Imigani 14:1-35
14 Umugore w’inkerebutsi vy’ukuri yubaka inzu yiwe+, mugabo uw’igipfu arayisambura n’amaboko yiwe bwite+.
2 Uwugendera mu kugororoka kwiwe aratinya Yehova+, mugabo uwuhetaraye mu nzira ziwe aramusuzugura+.
3 Inkoni y’ubwibone iri mu kanwa k’igipfu+, mugabo iminwa y’abantu b’inkerebutsi izobarinda+.
4 Ahatagira inka ubwato bw’ibitungwa bugira isuku, mugabo ivyimburwa biragwira kubera ububasha bw’ishūri.
5 Icabona cizigirwa ntikizobesha+, mugabo icabona c’ikinyoma gisuka ibinyoma gusa+.
6 Umushinyaguzi yarondeye ubukerebutsi, yamara ntabwo; mugabo ku muntu azi ubwenge, ubumenyi ni ikintu coroshe+.
7 Va imbere y’umuntu w’ikijuju+, kuko utazogenda umenye iminwa y’ubumenyi+.
8 Ubukerebutsi bw’umunyabwenge ni ugutahura inzira yiwe+, mugabo ubupfu bw’ibijuju ni ubuhendanyi+.
9 Abatwengera mw’ijigo ukwagirwa n’ikosa ni ibipfu+, mugabo mu bagororotse hari ukwumvikana+.
10 Umutima w’umuntu urazi ukudundumirwa kwiwe+, kandi nta w’ahandi azokwisuka mu munezero wiwe.
11 Inzu y’ababisha izozimanganywa+, mugabo ihema ry’abagororotse rizosagarara+.
12 Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu+, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu+.
13 No mu gatwengo umutima ushobora kuba uri mu mubabaro+; kandi umunezero uherera mu ntuntu+.
14 Umuntu w’umutima utizerwa azohazwa n’ibiva ku nzira ziwe+, mugabo umuntu mwiza azohazwa n’ibiva ku vyo akora+.
15 Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose+, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe+.
16 Umuntu w’inkerebutsi aratinya kandi agakevya ngo ntagwe mu kibi+, mugabo ikijuju kiraraka kandi kikiyizigira+.
17 Uwunyaruka gushavura azokora ivy’ubupfu+, mugabo umuntu w’ubushobozi bwo kwiyumvira arankwa+.
18 Abantu batazi utuntu n’utundi ntibazobura kwigarurira ubupfu+, mugabo abanyabwenge bazokwambara ubumenyi nk’icambarwa co mu mutwe+.
19 Ababi bazobwirizwa kwunama imbere y’abeza+, n’ababisha buname ku marembo y’umugororotsi.
20 Umuntu ntahonikora arankwa mbere no kuri mugenziwe+, mugabo abagenzi b’umutunzi ni benshi+.
21 Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye+, mugabo hahiriwe uwugirira ubutoni abarushwa+.
22 Mbega abarementanya umugambi w’inabi ntibazoyerera+? Mugabo hari ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri ku bategura umugambi w’ineza+.
23 Ubwoko bwose bw’ubucumukure burazana akarusho+, mugabo ijambo ry’iminwa gusa riganisha ku bukene.
24 Urugori rw’abantu b’inkerebutsi ni ubutunzi bwabo; ubupfu bw’ibijuju ni ubupfu+.
25 Icabona c’ukuri kirarokora ubuzima bw’abantu+, mugabo icabona c’ubuhendanyi gisuka ibinyoma gusa+.
26 Mu gutinya Yehova hariyo umwizero ukomeye+, kandi abana biwe bazoronka ubuhungiro+.
27 Ugutinya Yehova ni iriba ry’ubuzima+, kugira ngo gukevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+.
28 Mu bantu indiri hari ugushaza kw’umwami+, mugabo iyo habuze abanyagihugu, umutegetsi mukuru aratemba+.
29 Uwuteba gushavura aba ari n’ugutahura kugwiriye+, mugabo uwutihangana aba ariko ashira hejuru ubupfu+.
30 Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama+, mugabo ishari ni ububore ku magufa+.
31 Uwugunga umuntu mutoyi aba asize iceyi Uwamuhinguye+, mugabo uwumuninahaza ni uwugirira ubutoni umworo+.
32 Umubisha azohenurwa kubera ububi bwiwe+, mugabo umugororotsi azoronkera ubuhungiro mu gutungana kwiwe+.
33 Mu mutima w’umuntu azi ubwenge ni ho ubukerebutsi bwibera+, kandi hagati mu bijuju buramenyekana.
34 Ubugororotsi ni bwo bushira hejuru ihanga+, mugabo igicumuro ni ikintu c’agaterasoni ku miryāngo y’amahanga+.
35 Umwami ahimbarwa n’umusavyi akorana ugutahura kwimbitse+, mugabo uburake bwiwe buza ku wukora ivy’akamaramaza+.