Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hoseya 12:1-14

12  “Efurayimu arya umuyaga+ kandi yoma inyuma umuyaga wo mu buseruko bukarinda bwira+. Agwiza ukubesha n’ukunyaga+. Bagirana isezerano na Ashuri+, bakajana amavuta mu Misiri.  “Yehova arafitaniye imburano na Yuda+, egome, kugira ngo agire ico abaza Yakobo nk’uko inzira ziwe ziri+; azomwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+.  Yafashe mwene wabo igitsintsiri bari mu nda+, kandi yanyinyanye n’Imana akoresheje inguvu ziwe zose+.  Yagumye anyinyana n’umumarayika, amaherezo aranesha+. Yararize, kugira ngo yisabire ubutoni+.” Imana yamusanze i Beteli+, maze ivuganira na we ng’aho+.  Yehova Imana nyen’ingabo+, Yehova ni ryo zina yibukirwako+.  “Nayo wewe, ubwirizwa kugaruka ku Mana yawe+, ukagumya ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’ubutungane+; niwame witeze Imana yawe+.  Nayo umucuruza, mu kuboko kwiwe hari umunzane w’ubuhendanyi+; yakunze ukugunga+.  Efurayimu aguma avuga ati: ‘Ni ukuri narabaye umutunzi+; narironkeye ibintu vy’agaciro+. Ku bijanye n’ubucumukure bwanje bwose, ntibazombonako ikosa ryokwitwa igicumuro+.’  “Mugabo jewe ndi Yehova Imana yawe kuva igihe wava mu gihugu ca Misiri+. Nzosubira gutuma uba mu mahema nko mu gihe c’imisi mikuru yashinzwe. 10  Navuganye n’abahanuzi+, nagwije ukwerekwa, kandi biciye ku kuboko kw’abahanuzi nagumye ntanga ibigereranyo+. 11  “I Gileyadi habonetse ivy’amageza+ be n’ivy’ububeshi+. I Gilugali bashikanye amashūri+. Vyongeye, ibicaniro vyabo bimeze nk’ibirundo vy’amabuye mu mirongo y’ubusizi yo mu mirima+. 12  Nuko Yakobo ahungira mu karere ka Siriya+, Isirayeli+ aguma akora ngo aronke umugore+, aragira intama kugira ngo aronke umugore+. 13  Yehova yaraduganye Isirayeli amukura mu Misiri biciye ku muhanuzi+, kandi yarinzwe biciye ku muhanuzi+. 14  Efurayimu yarababaje+ Imana bimwe bibi, kandi ibikorwa vyiwe vy’ugusesa amaraso abirekera kuri we+; iceyi ciwe, Shebuja wiwe Ahambaye azokimwishura+.”

Amakuru yiyongereye