Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Imigani 10:1-32

10  Imigani ya Salomo+. Umwana w’inkerebutsi ni uwunezereza se+, ariko umwana w’ikijuju ni intuntu ya nyina+.  Amatunga y’ababisha nta co azomara+, ariko ubugororotsi ni bwo buzorokora umuntu mu rupfu+.  Yehova ntazoreka umugororotsi ngo asonze+, ariko ukwipfuza kw’ababisha azoguhindira kure+.  Uwukorana ukuboko kw’ubute azoba ntahonikora+, ariko ukuboko kw’umuntu w’umunyamwete kuzomutungisha+.  Umwana akorana ugutahura kwimbitse aregeranya mu ci; umwana akora ivy’akamaramaza asinzira ubutikoma mw’iyimbura+.  Imihezagiro igenewe umutwe w’umugororotsi+, ariko akanwa k’ababisha gapfuka ubukazi+.  Ukwibukwa kw’umugororotsi kuvamwo umuhezagiro+, ariko izina ry’ababisha rizobora+.  Umuntu w’inkerebutsi mu mutima yemera amabwirizwa+, ariko umuntu w’iminwa y’ubupfu azohonyangirwa hasi+.  Uwugendera mu gutungana azogenda mu mutekano+, ariko uwuhetarika inzira ziwe azokwimenyekanisha+. 10  Uwuvuna urugohe azotera umubabaro+, uw’iminwa y’ubupfu na we azohonyangirwa hasi+. 11  Akanwa k’umugororotsi ni isôko ry’ubuzima+, ariko akanwa k’ababisha gapfuka ubukazi+. 12  Urwanko ni rwo rwandurutsa amahane+, ariko urukundo rupfuka ibigabitanyo vyose+. 13  Ku minwa y’umuntu azi ubwenge ni ho ubukerebutsi bubarizwa+, ariko inkoni igenewe umugongo w’umuntu atagira umutima+. 14  Inkerebutsi ni barya babika ubumenyi muri ntibate+, ariko akanwa k’ibipfu kari hafi y’agatikizo+. 15  Ibintu vy’agaciro vy’umutunzi ni vyo gisagara ciwe gikomeye+. Agatikizo k’abantu batobato ni ubworo bwabo+. 16  Igikorwa c’umugororotsi kivamwo ubuzima+; umwimbu w’umubisha uvamwo igicumuro+. 17  Uwumira ku ndero ni umunyuro ujana mu buzima+, ariko uwuheba igikangiro atera kuyerera+. 18  Ahari uwupfuka urwanko haba iminwa y’ibinyoma+, kandi uwuzana inkuru mbi ni ikijuju+. 19  Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya+, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge+. 20  Ururimi rw’umugororotsi ni ifeza y’indobanurwa+; umutima w’umubisha ufise akamaro gake+. 21  Iminwa y’umugororotsi iguma iragira benshi+, ariko ibipfu biguma vyicwa n’ukutagira umutima+. 22  Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha+, kandi nta mubabaro awongerako+. 23  Ku kijuju, gukora ivy’ubushirasoni* ni nk’ibikino+, ariko ubukerebutsi ni ubw’umuntu afise ugutahura+. 24  Ikintu c’agacavutu ku mubisha, emwe, ico ni co kizomuzako+; ariko ico abagororotsi bipfuza bazogihabwa+. 25  Kurya bigenda iyo umuyaga w’ikirura urenganye, ni ko umubisha atongera kubaho+; ariko umugororotsi ni umushinge ugumaho gushika igihe kitagira urugero+. 26  Kurya kw’inkarihe ku menyo, kurya kw’umwotsi ku maso, ni ko ikinebwe kimera ku bagitumye+. 27  Ugutinya Yehova kuzokwongereza imisi+, ariko imyaka y’ababisha izogerurwa+. 28  Ico abagororotsi biteze ni umunezero+, ariko icizigiro c’ababisha kizozimangana+. 29  Inzira ya Yehova ni igihome gikomeye ku wutagirako umugayo+, ariko agatikizo kabikiwe abaza barakora ibibabaza+. 30  Gushika igihe kitagira urugero, umugororotsi ntazogenda adandabagiranye+, ariko ababisha bo, ntibazobandanya kuba kw’isi+. 31  Akanwa k’umugororotsi, kama icamwa c’ubukerebutsi+, ariko ururimi rugoramye ruzorandurwa+. 32  Iminwa y’umugororotsi, iramenya ubutoni ico ari co+, ariko akanwa k’ababisha ni ubugorame+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.