Imigani 13:1-25
13 Umwana aba inkerebutsi iyo hari indero ya se+, mugabo umushinyaguzi ntiyumva uguhambarirwa+.
2 Umuntu azorya ivyiza bivuye ku vyamwa vy’akanwa kiwe+, mugabo ico ibihemu vyipfuza ni ubukazi+.
3 Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe+. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo+.
4 Ikinebwe kiripfuza mugabo nta co gifise+. Ariko abanyamwete bazodoheshwa+.
5 Ijambo ry’ikinyoma ni ryo abagororotsi banka+, mugabo ababisha bo bakora ivy’akamaramaza bakikwegera agateterwe+.
6 Ubugororotsi buzigama umuntu ata nabi akora mu nzira yiwe+, mugabo ububisha ni bwo butembagaza umucumuzi+.
7 Hariho uwigira umutunzi yamara ata kintu namba afise+; hariho uwigira ntahonikora yamara afise ibintu vyinshi vy’agaciro.
8 Incungu y’ubuzima bw’umuntu ni ubutunzi bwiwe+, mugabo ntahonikora ntiyumvise uguhambarirwa+.
9 Umuco w’abagororotsi uzonezerwa+; mugabo itara ry’ababisha, emwe, rizozima+.
10 Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa+, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi+.
11 Ibintu vy’agaciro bivuye ku bitagira mvura bitera bigabanuka+, mugabo uwegeranya n’ukuboko ni we agira iyongerekana+.
12 Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima+, mugabo icipfujwe, iyo kije koko, kiba igiti c’ubuzima+.
13 Uwusuzuguye ijambo+, bazofata iwe ingwati y’uwufise umwenda; mugabo uwutinya ibwirizwa ni we azohabwa impembo+.
14 Itegeko ry’umuntu w’inkerebutsi ni isôko ry’ubuzima+, kugira ngo rikevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+.
15 Ugutahura kwimbitse kwiza gutanga ubutoni+, mugabo inzira y’ibihemu iragumye kandi ntiringaniye+.
16 Umunyabwenge wese azokorana ubumenyi+, mugabo ikijuju kizokwiragiza hose ubupfu+.
17 Intumwa mbi izogwa mu bibi+, ariko umutumwa w’umwizigirwa arakiza+.
18 Uwufata minenegwe indero aja mu bworo no mu gateterwe+, mugabo uwugumya igikangiro ni we aninahazwa+.
19 Icipfuzo iyo gishikijwe kiraryohera umutima+; ariko guca kure ikibi ni ikintu giteye ishishi ku bijuju+.
20 Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi+, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako+.
21 Abacumuzi ni bo icago gikurikirana+, mugabo abagororotsi ni bo iciza kironsa agahembo+.
22 Umuntu mwiza asigira intoranwa abana b’abana biwe, kandi ubutunzi bw’umucumuzi ni ikintu kibikiwe muri ntibate umugororotsi+.
23 Ubusize bwa ba ntahonikora butanga ibifungurwa umukimba+, mugabo hariho uwukurwaho kubera ata butungane buriho+.
24 Uwutangīra inkoni yiwe aba yanka umwana wiwe+, mugabo uwumukunda ni uwumurondeza indero+.
25 Umugororotsi ararya agahaga+, mugabo inda y’ababisha izoba iyigaragara+.