Imigani 14:1-35

14  Umugore w’inkerebutsi vy’ukuri yubaka inzu yiwe+, mugabo uw’igipfu arayisambura n’amaboko yiwe bwite+.  Uwugendera mu kugororoka kwiwe aratinya Yehova+, mugabo uwuhetaraye mu nzira ziwe aramusuzugura+.  Inkoni y’ubwibone iri mu kanwa k’igipfu+, mugabo iminwa y’abantu b’inkerebutsi izobarinda+.  Ahatagira inka ubwato bw’ibitungwa bugira isuku, mugabo ivyimburwa biragwira kubera ububasha bw’ishūri.  Icabona cizigirwa ntikizobesha+, mugabo icabona c’ikinyoma gisuka ibinyoma gusa+.  Umushinyaguzi yarondeye ubukerebutsi, yamara ntabwo; mugabo ku muntu azi ubwenge, ubumenyi ni ikintu coroshe+.  Va imbere y’umuntu w’ikijuju+, kuko utazogenda umenye iminwa y’ubumenyi+.  Ubukerebutsi bw’umunyabwenge ni ugutahura inzira yiwe+, mugabo ubupfu bw’ibijuju ni ubuhendanyi+.  Abatwengera mw’ijigo ukwagirwa n’ikosa ni ibipfu+, mugabo mu bagororotse hari ukwumvikana+. 10  Umutima w’umuntu urazi ukudundumirwa kwiwe+, kandi nta w’ahandi azokwisuka mu munezero wiwe. 11  Inzu y’ababisha izozimanganywa+, mugabo ihema ry’abagororotse rizosagarara+. 12  Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu+, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu+. 13  No mu gatwengo umutima ushobora kuba uri mu mubabaro+; kandi umunezero uherera mu ntuntu+. 14  Umuntu w’umutima utizerwa azohazwa n’ibiva ku nzira ziwe+, mugabo umuntu mwiza azohazwa n’ibiva ku vyo akora+. 15  Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose+, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe+. 16  Umuntu w’inkerebutsi aratinya kandi agakevya ngo ntagwe mu kibi+, mugabo ikijuju kiraraka kandi kikiyizigira+. 17  Uwunyaruka gushavura azokora ivy’ubupfu+, mugabo umuntu w’ubushobozi bwo kwiyumvira arankwa+. 18  Abantu batazi utuntu n’utundi ntibazobura kwigarurira ubupfu+, mugabo abanyabwenge bazokwambara ubumenyi nk’icambarwa co mu mutwe+. 19  Ababi bazobwirizwa kwunama imbere y’abeza+, n’ababisha buname ku marembo y’umugororotsi. 20  Umuntu ntahonikora arankwa mbere no kuri mugenziwe+, mugabo abagenzi b’umutunzi ni benshi+. 21  Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye+, mugabo hahiriwe uwugirira ubutoni abarushwa+. 22  Mbega abarementanya umugambi w’inabi ntibazoyerera+? Mugabo hari ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri ku bategura umugambi w’ineza+. 23  Ubwoko bwose bw’ubucumukure burazana akarusho+, mugabo ijambo ry’iminwa gusa riganisha ku bukene. 24  Urugori rw’abantu b’inkerebutsi ni ubutunzi bwabo; ubupfu bw’ibijuju ni ubupfu+. 25  Icabona c’ukuri kirarokora ubuzima bw’abantu+, mugabo icabona c’ubuhendanyi gisuka ibinyoma gusa+. 26  Mu gutinya Yehova hariyo umwizero ukomeye+, kandi abana biwe bazoronka ubuhungiro+. 27  Ugutinya Yehova ni iriba ry’ubuzima+, kugira ngo gukevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+. 28  Mu bantu indiri hari ugushaza kw’umwami+, mugabo iyo habuze abanyagihugu, umutegetsi mukuru aratemba+. 29  Uwuteba gushavura aba ari n’ugutahura kugwiriye+, mugabo uwutihangana aba ariko ashira hejuru ubupfu+. 30  Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama+, mugabo ishari ni ububore ku magufa+. 31  Uwugunga umuntu mutoyi aba asize iceyi Uwamuhinguye+, mugabo uwumuninahaza ni uwugirira ubutoni umworo+. 32  Umubisha azohenurwa kubera ububi bwiwe+, mugabo umugororotsi azoronkera ubuhungiro mu gutungana kwiwe+. 33  Mu mutima w’umuntu azi ubwenge ni ho ubukerebutsi bwibera+, kandi hagati mu bijuju buramenyekana. 34  Ubugororotsi ni bwo bushira hejuru ihanga+, mugabo igicumuro ni ikintu c’agaterasoni ku miryāngo y’amahanga+. 35  Umwami ahimbarwa n’umusavyi akorana ugutahura kwimbitse+, mugabo uburake bwiwe buza ku wukora ivy’akamaramaza+.

Amakuru yiyongereye