Gusubira mu vyagezwe 8:1-20
8 “Amabwirizwa yose ndagutegetse uno musi mukwiye kuba maso mukayagumya+, kugira mubandanye kubaho+, kandi koko mugwire, mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu+.
2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije.
3 Nuko agucisha bugufi, arakureka urasonza+ araheza akugaburira manu*+, iyo wewe canke ba so wawe mutari mwaramenye. Yayikugaburiye kugira akumenyeshe yuko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose ry’akanwa ka Yehova+.
4 Umutamana wawe ntiwagushiriyeko, eka n’ikirenge cawe nticavyimvye iyi myaka mirongo ine yose+.
5 Kandi urazi neza n’umutima wawe bwite yuko nka kurya nyene umuntu akosora umwana wiwe, ari ko Yehova Imana yawe yariko aragukosora+.
6 “Kandi utegerezwa kugumya amabwirizwa ya Yehova Imana yawe mu kugendera mu nzira ziwe+ no mu kumutinya+.
7 Kuko Yehova Imana yawe ariko arakujana mu gihugu ciza+, igihugu c’imyonga y’amazi, c’imbizi be n’inyenga z’amazi bidudubiza mu kiyaya c’umubande+ no mu karere k’imisozi,
8 igihugu c’ingano na sayiri* n’imizabibu n’insukoni n’amakomamanga+, igihugu c’imyelayo itanga amavuta menshi kikaba n’igihugu c’ubuki+,
9 igihugu aho utazorya umukate mu mukeno, aho ata co uzohaza, igihugu amabuye yaco ari icuma, mu misozi yaco na ho ukazohacukura umujumpu.
10 “Niwamara kurya ugahaga+, uze uhezagire+ rero Yehova Imana yawe ku bwa nya gihugu ciza yaguhaye+.
11 Wiyubare ntiwibagire+ Yehova Imana yawe ngo bitume utagumya amabwirizwa yiwe n’ingingo z’ubutungane ziwe n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi+;
12 ngo ntuhave urya ugahaga koko, ukubaka inzu nzizanziza, ukibera muri zo+,
13 ubusho bwawe n’umukuku wawe bikongerekana, n’ifeza n’inzahabu bikongerekana kuri wewe, n’ivyawe vyose bikongerekana,
14 hanyuma umutima wawe ukiduza hejuru koko+, ukibagira Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+;
15 uwagucishije muri ka gahinga kanini kandi gateye ubwoba+, karimwo inzoka z’ubumara+ n’utumina, karimwo n’ubutaka bugadutse, butagira amazi; uwagukuriye amazi mu gitandara c’isare+;
16 uwakugaburiye manu+ mu gahinga, iyo ba so batari baramenye, kugira ngo agucishe bugufi+ no kugira ngo akugeze, akugirire neza mu misi yawe yo hanyuma+;
17 maze ukavuga koko mu mutima wawe ngo: ‘Ububasha bwanje n’ubushobozi bwose bw’ukuboko kwanje bwite ni vyo vyandonkeje ubu butunzi+.’
18 Uze wibuke Yehova Imana yawe, kuko ari we aguha ububasha bwo kurondera ubutunzi+; kugira ashitse isezerano ryiwe yarahiye ba sogokuruza bawe, nk’uko biri uyu musi+.
19 “Niwaramuka wibagiye Yehova Imana yawe, ukagendera inyuma y’izindi mana, ukazikorera ukongera ukazunamira, nshinze intahe yo kubagiriza uno musi yuko muzoyogera ata kabuza+.
20 Nka kumwe kw’amahanga Yehova ariko ararandura ngo ave imbere yanyu, ni ko muzoyogera, kuko mutazoba mwumvirije ijwi rya Yehova Imana yanyu+.