Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Hagayi 1:1-15

1  Mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo umwami+, mu kwezi kugira gatandatu, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, biciye kuri Hagayi+ ijambo rya Yehova riza kuri Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+, buramatari wa Yuda+, no kuri Yosuwa+ mwene Yehozadaki+ umuherezi mukuru, riti:  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo*+ avuze: ‘Aba bantu bavuze bati: “Igihe ntikiragera, igihe c’uko inzu ya Yehova yubakwa+.”’”  Ijambo rya Yehova ribandanya kuza biciye kuri Hagayi umuhanuzi, riti:  “Mbega ubu ni igihe c’uko mwebwe mwibera mu mazu yanyu yometseko imbaho+ kandi iyi nzu ari umusaka+?  Ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Nimushire umutima ku nzira zanyu+.  Mwabivye imbuto nyinshi, mugabo mwimbura bike+. Murarya, mugabo ntimuhaga+. Muranywa, mugabo ntimushika aho muborerwa. Murambara impuzu, mugabo nta n’umwe asusuruka; kandi uwuca ingero ayicira mw’isaho itobaguritse+.’”  “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Nimushire umutima ku nzira zanyu+.’  “‘Nimuduge ku musozi, muzane imbaho+ maze mwubake iyo nzu+, kugira ngo mpimbarwe na yo+ nongere ninahazwe+,’ ni ko Yehova avuze.”  “‘Mwari mwiteze vyinshi, mugabo ehe habonetse bike+; mwarabizanye i muhira, nanje ndabihuha+—kubera iki+?’, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. ‘Kubera inzu yanje ari umusaka, namwe mukaguma mwiruka, umwe wese aronderera inzu yiwe bwite+. 10  Ni co gituma amajuru yagumije ikime cayo hejuru yanyu, n’isi ikagumya umwimbu wayo+. 11  Nagumye mpamagara uruzuba ngo ruze kw’isi, ku misozi, ku ntete, ku muvinyu mushasha+, ku mavuta, ku vyo ubutaka bwokwamye, ku muntu yakuwe mw’ivu, ku gitungwa no ku vyo amaboko acumukurira vyose+.’” 12  Nuko Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli, na Yosuwa mwene Yehozadaki+ umuherezi mukuru, n’amasigarira yose y’ico gisata, bumviriza ijwi rya Yehova Imana yabo+, n’amajambo ya Hagayi+ umuhanuzi, kuko Yehova Imana yabo yari yamutumye; maze abantu batangura gutinya kubera Yehova+. 13  Hagayi intumwa+ ya Yehova yongera kubwira abantu nk’uko nyene yari yatumwe na Yehova+, ati: “‘Ndi kumwe namwe+,’ ni ko Yehova avuze.” 14  Maze Yehova akabura impwemu+ ya Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, buramatari wa Yuda, n’impwemu ya Yosuwa+ mwene Yehozadaki umuherezi mukuru, be n’impwemu y’amasigarira yose y’ico gisata; nuko batangura kwinjira no gukora igikorwa mu nzu ya Yehova nyen’ingabo Imana yabo+. 15  Hari ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira gatandatu, mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo+ umwami.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.