Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Habakuki 3:1-19

3  Isengesho rya Habakuki umuhanuzi, mu turirimbo tw’intimba:  Ewe Yehova, narumvise inkuru yawe+. Ewe Yehova, naratinye igikorwa cawe+. Nukigire kizima hagati muri iyi myaka! Nukimenyekanishe hagati muri iyi myaka. Mu gihe c’umudugararo, niwibuke kugira imbabazi+!  Imana yaraje ivuye i Temani, egome, Umweranda aza avuye ku musozi Parani+. Sela*+. Iteka ryiwe ryarapfutse amajuru+; kandi isi yaruzuye ishemezo ryiwe+.  Nayo ukwakaka kwiwe, kwabaye nk’umuco+. Yari afise imishwarara ibiri yava mu kuboko kwiwe, kandi aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegejwe+.  Ikiza caguma kigendera imbere yiwe+, inyonko iturira igakurikira ibirenge vyiwe+.  Yarahagaze kugira anyiganyize isi+. Yararāvye, asimbasimbisha amahanga+. Imisozi y’ibihe bidahera yaramenaguritse+; imirambi yamaho igihe kitagira urugero yarunamye+. Izo ni zo nzira ziwe za kera.  Nabonye amahema ya Kushi ari mu marushwa. Ibitambara vy’amahema vy’igihugu ca Midiyani+ bitangura guhinda agashitsi+.  Mbega inzuzi, ewe Yehova, mbega inzuzi ni zo ishavu ryawe ryarurumbiye+, canke ikiyaga ni co ufitiye uburake+? Kuko wagendeye ku mafarasi yawe+; imikogote yawe yabaye ubukiriro+.  Umuheto wawe urapfukuwe usigara uri gusa+. Indahiro z’imiryango ni co kintu cavuzwe+. Sela. Isi wayisatuje inzuzi+. 10  Imisozi yarakubonye, ifatwa n’ububabare bukaze+. Igihuhusi kirimwo imituragaro cararenganye. Inyenga y’amazi yarumvikanishije ijwi ryayo+. Yaradugije hejuru amaboko yayo. 11  Izuba n’ukwezi vyarahagaze+ mu buraro bwavyo buhanitse+. Imyampi yawe yagumye igenda nk’umuco+. Ukuravya kw’icumu ryawe kwarabonesha+. 12  Wagendagenda mw’isi uratse. Wakubita amahanga nk’uko bakubita intete, washavuye+. 13  Wasohotse kuronsa ubukiriro abantu bawe+, gukiza uwo warobanuje amavuta*. Waramenaguye umukuru w’inzu y’umubisha+. Yarasambuwe gushika no hejuru, umushinge usigara uri ahabona+. Sela. 14  Wacumitishije+ umukuru w’abarwanyi biwe inkoni ziwe bwite igihe baguma baja imbere nk’igihuhusi ngo banshwiragize+. Akamwemwe kabo kari nk’ak’abiyemeje kurokereza umurushwa mu bwihisho+. 15  Waciye mu kiyaga n’amafarasi yawe, mu kigunguzi c’amazi menshi+. 16  Naravyumvise, mu nda yanje haradobangana; ijwi ryaravuze iminwa yanje ica iradegedwa; ububore bwaciye butangura kwinjira mu magufa yanje+; nuko mpinda agashitsi muri ivyo bintu narimwo, kugira ndindire umusi w’amarushwa+ ntekanye, igihe uzodugira abantu+ kugira ubatere. 17  Naho igiti c’umusukoni kitoshurika+, n’umwimbu ntuboneke ku mizabibu; naho igikorwa c’igiti c’umwelayo coba koko impfagusa, n’imikobeko ntiyimbuke ibifungurwa+; naho umukuku wohona koko mu ruhongore rw’ibitungwa, kandi mu ngo ntihabemwo ubusho+; 18  Na ho nyene jewe nzokwigina Yehova+; nzonezererwa Imana y’ubukiriro bwanje+. 19  Yehova Umukama Segaba ni we nkomezi zanje+; ibirenge vyanje azobigira nk’ivy’impongokazi+, kandi azotuma ngendagenda ku bibanza vyanje bikirurutse*+. Ku muyobozi, ku bicurarangisho vyanje vy’imirya.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.