Imigani 13:1-25

13  Umwana aba inkerebutsi iyo hari indero ya se+, mugabo umushinyaguzi ntiyumva uguhambarirwa+.  Umuntu azorya ivyiza bivuye ku vyamwa vy’akanwa kiwe+, mugabo ico ibihemu vyipfuza ni ubukazi+.  Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe+. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo+.  Ikinebwe kiripfuza mugabo nta co gifise+. Ariko abanyamwete bazodoheshwa+.  Ijambo ry’ikinyoma ni ryo abagororotsi banka+, mugabo ababisha bo bakora ivy’akamaramaza bakikwegera agateterwe+.  Ubugororotsi buzigama umuntu ata nabi akora mu nzira yiwe+, mugabo ububisha ni bwo butembagaza umucumuzi+.  Hariho uwigira umutunzi yamara ata kintu namba afise+; hariho uwigira ntahonikora yamara afise ibintu vyinshi vy’agaciro.  Incungu y’ubuzima bw’umuntu ni ubutunzi bwiwe+, mugabo ntahonikora ntiyumvise uguhambarirwa+.  Umuco w’abagororotsi uzonezerwa+; mugabo itara ry’ababisha, emwe, rizozima+. 10  Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa+, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi+. 11  Ibintu vy’agaciro bivuye ku bitagira mvura bitera bigabanuka+, mugabo uwegeranya n’ukuboko ni we agira iyongerekana+. 12  Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima+, mugabo icipfujwe, iyo kije koko, kiba igiti c’ubuzima+. 13  Uwusuzuguye ijambo+, bazofata iwe ingwati y’uwufise umwenda; mugabo uwutinya ibwirizwa ni we azohabwa impembo+. 14  Itegeko ry’umuntu w’inkerebutsi ni isôko ry’ubuzima+, kugira ngo rikevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+. 15  Ugutahura kwimbitse kwiza gutanga ubutoni+, mugabo inzira y’ibihemu iragumye kandi ntiringaniye+. 16  Umunyabwenge wese azokorana ubumenyi+, mugabo ikijuju kizokwiragiza hose ubupfu+. 17  Intumwa mbi izogwa mu bibi+, ariko umutumwa w’umwizigirwa arakiza+. 18  Uwufata minenegwe indero aja mu bworo no mu gateterwe+, mugabo uwugumya igikangiro ni we aninahazwa+. 19  Icipfuzo iyo gishikijwe kiraryohera umutima+; ariko guca kure ikibi ni ikintu giteye ishishi ku bijuju+. 20  Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi+, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako+. 21  Abacumuzi ni bo icago gikurikirana+, mugabo abagororotsi ni bo iciza kironsa agahembo+. 22  Umuntu mwiza asigira intoranwa abana b’abana biwe, kandi ubutunzi bw’umucumuzi ni ikintu kibikiwe muri ntibate umugororotsi+. 23  Ubusize bwa ba ntahonikora butanga ibifungurwa umukimba+, mugabo hariho uwukurwaho kubera ata butungane buriho+. 24  Uwutangīra inkoni yiwe aba yanka umwana wiwe+, mugabo uwumukunda ni uwumurondeza indero+. 25  Umugororotsi ararya agahaga+, mugabo inda y’ababisha izoba iyigaragara+.

Utujambo tw'epfo