Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hoseya 6:1-11

6  “Nimuze dusubire kuri Yehova+, kuko ari we yadutabaguye+ mugabo azodukiza+. Yagumye adukubita, mugabo azodutubika+.  Haciye imisi ibiri, azotugira bazima+. Ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tubeho imbere yiwe+.  Tuzomenya, tuzokwihatira kumenya Yehova+. Uguseruka kwiwe kurashimangiwe+ nk’umutwenzi+. Azotuzako nk’imvura icuncubuka+; nk’imvura y’impeshi inyosha isi+.”  “Mbega nkugire nte, ewe Efurayimu? Mbega nkugire nte, ewe Yuda+, ko ubuntu bwuzuye urukundo bwanyu bumeze nk’ibicu vyo mu gitondo, nk’ikime gikamangana hakiri kare?  Ni co gituma nzobatemaguza koko abahanuzi+; nzobicisha koko amajambo yo mu kanwa kanje+. Imanza zizoshitswa kuri wewe zizoba nk’umuco urashe+.  Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.  Ariko bo, nk’umuntu yakuwe mw’ivu, barahonyanze rya sezerano+. Aho ni ho bampemukiriye+.  Gileyadi+ ni igisagara c’abakora ibibi; amakanda yabo ni amaraso+.  Umuryango w’abaherezi ni utugwi tw’abambuzi+ dukora nk’abantu babundira umuntu+. Bicira abantu iruhande y’inzira i Shekemu+, kuko bagumye bagira ivy’ubushirasoni*+. 10  Mu nzu ya Isirayeli nahabonye ikintu giteye ikinya+. Aho ni ho hari ubusambanyi bwa Efurayimu+. Isirayeli yarihumanije+. 11  Ikigeretseko, ewe Yuda, igihe co kukwimbura camaze gushingwa, igihe nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.