Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hoseya 14:1-9

14  “Ewe Isirayeli, garuka kuri Yehova Imana yawe+, kuko watsitaye mw’ikosa ryawe+.  Nimuze mwibangikanije amajambo, mugaruke kuri Yehova+. Mumubwire mwese muti: ‘Nuharire ikosa+; wemere iciza, natwe tuzotanga ibimasa vy’iminwa yacu+.  Ashuri ntizodukiza+. Ntituzogendera ku mafarasi+. Kandi ntituzokwongera kubwira igikorwa c’amaboko yacu ngo: “Ewe Mana yacu!”, kuko ari wewe utuma impfuvyi* igirirwa imbabazi+.’  “Nzokiza ubuhemu bwabo+. Nzobakunda ndavyigombeye+, kuko ishavu ryanje ryasubiye inyuma rikamuvako+.  Nzobera Isirayeli nk’ikime+. Azoshurika nk’ishurwe ry’ilisi, ashore imizi nk’igiti c’i Libani.  Iminago yiwe izonaga, iteka ryiwe ribe nk’iry’igiti c’umwelayo+, ugutamirana kwiwe na kwo kube nk’ukwa Libani.  Bazosubira kuba mu gitutu ciwe+. Bazorima intete, bashurike nk’umuzabibu+. Azokwibukwa nk’umuvinyu wo muri Libani.  “Efurayimu azovuga ati: ‘Ndacahuriye ku ki n’ibigirwamana+?’ “Jewe nzomwishura kandi nzomugumizako ijisho+. Meze nk’igiti c’umuberoshi gitotahaye+. Kuri jewe ni ho hazova ivyamwa vyawe.”  Ni nde ari inkerebutsi ngo ategere ivyo bintu+? Ni nde w’ubwenge ngo abimenye+? Kuko inzira za Yehova zigororotse+; abagororotsi ni bo bazozigenderamwo+, ariko abagabitanya bazozitsitaramwo+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”