Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Habakuki 1:1-17

1  Ijambo Habakuki umuhanuzi yeretswe:  Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve+? Nzogeza ryari kugutakira ku bw’ubukazi, ntubudukize+?  Kubera iki unyereka ibintu bibabaza, ukaguma witegereza ivyago? Kubera iki ukunyaga n’ubukazi biri imbere yanje? Kubera iki hari ugutongana, kandi kubera iki hari ugushihana+?  Ni co gituma itegeko ritituka, n’ubutungane ntibwigere bushitswa+. Kubera ko umubisha akikuje umugororotsi, ni co gituma ubutungane bugorekwa+.  “Nimurabe mu mahanga, mwitegereze, murabane mwumiwe+. Nimwumirwe; kuko mu misi yanyu hagira hakorwe igikorwa mutazokwemera naho mwoba muciganiwe+.  Kuko ehe ngira mpagurutse Abakaludaya+, ihanga ry’inkazi kandi ry’irihurudutsi rija mu bibanza vyagutse vy’isi kugira ngo ryigarurire ingo zitari izaryo+.  Ni ihanga ry’agacavutu kandi riteye ubwoba. Ubutungane bwaryo n’iteka ryaryo biva kuri ryo+.  Amafarasi yaryo anyaruka kurusha ingwe, kandi arakaze kurusha amabingira yo ku mugoroba+. Amafarasi yaryo y’imbangutsi yadidaguye ibinono hasi, kandi amafarasi yaryo y’imbangutsi ava kure. Aguruka nk’inkona yihutira kurya ikintu+.  Ryose uko ringana rizanwa n’ubukazi+. Ugukoranira hamwe kwabo ni nk’umuyaga wo mu buseruko+; ryegeranya imbohe nk’umusenyi. 10  Ricokōra abami, rigatwengera mw’ijigo abategetsi bakurubakuru+. Mbere ritwenga ikibanza cose gikingijwe ibihome+, rikarunda ibivu rikagifata. 11  Mu vy’ukuri, ico gihe rizotera rija imbere nk’umuyaga, rirengane, maze ryagirwe n’icaha koko+. Ubwo bubasha bwaryo ribukesha imana yaryo+.” 12  Ewe Yehova, mbega ntiwamyeho kuva kera+? Ewe Mana yanje, Mweranda wanje, wewe ntupfa+. Ewe Yehova, warishizeho ku bwo gushitsa urubanza; ewe Gitandara+, warishizeho ku bwo gukangira+. 13  Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utoraba ikibi; ntushobora kwitegereza ivyago+. Kubera iki witegereza ibihemu+, ukaguma winumiye igihe umubisha amira uwumurusha ubugororotsi+? 14  Kubera iki umuntu yakuwe mw’ivu umugira nk’amafi yo mu kiyaga, nk’ibikwega inda hasi bitagira uwubiganza+? 15  Abo bose yabadugishije igera+; abakwega bari mu rusenga rwiwe rw’umukwabu, akabakoraniriza mu rusenga rwiwe rwo kuroba+. Ni co gituma anezerwa akongera agahimbarwa+. 16  Ni co gituma ashikanira ikimazi urusenga rwiwe rw’umukwabu, agafumbishiriza umwotsi w’ibimazi urusenga rwiwe rwo kuroba; kuko ari vyo bituma umugabane wiwe uba uwurunze amavuta akwiye, ibifungurwa vyiwe na vyo bikaba nzanamagara+. 17  None coba ari co gituma azokwama acuranura urusenga rwiwe rw’umukwabu, akama yica amahanga ata mpuhwe+?

Amakuru yiyongereye