Gusubira mu vyagezwe 8:1-20

8  “Amabwirizwa yose ndagutegetse uno musi mukwiye kuba maso mukayagumya+, kugira mubandanye kubaho+, kandi koko mugwire, mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu+.  Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije.  Nuko agucisha bugufi, arakureka urasonza+ araheza akugaburira manu*+, iyo wewe canke ba so wawe mutari mwaramenye. Yayikugaburiye kugira akumenyeshe yuko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose ry’akanwa ka Yehova+.  Umutamana wawe ntiwagushiriyeko, eka n’ikirenge cawe nticavyimvye iyi myaka mirongo ine yose+.  Kandi urazi neza n’umutima wawe bwite yuko nka kurya nyene umuntu akosora umwana wiwe, ari ko Yehova Imana yawe yariko aragukosora+.  “Kandi utegerezwa kugumya amabwirizwa ya Yehova Imana yawe mu kugendera mu nzira ziwe+ no mu kumutinya+.  Kuko Yehova Imana yawe ariko arakujana mu gihugu ciza+, igihugu c’imyonga y’amazi, c’imbizi be n’inyenga z’amazi bidudubiza mu kiyaya c’umubande+ no mu karere k’imisozi,  igihugu c’ingano na sayiri* n’imizabibu n’insukoni n’amakomamanga+, igihugu c’imyelayo itanga amavuta menshi kikaba n’igihugu c’ubuki+,  igihugu aho utazorya umukate mu mukeno, aho ata co uzohaza, igihugu amabuye yaco ari icuma, mu misozi yaco na ho ukazohacukura umujumpu. 10  “Niwamara kurya ugahaga+, uze uhezagire+ rero Yehova Imana yawe ku bwa nya gihugu ciza yaguhaye+. 11  Wiyubare ntiwibagire+ Yehova Imana yawe ngo bitume utagumya amabwirizwa yiwe n’ingingo z’ubutungane ziwe n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi+; 12  ngo ntuhave urya ugahaga koko, ukubaka inzu nzizanziza, ukibera muri zo+, 13  ubusho bwawe n’umukuku wawe bikongerekana, n’ifeza n’inzahabu bikongerekana kuri wewe, n’ivyawe vyose bikongerekana, 14  hanyuma umutima wawe ukiduza hejuru koko+, ukibagira Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+; 15  uwagucishije muri ka gahinga kanini kandi gateye ubwoba+, karimwo inzoka z’ubumara+ n’utumina, karimwo n’ubutaka bugadutse, butagira amazi; uwagukuriye amazi mu gitandara c’isare+; 16  uwakugaburiye manu+ mu gahinga, iyo ba so batari baramenye, kugira ngo agucishe bugufi+ no kugira ngo akugeze, akugirire neza mu misi yawe yo hanyuma+; 17  maze ukavuga koko mu mutima wawe ngo: ‘Ububasha bwanje n’ubushobozi bwose bw’ukuboko kwanje bwite ni vyo vyandonkeje ubu butunzi+.’ 18  Uze wibuke Yehova Imana yawe, kuko ari we aguha ububasha bwo kurondera ubutunzi+; kugira ashitse isezerano ryiwe yarahiye ba sogokuruza bawe, nk’uko biri uyu musi+. 19  “Niwaramuka wibagiye Yehova Imana yawe, ukagendera inyuma y’izindi mana, ukazikorera ukongera ukazunamira, nshinze intahe yo kubagiriza uno musi yuko muzoyogera ata kabuza+. 20  Nka kumwe kw’amahanga Yehova ariko ararandura ngo ave imbere yanyu, ni ko muzoyogera, kuko mutazoba mwumvirije ijwi rya Yehova Imana yanyu+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.