Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 34:1-12

34  Maze Musa araduga avuye mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu aja ku musozi Nebo+, kw’isonga rya Pisiga+, aharabana n’i Yeriko+. Hanyuma Yehova amwereka nya gihugu cose: kuva i Gileyadi gushika i Dani+,  na Nafutali yose be n’igihugu ca Efurayimu na Manase n’igihugu cose ca Yuda gushika ku kiyaga co mu burengero+,  na Negebu+ n’intara+ ya Yorodani, ikiyaya c’umubande c’i Yeriko, ca gisagara c’ibigazi+, gushika i Zowari+.  Maze Yehova amubwira ati: “Iki ni co gihugu narahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, nti: ‘Uruvyaro* rwawe ni rwo nzogiha+.’ Ndakikweretse ngo ukibone n’amaso yawe bwite, kuko utazojabuka ngo ujeyo+.”  Inyuma y’ivyo Musa umusavyi wa Yehova+ apfira ng’aho mu gihugu ca Mowabu, kw’itegeko rya Yehova+.  Hanyuma amuhamba mu mubande mu gihugu ca Mowabu imbere ya Beti-peyori+, kandi nta wigeze amenya imva yiwe gushika n’uyu musi+.  Kandi Musa yari afise imyaka ijana na mirongo ibiri igihe yapfa+. Amaso yiwe ntiyari bwabone ivyijiji+, n’inkomezi ziwe ntizari bwamuveko+.  Nuko bene Isirayeli batangura kuririra Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu imisi mirongo itatu+. Amaherezo, imisi y’amarira y’ukugandarira Musa irarangira.  Kandi Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubukerebutsi+, kuko Musa yari yamurambitseko ikiganza+. Bene Isirayeli batangura kumwumviriza, baraheza bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. 10  Mugabo ntiharigera hongera guhaguruka muri Isirayeli umuhanuzi ameze nka Musa+, uwo Yehova yari azi amaso mu yandi+, 11  ku bijanye na vya bimenyetso vyose na vya bitangaro Yehova yamutuma gukora mu gihugu ca Misiri abikorera Farawo n’abasavyi biwe bose n’igihugu ciwe cose+, 12  no ku biraba ca kiganza gikomeye cose na bwa bubasha bukomeye kandi buteye akoba Musa yakoresha mu maso ya Isirayeli yose+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”