Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 9:1-29

9  “Niwumve, ewe Isirayeli: uno musi ugira ujabuke Yorodani+ ngo winjire uheze womore amahanga ahambaye kandi akomeye kukuruta+, ibisagara bininibinini kandi bikingijwe ibihome gushika mu majuru+,  abantu bakomeye kandi barebare, bene Anakimu+, abo ubwawe wamenye ivyabo kandi ubwawe ukaba warumvise bivugwa ngo: ‘Ni nde ashobora guhagarara ashikamye imbere ya bene Anaki?’  Kandi urazi neza uno musi yuko Yehova Imana yawe ariko arajabuka imbere yawe+. Ni umuriro uyigiza+. Azobazimanganya+, ubwiwe abamare igabo imbere yawe; kandi utegerezwa kubomora ubarandure vyihuta, nk’uko Yehova yakubariye+.  “Yehova Imana yawe niyabahinda bakava imbere yawe, ntuze uvuge mu mutima wawe, ngo: ‘Ubugororotsi bwanje bwite ni bwo bwatumye Yehova anzana ngo nigarurire iki gihugu+,’ kandi ububisha bw’aya mahanga ari bwo butumye Yehova ayirukana akava imbere yawe+.  Kuba uriko winjira kwigarurira igihugu cabo si ku bw’ubugororotsi+ bwawe canke ukugororoka kw’umutima wawe+. Nkako, ububisha bw’aya mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yawe ayirukana akava imbere yawe+, ku bwo gushitsa ijambo Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe, Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+.  Kandi utegerezwa kumenya yuko ubugororotsi bwawe atari bwo butumye Yehova Imana yawe aguha iki gihugu ciza ngo ucigarurire; kuko uri igisata c’izosi ridadaraye+.  “Ibuka: Ntiwibagire ingene wateye ishavu Yehova Imana yawe mu gahinga+. Kuva kuri wa musi wava mu gihugu ca Misiri gushika uje aha hantu, mwabaye abagarariji mu nyifato mugira kuri Yehova+.  Mbere n’i Horebu mwarateye ishavu Yehova, bituma Yehova abarurumbira ishavu gushika aho agomba kubazimanganya+.  Igihe naduga umusozi kwakira vya bisate vy’amabuye+, vya bisate vy’isezerano Yehova yari yagiranye namwe+, hanyuma nkaguma mba ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, (sinarya umukate canke ngo nywe amazi,) 10  ni ho Yehova yampa vya bisate bibiri vy’amabuye vyanditseko n’urutoke rw’Imana+, kuri vyo hakaba hari ya majambo yose Yehova yari yavuganye namwe ku musozi hagati mu muriro kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+. 11  Hanyuma kw’iherezo rya nya misi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, Yehova ampa vya bisate bibiri vy’amabuye, ibisate vy’isezerano+. 12  Yehova ambarira ati: ‘Haguruka, manuka ningoga uve ng’aha, kuko ba bantu bawe wakura mu Misiri bikwegeye guhona+. Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse. Bihinguriye igishusho c’icuma gishongeshejwe+.’ 13  Yehova abandanya kumbwira ati: ‘Aba bantu ndababonye: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye+. 14  Reka ndabazimanganye+, mpanagure amazina yabo munsi y’amajuru+, maze nawe nkugire ihanga ribarusha inkomezi n’ubwinshi+.’ 15  “Inyuma y’ivyo ndahindukira, ndamanuka mva ku musozi, mu gihe nya musozi wariko uraka umuriro+. Kandi vya bisate vy’amabuye bibiri vy’isezerano vyari mu maboko yanje yompi+. 16  Maze ndaraba, nsanga mwari mwacumuye kuri Yehova Imana yanyu! Mwari mwihinguriye inyana y’icuma gishongeshejwe+. Mwari mwakebeje ningoga muta inzira Yehova yari yarabategetse+. 17  Nca mfata vya bisate bibiri, ndabitabira hasi bivuye mu maboko yanje, ndabisabiriza mu maso yanyu+. 18  Nuko nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova nka mbere, imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Sinarya umukate canke ngo nywe amazi+, kubera igicumuro canyu cose mwari mwakoze mu gukora ikibi mu maso ya Yehova ku bwo kumubabaza+. 19  Kuko nari nagize ubwoba kubera ishavu rirurumba Yehova yari yabashavuriye gushika aho agomba kubazimanganya+. Ariko Yehova yaranyumvirije n’ico gihe+. 20  “Na Aroni nyene, Yehova yaramururumbiye ishavu gushika aho agomba kumuzimanganya+; mugabo ico gihe nyene naratakamvye+ no ku bwa Aroni. 21  Hanyuma ntora igicumuro canyu mwari mwakoze, ya nyana+, ndayiturira mu muriro, ndayijanjagura, ndayisya ndayinoza gushika inoze nk’umukungugu. Inyuma y’ivyo nterera umukungugu wayo mu ruzi rw’isumo rwamanuka ruva mu musozi+. 22  “Vyongeye, i Tabera+ n’i Masa+ n’i Kiburoti-hatayava+ mwarerekanye ko muri abatera ishavu Yehova+. 23  Kandi igihe Yehova yabarungika mukava i Kadeshi-baruneya+, ati: ‘Duga mwigarurire igihugu nzobaha!’, mwaciye mugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+; ntimwamwizeye+ canke ngo mwumvirize ijwi ryiwe+. 24  Mwarerekanye ko muri abagarariji mu nyifato mwagize kuri Yehova+ kuva umusi nabamenya. 25  “Nuko nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+; nkako, nakubita inkoro hasi gutyo kubera Yehova yavuga ivyo kubazimanganya+. 26  Hanyuma ntangura gutakambira+ Yehova mvuga nti: ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, ntuhonye abantu bawe, inyegu wiharije+, abo wacunguje ubukuru bwawe, abo wakuje mu Misiri+ ikiganza gikomeye+. 27  Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ubukomantare bw’aba bantu n’ububisha bwabo n’igicumuro cabo+, 28  igihugu+ wadukuyemwo ntigihave kivuga ngo: “Kubera yuko Yehova atari ashoboye kubazana mu gihugu yari yarabasezeraniye, no kubera yuko yabanka, ni co catumye abakurayo kugira abicire mu gahinga+.” 29  Ni abantu bawe n’inyegu wiharije+, abo wakujeyo ububasha bwawe bukomeye n’ukuboko kwawe kuramvuye+.’

Amakuru yiyongereye