye ku mubabaro wo mu mutima haba umushaha ukubititse+. 14  Umutima utegera urarondera ubumenyi+, mugabo akanwa k’ibijuju gahahamira ubupfu+. 15  Imisi yose y’umurushwa ni mibi+; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano+. 16  Duke mu gutinya Yehova+ turuta umurengera uri kumwe n’umuvurungano+. 17  Icibo c’imboga ahari urukundo+ kiruta ishūri yagabuririwe mu bwato ikadoha, iri kumwe n’urwanko+. 18  Umuntu ashangashiwe avyura amahane+, mugabo uwuteba gushavura atururuza imitongano+. 19  Inzira y’ikinebwe imeze nk’uruzitiro rw’ibihandambwa+, mugabo umunyuro w’abagororotse ni inzira iringanije+. 20  Umwana w’inkerebutsi ni we anezereza se+, mugabo umuntu w’ikijuju asuzugura nyina+. 21  Ubupfu ni umunezero ku wutagira umutima+, mugabo umuntu ari n’ugutahura agenda atumbereye imbere+. 22  Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga+, mugabo mu bajanama indiri haragira igishitsweko+. 23  Umuntu aranezererwa inyishu y’akanwa kiwe+, kandi ijambo rije ku gihe caryo, ewe kuntu ari ryiza+! 24  Ku wukorana ugutahura kwimbitse+, umunyuro w’ubuzima ugenda amaduga, kugira ngo akevye ntagwe mu kuzimu epfo+. 25  Inzu y’abinantaza Yehova azoyisambura+, mugabo azoshinga urubibe rw’umupfakazi+. 26  Imigambi y’umuntu mubi ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo amajambo ahimbaye aratyoroye+. 27  Uwunguka inyungu y’akarenganyo aba ariko akwegera inzu yiwe ugukumirwa+, mugabo uwanka ingabirano ni we azobandanya kubaho+. 28  Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure+, mugabo akanwa k’ababisha kadudubiza ibintu bibi+. 29  Yehova ari kure y’ababisha+, mugabo yumva isengesho ry’abagororotsi+. 30  Ukwakaka kw’amaso+ kunezereza umutima+; agakuru+ keza kadohesha amagufa+. 31  Ugutwi kwumviriza igikangiro+ c’ubuzima kwibera hagati mu bantu b’inkerebutsi+. 32  Uwuzibukira indero+ wese aba ahevye ubuzima bwiwe, mugabo uwumviriza igikangīro aba ariko yironsa umutima w’ubukerebutsi+. 33  Ugutinya Yehova ni indero igana ku bukerebutsi+, kandi imbere y’ubuninahazwa haba uguca bugufi+.

Amakuru yiyongereye