Imigani 1:1-33

1  Imigani+ ya Salomo+ mwene Dawidi+, umwami wa Isirayeli+,  yo kugira ngo umuntu amenye ubukerebutsi+ n’indero+, kugira ngo atahure amajambo y’ugutegera+,  kugira ngo aronke indero+ itanga ugutahura kwimbitse+, ubugororotsi+ n’ubutungane+ n’ukugororoka+,  kugira ngo abantu batazi utuntu n’utundi bahabwe ukwiyubara+, n’umusore ahabwe ubumenyi+ n’ubushobozi bwo kwiyumvira+.  Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho+ yiyongereye, kandi umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga+,  kugira ngo atahure umugani n’ijambo rizazanye+, amajambo y’abantu b’inkerebutsi+ n’ubupfindo bwabo+.  Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+.  Umviriza mwananje, indero ya so wawe+, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe+.  Kuko ivyo ari igitsibo giteye igomwe ku mutwe wawe+, n’urunigi rwiza mw’izosi ryawe+. 10  Mwananje, abacumuzi nibakuryosharyosha, ntiwemere+. 11  Nibaguma bavuga ngo: “Ingo tujane. Tubundire gusesa amaraso+. Tunyegere dutegere abantu b’intungane ata co bazira+. 12  Tubamire miyonzwa ari bazima+ nk’ukuzimu+, mbere tubamire uko bakabaye, nk’abamanuka mu cobo+. 13  Turonke ubwoko bwose bw’ibintu vy’agaciro+. Twuzuze amazu yacu isahu+. 14  Uze upfinde ubupfindo bwawe hagati muri twebwe. Nihabe isaho imwe itarenga kuri twese+”— 15  mwananje, ntujane mu nzira na bo+. Buza ikirenge cawe ibarabara ryabo+. 16  Kuko ibirenge vyabo ari ivyirukira ikibi+ gusa, kandi biguma vyihutira gusesa amaraso+. 17  Kuko urusenga rusanzirwa ubusa mu maso y’ikintu ico ari co cose gifise amababa+. 18  Ku bw’ivyo rero, ubwabo barabundira gusesa amaraso y’abantu+; barinyegeza bagategēra ubuzima+ bwabo. 19  Ukwo ni ko iminyuro y’umuntu wese arondera inyungu y’akarenganyo+ imeze. Ikuraho ubuzima bwa beneyo+. 20  Ubukerebutsi+ nyakuri ubwabwo buguma bushira ijwi hejuru mw’ibarabara+. Mu bibanza vya bose buguma burekura ijwi ryabwo+. 21  Haruguru ku mpera y’amabarabara yuzuye urwamo burasemerera+. Ku minjiriro y’amarembo yinjira mu gisagara, buravuga amajambo yabwo+, buti: 22  “Muzogeza ryari ga mwa bantu batazi utuntu n’utundi kuguma mukunda ukutamenya+, kandi muzogeza ryari ga mwa bashinyaguzi kwipfuza agashinyaguro keruye+, kandi muzogeza ryari ga mwa mburabwenge kuguma mwanka ubumenyi+? 23  Hindukira wemere igikangiro canje+. Maze nzotuma impwemu yanje idudubiza kuri mwebwe+; nzobamenyesha amajambo yanje+. 24  Kuko nasemereye mugabo mukaguma mwanka+; naramvuye ukuboko kwanje ariko nta n’umwe avyitaho+, 25  kandi muguma mufata minenegwe inama yanje yose+, n’igikangiro canje ntimwacemeye+; 26  na jewe rero, nzotwenga icago canyu+, nzotwengera mw’ijigo ico mufitiye ubwoba nicaza+, 27  ico mufitiye ubwoba nicaza nka kurya kw’ikirura, n’icago canyu kigashika nka kurya kw’umuyaga w’ikirura+, amarushwa n’ibihe bigoye nivyaza kuri mwebwe+. 28  Ico gihe bazoguma bampamagara, mugabo sinzokwitaba+; bazoguma bandondera, mugabo ntibazondonka+, 29  kuko banse ubumenyi+, ntibahitemwo ugutinya Yehova+. 30  Ntibemeye inama yanje+; bagaye igikangiro canje cose+. 31  Bazorya rero ku vyamwa vy’inzira yabo+, kandi bazohimba inama zabo bwite+. 32  Kuko uguhemuka+ kw’abantu batazi utuntu n’utundi ari kwo kuzobica+, kandi ukwiyorohereza kw’ibijuju ni kwo kuzobirandura+. 33  Nayo uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano+ kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa+.”

Utujambo tw'epfo