Imigani 1:1-33
1 Imigani+ ya Salomo+ mwene Dawidi+, umwami wa Isirayeli+,
2 yo kugira ngo umuntu amenye ubukerebutsi+ n’indero+, kugira ngo atahure amajambo y’ugutegera+,
3 kugira ngo aronke indero+ itanga ugutahura kwimbitse+, ubugororotsi+ n’ubutungane+ n’ukugororoka+,
4 kugira ngo abantu batazi utuntu n’utundi bahabwe ukwiyubara+, n’umusore ahabwe ubumenyi+ n’ubushobozi bwo kwiyumvira+.
5 Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho+ yiyongereye, kandi umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga+,
6 kugira ngo atahure umugani n’ijambo rizazanye+, amajambo y’abantu b’inkerebutsi+ n’ubupfindo bwabo+.
7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+.
8 Umviriza mwananje, indero ya so wawe+, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe+.
9 Kuko ivyo ari igitsibo giteye igomwe ku mutwe wawe+, n’urunigi rwiza mw’izosi ryawe+.
10 Mwananje, abacumuzi nibakuryosharyosha, ntiwemere+.
11 Nibaguma bavuga ngo: “Ingo tujane. Tubundire gusesa amaraso+. Tunyegere dutegere abantu b’intungane ata co bazira+.
12 Tubamire miyonzwa ari bazima+ nk’ukuzimu+, mbere tubamire uko bakabaye, nk’abamanuka mu cobo+.
13 Turonke ubwoko bwose bw’ibintu vy’agaciro+. Twuzuze amazu yacu isahu+.
14 Uze upfinde ubupfindo bwawe hagati muri twebwe. Nihabe isaho imwe itarenga kuri twese+”—
15 mwananje, ntujane mu nzira na bo+. Buza ikirenge cawe ibarabara ryabo+.
16 Kuko ibirenge vyabo ari ivyirukira ikibi+ gusa, kandi biguma vyihutira gusesa amaraso+.
17 Kuko urusenga rusanzirwa ubusa mu maso y’ikintu ico ari co cose gifise amababa+.
18 Ku bw’ivyo rero, ubwabo barabundira gusesa amaraso y’abantu+; barinyegeza bagategēra ubuzima+ bwabo.
19 Ukwo ni ko iminyuro y’umuntu wese arondera inyungu y’akarenganyo+ imeze. Ikuraho ubuzima bwa beneyo+.
20 Ubukerebutsi+ nyakuri ubwabwo buguma bushira ijwi hejuru mw’ibarabara+. Mu bibanza vya bose buguma burekura ijwi ryabwo+.
21 Haruguru ku mpera y’amabarabara yuzuye urwamo burasemerera+. Ku minjiriro y’amarembo yinjira mu gisagara, buravuga amajambo yabwo+, buti:
22 “Muzogeza ryari ga mwa bantu batazi utuntu n’utundi kuguma mukunda ukutamenya+, kandi muzogeza ryari ga mwa bashinyaguzi kwipfuza agashinyaguro keruye+, kandi muzogeza ryari ga mwa mburabwenge kuguma mwanka ubumenyi+?
23 Hindukira wemere igikangiro canje+. Maze nzotuma impwemu yanje idudubiza kuri mwebwe+; nzobamenyesha amajambo yanje+.
24 Kuko nasemereye mugabo mukaguma mwanka+; naramvuye ukuboko kwanje ariko nta n’umwe avyitaho+,
25 kandi muguma mufata minenegwe inama yanje yose+, n’igikangiro canje ntimwacemeye+;
26 na jewe rero, nzotwenga icago canyu+, nzotwengera mw’ijigo ico mufitiye ubwoba nicaza+,
27 ico mufitiye ubwoba nicaza nka kurya kw’ikirura, n’icago canyu kigashika nka kurya kw’umuyaga w’ikirura+, amarushwa n’ibihe bigoye nivyaza kuri mwebwe+.
28 Ico gihe bazoguma bampamagara, mugabo sinzokwitaba+; bazoguma bandondera, mugabo ntibazondonka+,
29 kuko banse ubumenyi+, ntibahitemwo ugutinya Yehova+.
30 Ntibemeye inama yanje+; bagaye igikangiro canje cose+.
31 Bazorya rero ku vyamwa vy’inzira yabo+, kandi bazohimba inama zabo bwite+.
32 Kuko uguhemuka+ kw’abantu batazi utuntu n’utundi ari kwo kuzobica+, kandi ukwiyorohereza kw’ibijuju ni kwo kuzobirandura+.
33 Nayo uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano+ kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa+.”