Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 7:1-26

7  “Yehova Imana yawe niyateba akakuzana mu gihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire+, azokuraho rero amahanga y’abantu benshi imbere yawe+, Abaheti+ n’Abagirugashi+ n’Abamori+ n’Abanyakanani+ n’Abaperizi+ n’Abahiwi+ n’Abayebusi+, amahanga indwi y’abantu benshi kukuruta kandi akomeye kukuruta+.  Kandi Yehova Imana yawe ntazobura kubagabura mu maboko yawe, kandi uzobatsinda koko+. Ukwiye kubatikiza ata kabuza+. Ntuze ugire isezerano ugirana na bo canke ngo ubagirire ubutoni na bukeyi+.  Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe+.  Kuko azokevya umuhungu wawe akamubuza kunkurikira, kandi ntibazobura gukorera izindi mana+. Ishavu rya Yehova na ryo rizobarurumbira koko, kandi ntazobura kukuzimanganya ningoga+.  “Mugabo ibi ni vyo mukwiye kubagirira: Ibicaniro* vyabo mukwiye gusiturira hasi+, inkingi nyeranda zabo mugasenyura+, ibikingi vyeranda vyabo+ mukicira+, ibishusho vyabo bibajwe mugaturira n’umuriro+.  Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.  “Kuba Yehova yarabakunze ku buryo abatora, si uko ari mwe mwari benshi kuruta mu bisata vyose vy’abantu+, kuko ari mwe mwari bake kuruta mu bisata vyose+.  Ahubwo kubera ko Yehova abakunda+, no kubera ko agumya indahiro yari yararahiye ba sogokuruza banyu+, ni co catumye Yehova abakuzayo ikiganza gikomeye+, kugira ngo abacungure abakure mu nzu y’abashumba+, mu kuboko kwa Farawo umwami wa Misiri.  Kandi urazi neza yuko Yehova Imana yawe ari we Mana y’ukuri+, Imana y’inyizigirwa+, agumya isezerano+ be n’ubuntu bwuzuye urukundo ku bijanye n’abamukunda be n’abagumya amabwirizwa yiwe gushika ku mayaruka igihumbi+, 10  mugabo akishura amaso mu yandi uwumwanka, mu kumurandura+. Ntazogonanwa ku bijanye n’uwumwanka; azomwishura amaso mu yandi. 11  Kandi utegerezwa kugumya ibwirizwa n’ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane ndagutegetse uno musi, mu kubikora+. 12  “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+. 13  Kandi ata gukeka azogukunda, aguhezagire+, akugwize+ yongere ahezagire icamwa c’inda yawe+ n’icamwa c’ubutaka bwawe+, intete zawe n’umuvinyu wawe mushasha n’amavuta yawe, imitavu y’inka zawe n’uruvyaro rw’umukuku wawe+, ku butaka yarahiye ba sogokuruza bawe ko azoguha+. 14  Uzocika uwuhezagiwe mu bindi bisata vyose vy’abantu+. Muri wewe ntihazoba uw’igitsina-gabo canke uw’igitsina-gore abura uruvyaro, eka no mu bitungwa vyawe+. 15  Kandi Yehova ata gukeka azogukurako indwara yose. Na za ndwara mbi zose zo mu Misiri wamenya+, nta zo azogushirako. Azozishira ku bakwanka bose. 16  Utegerezwa kuyigiza ibisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe agira aguhe+. Ijisho ryawe ntirize ribumvire akagongwe+; kandi ntuze ukorere imana zabo+, kuko ivyo bizokubera umutego+. 17  “Niwavuga mu mutima wawe uti: ‘Aya mahanga kuri jewe ni ay’abantu benshi birenze. Nzoshobora nte kuyirukana+?’, 18  ntuze ubatinye+. Uko bigenda kwose ukwiye kwibuka ivyo Yehova Imana yawe yagiriye Farawo na Misiri yose+, 19  vya bihinyuza bikomeye amaso yawe yabona+, na vya bimenyetso na vya bitangaro+ na ca kiganza gikomeye+ na kwa kuboko kuramvuye+ Yehova Imana yawe yagukuzayo+. Ukwo nyene ni ko Yehova Imana yawe azogirira ibisata vyose vy’abantu ufitiye ubwoba+. 20  Yehova Imana yawe na we azobarungikako ukujonjogora+, gushika abari basigaye+ kandi bariko bihisha ngo bakuve imbere bayogeye. 21  Ntuze uranduke umutima kubera bo, kuko Yehova Imana yawe ari hagati yawe+, akaba ari Imana ikomeye kandi iteye ubwoba+. 22  “Kandi Yehova Imana yawe ata gukeka azohinda ayo mahanga agende arava imbere yawe buhorobuhoro+. Ntuzokwemererwa kuyaherengeteza ningoga, ngo ibikoko vyo mu gahinga ntibihave bigwira bikakugirira nabi. 23  Kandi Yehova Imana yawe azobagabura koko mu maboko yawe, abakinagize n’umukinagizo ukomeye, gushika bazimanganijwe+. 24  Kandi ata gukeka azotanga abami babo mu kuboko kwawe+, kandi utegerezwa kurandura amazina yabo munsi y’amajuru+. Nta n’umwe azoguhagarara imbere+, gushika ubatikije+. 25  Ibishusho bibajwe vy’imana zabo mukwiye kubiturira mu muriro+. Ntuze wipfuze ifeza n’inzahabu yo kuri vyo+, canke ngo uyitware+, ngo ntuhave ufatwa mu mutego na yo+; kuko ari ikintu giteye ishishi+ kuri Yehova Imana yawe. 26  Ntuze uzane ikintu giteye ishishi mu nzu yawe, bigatuma vy’ukuri ucika ikintu co gutikizwa nka co. Bikwiye kugutera ishishi rwose, ukavyanka urunuka vy’ukuri+, kuko ari ikintu co gutikizwa+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.