Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hoseya 3:1-5

3  Yehova yongera kumbwira ati: “Subira ugende, ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo+ kandi arenga ibigo, nk’uko Yehova akunda bene Isirayeli+ ariko bo bakitura izindi mana+ kandi bagakunda udutsima tw’inzabibu zumye+.”  Nuko ndamugura ibiceri vy’ifeza cumi na bitanu+ n’ingero yitwa homeri imwe n’igice ya sayiri*.  Maze ndamubwira nti: “Uzomara imisi myinshi uri uwanje+. Ntuze ukore ubusambanyi+, kandi ntuze wegukire uwundi mugabo+; nanje nzoba uwawe.”  Kuko bene Isirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami bagira+, ata muganwa, ata kimazi+, ata nkingi, ata efodi*+ na terafimu*+.  Mu nyuma bene Isirayeli bazogaruka barondere koko Yehova Imana yabo+, na Dawidi umwami wabo+; egome, bazoza kuri Yehova+ no ku kumera neza kwiwe badegedwa, mu kiringo ca nyuma c’imisi+.

Amakuru yiyongereye

“Sayiri” ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Biboneka ko cari icambarwa kimeze nk’itaburiya kigizwe n’igihimba c’imbere n’ic’inyuma.
Raba Inyongera ya 21.