Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Habakuki 2:1-20

2  Nzoguma mpagaze ku kirindiro canje+, ngume nshibamye ku kibambazi; nzoguma nderetse+ kugira ngo ndabe ico azovuga biciye kuri jewe+ be n’ico nzokwishura ninakangirwa+.  Nuko Yehova aranyishura, ati: “Andika ivyo weretswe, ubishire ku bisate mu buryo busomeka neza+, kugira ngo uwubisoma n’ijwi ryumvikana abisome atadidinganya+.  Kuko ivyo bintu vyerekanywe bikirindiriye igihe vyashingiwe+, kandi biguma vyihuta bigana kw’iherezo, kandi ntibizobesha. Naho vyoteba, ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka+. Ntibizocererwa.  “Ehe yivyimbije+; ntiyagumye agororotse. Mugabo umugororotsi wewe, azobandanya kubeshwaho n’ubwizigirwa bwiwe+.  Egome, kubera ko umuvinyu ari igihemu+, umuntu w’umugabo arishima+; uwaguye icipfuzo ciwe nk’ukuzimu, akaba kandi ameze nk’urupfu, akaba adashobora guhaga+, ntazoshika kw’ihangiro ryiwe+. Aguma yiyegeranirizako amahanga yose yongera yikoranirizako ibisata vy’abantu vyose+.  Mbega abo bose ntibazomucako akagani+, bakamuvugako amajambo afobetse, akikiriza? Kandi bizovugwa ngo: “‘Aragowe uwugwiza ibitari ivyiwe+, akongereza umwenda wiwe! Mbega ivyo bizogeza ryari+?  Mbega abagusaba inyungu ntibazohaguruka bukwi na bukwi, n’abakujegeza bakikangura, nawe ukababera koko ikintu co gusahurwa+?  Ko wanyaze amahanga menshi, nawe amasigarira yose y’ibisata vy’abantu azokunyaga+, kubera amaraso y’abantu washeshe be n’ubukazi wagiriye isi, n’igisagara n’abakibamwo bose+.  “‘Aragowe uwuronderera inzu yiwe inyungu mbi+, kugira ashire icari ciwe iyo hejuru, abone kurokorwa mu vyara vy’icago+! 10  Wateguriye inzu yawe ikintu c’akamaramaza, ukurandurwa kw’ibisata vy’abantu vyinshi+; uriko uracumura+. 11  Kuko ibuye rizoborogera mu ruhome, ikigiga na co kikaryishurira ku gisenge+. 12  “‘Aragowe uwubakisha igisagara ugusesa amaraso, agashimangirisha igisagara ukutagororoka+! 13  Raba! Mbega Yehova nyen’ingabo* si we azotuma ibisata vy’abantu bicumukurira umuriro gusa, n’imiryango y’amahanga yiruhiriza ubusa gusa+? 14  Kuko isi izoba yuzuye ukumenya ubuninahazwa bwa Yehova nk’uko amazi apfuka ikiyaga+. 15  “‘Aragowe uwuha abagenzi biwe ico kunywa acongeyeko ubushangashirwe bwiwe n’ishavu ryiwe, kugira ababoreze+ maze yitegereze ubwambure bwabo+. 16  Uzokwuzura agateterwe aho kwuzura ubuninahazwa+. Nunywe nawe+, uheze ubonwe ko utagenyerewe+. Igikombe co mu kuryo kwa Yehova na wewe kizogushikira+, kandi agaterasoni kazoba ku buninahazwa bwawe; 17  kuko ubukazi bwagiriwe Libani+ ari bwo buzogupfuka, be n’ugukakagurwa kwagiriwe ibikoko, ugutuma bigira ubwoba, kubera amaraso y’abantu washeshe be n’ubukazi wagiriye isi+, n’igisagara n’abakibamwo bose+. 18  Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+? 19  “‘Aragowe uwubwira ikigegene c’igiti ngo: “Ikangure!”, akabwira ibuye ry’ikiragi ngo: “Vyuka! Ubwaryo rizotanga inyigisho+”! Ehe rikuyengejeko inzahabu n’ifeza+, kandi nta mpemu na nkeyi ziri muri ryo+. 20  Mugabo Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+. Cereza imbere yiwe, wa si yose+!’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.