Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hoseya 4:1-19

4  Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe bene Isirayeli, kuko Yehova afitaniye imburano n’ababa mu gihugu+, kuko ata kuri+ canke ubuntu bwuzuye urukundo canke ukumenya Imana biri mu gihugu+.  Ukuvumana+, ukugira ivy’ubuhendanyi+, ukwica+, ukwiba+ n’ukurenga ibigo+ bisigaye vyiraye, kandi ibikorwa vy’ugusesa amaraso birakurakuranwa+.  Ni co gituma igihugu kizogandara+, n’abakibamwo bose bakayamira hamwe n’igikoko co mu gahinga be n’ikiremwa kiguruka co mu kirere; mbere n’amafi yo mu kiyaga azopfa*+.  “Ariko rero, ntihagire umuntu arwana+ canke umuntu akangira, kuko abantu bawe bameze nk’abarwanya umuherezi+.  Kandi uzotsitara koko ku murango+; mbere n’umuhanuzi azotsitarana nawe, nk’uko umuntu atsitara mw’ijoro+. Nzonumya nyoko wawe+.  Abantu banje bazonumishwa koko, kuko ata bumenyi buhari+. Ko wewe wataye ubumenyi+, nanje nzoguta ntiwongere kumbera umuherezi+; ko uguma wibagira itegeko ry’Imana yawe+, nanje rero nzokwibagira abana bawe+.  Uko baba benshi, ni ko bancumurako+. Ubuninahazwa bwanje babukavye agateterwe+.  Igicumuro c’abantu banje ni co baguma barotsa, kandi baguma bipfuza rwose ikosa ryabo+.  “Uko bizogenda ku bantu ni ko bizogenda no ku muherezi+; sinzobura kugira ico ndababaza ku bijanye n’inzira zabo+; ibikorwa vyabo nzobibasubizako+. 10  Bazorya koko, mugabo ntibazohaga+. Bazofata abagore nk’aho ari abamaraya; mugabo ntibazokwongerekana+, kuko baretse kwitaho Yehova ubwiwe+. 11  Ubusambanyi n’umuvinyu be n’umuvinyu usosa ni vyo bitwara umutima+. 12  Abantu banje baguma basiguza+ ikigirwamana cabo c’ibiti+, kandi inkoni yabo yo mu kuboko ni yo iguma ibamenyesha amakuru; kubera ko impwemu y’ubusambanyi yabayerereje+, kandi biciye ku busambanyi baranka kuyoborwa n’Imana yabo+. 13  Bashikanira ibimazi ku masonga y’imisozi+, bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku mirambi+, munsi y’uruti rusagaraye n’igiti c’umulivuni n’igiti kinini, kuko igitutu caco ari ciza+. Ni co gituma abakobwa banyu bakora ubusambanyi, n’abakazana banyu bakarenga ibigo. 14  “Sinzogira ico mbaza abakobwa banyu ngo ni uko bakora ubusambanyi, n’abakazana banyu ngo ni uko barenga ibigo. Kuko abagabo bihererana n’abamaraya+, bagashikana ibimazi bari kumwe n’abamaraya b’urusengero b’abagore+; kandi abantu batagira ugutegera+ bazohonyangirwa hasi. 15  Naho wewe ukora ubusambanyi, ewe Isirayeli+, Yuda ntiyagirwe n’icaha+; ntimuze i Gilugali+, canke ngo muduge i Beti-aveni+ canke ngo murahire muti: ‘Turahiye ukubaho kwa Yehova+!’ 16  Kuko Isirayeli yabaye intagondwa nka kurya kw’inka y’intagondwa+. Mbega ubu ni ho Yehova azobaragira nk’impfizi y’intama y’umukangara ahantu hagutse? 17  Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana+! Nimumureke+! 18  Inzoga yabo y’ingano imaze guhera+, baciye bafata umugore nk’aho ari umumaraya+. Abakingizi biwe+ bakunze koko agateterwe+. 19  Umuyaga wamuzingazingiye mu mababa yawo+. Kandi bazomaramazwa n’ibimazi vyabo+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “azokoranirizwa mu rupfu;” canke, “azokurwaho.” Raba Yes 57:1.