Imigani 12:1-28

12  Uwukunda indero aba akunda ubumenyi+, mugabo uwanka igikangiro ni imburabwenge+.  Umwiza arashimwa na Yehova+, mugabo umuntu w’ivyiyumviro vy’ububisha amwita umubisha+.  Nta muntu azoshimangirwa biciye ku bubisha+; mugabo imizi y’abagororotsi yoyo, ntizoterwa kudandabagirana+.  Umugore abishoboye ni urugori kuri inawe+, mugabo uwukora ivy’akamaramaza ni nk’ububore mu magufa ya inawe+.  Ivyiyumviro vy’abagororotsi ni ubutungane+; ukuyobora kw’ababisha ni ubuhendanyi+.  Amajambo y’ababisha ni ukubundira gusesa amaraso+, mugabo akanwa k’abagororotse ni ko kazobarokora+.  Ababisha baratembagazwa ntibabe bakiriho+, mugabo inzu y’abagororotsi izoguma ihagaze+.  Umuntu azoshemezwa kubera akanwa kiwe kiyubara+, mugabo uw’umutima ugoramanze azoba uwo gukengerwa+.  Uwubahwa buhoro mugabo akaba afise umusuku, aruta uwininahaza mugabo akaba akenye umukate+. 10  Umugororotsi aritaho ubuzima bw’igitungwa ciwe+, mugabo imbabazi z’ababisha ntizigira ikigongwe+. 11  Uwurima ubutaka bwiwe azohaga umukate+, mugabo uwukurikirana ibintu ata co bimaze ntagira umutima+. 12  Umubisha yipfuje icafashwe n’urusenga rw’ababi+; mugabo umuzi w’abagororotsi wowo uratanga icamwa+. 13  Umuntu mubi afatwa n’umutego w’ukugabitanya kw’iminwa+, mugabo umugororotsi arava mu marushwa+. 14  Umuntu arahaga ivyiza bivuye ku vyamwa vy’akanwa kiwe+, kandi ico amaboko y’umuntu akora kizomugarukako+. 15  Inzira y’igipfu iragororotse mu maso yaco bwite+, mugabo uwumviriza impanuro ni inkerebutsi+. 16  Igipfu ni co kimenyekanisha umwikomo waco kuri nya musi nyene+, mugabo umunyabwenge arapfuka agateterwe+. 17  Uwusuka ubwizigirwa avuga ibigororotse+, mugabo icabona c’ikinyoma kivuga ubuhendanyi+. 18  Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota+, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra+. 19  Umunwa w’ukuri+ ni wo uzoshimangirwa ibihe bidahera+, mugabo ururimi rw’ibinyoma ruzomara gusa akanya gato+. 20  Ubuhendanyi buri mu mutima w’abategura gukora ikibi+, ariko abaremesha amahoro bagira umunezero+. 21  Nta kibi kizoshikira umugororotsi+, mugabo ababisha ni bo batazobura kwuzuzwa ivyago+. 22  Iminwa y’ikinyoma ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, mugabo abakorana ubwizigirwa baramuhimbara+. 23  Umuntu w’umunyabwenge arahisha ubumenyi+, mugabo umutima w’ibijuju usemerera ubupfu+. 24  Ukuboko kw’abanyamwete ni kwo kuzoganza+, mugabo ukuboko kw’ubute kuzoba ukwo gukora ibikorwa vy’agahato+. 25  Amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira+, mugabo ijambo ryiza rirawunezereza+. 26  Umugororotsi agendura iragiriro ryiwe, mugabo inzira y’ababisha ibatera kuyerera+. 27  Ubute ntibukoma igikoko umuntu ahīga+, mugabo umuntu w’umunyamwete ni ubutunzi bw’agaciro bw’umuntu. 28  Mu munyuro w’ubugororotsi hari ubuzima+, kandi kugira urugendo mu kayira kabwo bisobanura ko ata rupfu+.

Utujambo tw'epfo