Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hoseya 5:1-15

5  “Nimwumve ibi, yemwe baherezi+, mutege yompi, ewe nzu ya Isirayeli, mutege ugutwi namwe nzu y’umwami+, kuko urubanza ari mwebwe rwerekeye; kubera ko mwabereye umutego+ Mizipa, mukaba nk’urusenga rushanje hejuru ya Tabori+.  Abata umurongo bivobetse mu gikorwa c’ukwica+, kandi narabahimirije bose+.  Jewe ubwanje naramenye Efurayimu+, kandi Isirayeli ntiyampishijwe+. Kuko ubu, ewe Efurayimu, wafashe abagore nk’aho ari abamaraya+; Isirayeli yarihumanije+.  Ibikorwa vyabo ntibibakundira kugaruka ku Mana yabo+, kuko hagati muri bo hari impwemu y’ubusambanyi+; kandi Yehova ubwiwe, ntibamwemeye icese+.  Ubwishime bwa Isirayeli bwaramwagirije amaso mu yandi+; Isirayeli na Efurayimu batsitara mw’ikosa ryabo+. Yuda na we nyene yatsitaranye na bo+.  Bagiye kurondera Yehova bajanye umukuku wabo n’ubusho bwabo, mugabo ntibamubonye+. Yari yigiriye arabaheba.  Bahemukiye Yehova ubwiwe+, kuko bavyaye abana b’ahandi+. Ubu rero mu kwezi kumwe bazorotsanywa n’imigabane yabo+.  “Nimuvugirize inzamba+ i Gibeya+, n’urumbete i Rama! Nimuvugirize akaruru k’intambara i Beti-aveni+—inyuma yawe, ewe Benyamini+!  Ewe Efurayimu, uzoba akajoreza ku musi w’uguhambarirwa+. Namenyesheje mu miryango ya Isirayeli amajambo yo kwizigirwa+. 10  Abaganwa ba Yuda babaye nk’abantu bigiza inyuma urubibe+. Nzobasukako uburake bwanje nk’amazi. 11  Efurayimu arahahazwa, akajanjagurwa mu butungane+, kuko yiyemeje gukurikira umurwanizi wiwe+. 12  Kandi nabereye Efurayimu nk’agakoko k’akanyundo+, mbera inzu ya Yuda nk’ukubora. 13  “Efurayimu yarabonye indwara yiwe, Yuda na we abona igisebe ciwe+. Nuko Efurayimu aja i Ashuri+, atuma intumwa ku mwami ahambaye+. Mugabo uno, mwebwe ntiyashoboye kubakiza+, kandi ntiyashoboye kubavura igisebe akoresheje umuti+. 14  Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambwe y’umukangara+, n’inzu ya Yuda nk’intambwe y’umukangara y’umugāra. Jewe nzobatabagura, ngende nsengēse, kandi nta wuzobarokora+. 15  Nzogenda, nisubirire ahantu hanje gushika bishuye icaha cabo+; kandi bazorondera koko mu maso hanje+. Nibaba bageze habi+, bazondondera+.”

Amakuru yiyongereye