Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 33:1-29

33  Uyu rero ni wo muhezagiro+ Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+ yahezagije bene Isirayeli imbere y’uko apfa.  Nuko atangura kuvuga ati: “Yehova yaje ava i Sinayi+, Yabarabirijeko ari i Seyiri+. Yasayanganye ari mu misozi y’i Parani+, Kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi mirongo+, Iburyo bwiwe hakaba abarwanyi babo+.   Yarakunda cane abantu biwe+; Aberanda babo bose bari mu kuboko kwawe+. Kandi bo ubwabo baragandagaje imbere y’ibirenge vyawe+; Batanguye kwakira amwamwe mu majambo yawe+.   (Musa yadushingiye itegeko+, Ikintu ishengero rya Yakobo ryigabira+.)   Maze aba umwami i Yeshuruni+, Igihe abakuru b’ico gisata bakoranira hamwe+, Imiryango yose ya Isirayeli uko yakabaye+.   Rubeni niyibereho ntapfe+, N’abantu biwe ntibabe inkehwa+.”  Uyu na wo ni wo wabaye umuhezagiro wa Yuda+, mu kubandanya ati: “Niwumve, Yehova we, ijwi rya Yuda+, Umuzane ku bantu b’iwabo; Amaboko yiwe yaniganiye ivyiwe; Kandi ubwawe umubere umufasha amukiza abarwanizi biwe+.”  Kuri Lewi na ho avuga+ ati: “Tumimu* yawe na Urimu yawe+ ni ivy’umuntu w’intahemuka kuri wewe+, Umwe wagereza i Masa+. Utangura kunigana na we iruhande y’amazi y’i Meriba+,   Uwabwiye se na nyina ati: ‘Sinamubonye.’ Mbere na bene wabo ntiyabemanze+, N’abahungu biwe ntiyabamenye. Kuko bagumije ijambo ryawe+, N’isezerano ryawe bakaguma baryubahiriza+. 10  Nibigishe Yakobo ingingo zawe z’ubutungane+, Isirayeli na yo itegeko ryawe+. Nibahereze imibavu* imbere y’amazuru yawe+ N’ishikanwa ritangwa uko ryakabaye ku gicaniro cawe+. 11  Hezagira inkomezi ziwe Yehova we+, Ese wohimbarwa n’igikorwa c’amaboko yiwe+. Nukomeretse cane mu mafyinga abamukurira hasi+, Be n’abamwanka urunuka, kugira ntibahaguruke+.” 12  Kuri Benyamini na ho avuga+ ati: “Umukundwa+ wa Yehova niyibereho mu mutekano iruhande yiwe+, Amwugamike umusi wose+, Kandi azokwibera hagati y’ibitugu vyiwe+.” 13  Kuri Yozefu na ho avuga+ ati: “Igihugu ciwe came gihezagirwa na Yehova+ Agihe ibintu vyiza vyo mw’ijuru, n’ikime+, Agihe n’inyenga y’amazi arundanye epfo munsi+, 14  Agihe ibintu vyiza vyezwa n’izuba+, Agihe n’ibintu vyiza, ivyera ku mezi aharurirwa ku mboneko+, 15  Agihe n’ibintu vyizavyiza vyo mu misozi yo mu buseruko+, Agihe n’ibintu vyiza vyo mu mirambi yamaho igihe kitagira urugero, 16  Agihe n’ibintu vyiza vyo kw’isi be n’ibiyuzuye+, Agihe n’ugushimwa n’Umwe aba mu gisaka c’amahwa+. Birakaza ku mutwe wa Yozefu+ No ku rutwariro rw’uwakuwe muri bene wabo+. 17  Ubwiza bwakaka bwiwe ni nk’ubw’ishūri y’uburiza+, Amahembe yiwe ni amahembe y’ishūri y’inyeshamba+. Ni yo azosunikisha ibisata vy’abantu+ Vyose hamwe gushika ku mpera z’isi, Kandi ni yo bihumbi mirongo vya Efurayimu+, Kandi ni yo bihumbi vya Manase.” 18  Kuri Zebuloni na ho avuga+ ati: “Nezererwa amasohoka yawe Zebuloni we+, Nawe Isakari, unezererwe amahema yawe+. 19  Bazokoraniriza ibisata vy’abantu ku musozi. Aho ni ho bazoshikanira ibimazi vy’ubugororotsi+. Kuko bazokwonka ubutunzi bubogaboga bw’ibiyaga+ Be n’ubutunzi bunyegejwe bwo ku musenyi.” 20  Kuri Gadi na ho avuga+ ati: “Arahezagiwe uwagura imipaka ya Gadi+. Azokwiberaho nk’intambwe+, Kandi azotabagura ukuboko, mbere n’urutwariro+. 21  Azotora umugabane wa mbere+, Kuko ari ho umuturi w’uwushinga ivyagezwe ubitswe+. Kandi abakuru b’abantu bazokoranira hamwe. Azoshitsa koko ubugororotsi bwa Yehova Be n’ingingo ziwe z’ubutungane kuri Isirayeli.” 22  Kuri Dani na ho avuga+ ati: “Dani ni icana c’intambwe+. Azosimba avuye i Bashani+.” 23  Kuri Nafutali na ho avuga+ ati: “Nafutali ahaze ugushimwa, Kandi yuzuye umuhezagiro wa Yehova. Niwigabire uburengero n’ubumanuko+.” 24  Kuri Asheri na ho avuga+ ati: “Asheri arahezagijwe abana+. Nacike uwushimwa na bene wabo+, N’uwuvobeka ikirenge ciwe mu mavuta+. 25  Icuma n’umujumpu ni vyo vyugazo vyawe vy’irembo+, Kandi ugushogomanga kwawe guhwanye n’imisi yawe. 26  Nta n’umwe ameze nka ya Mana y’ukuri+ y’i Yeshuruni+, Imwe igendera kw’ijuru kugira igutabare+ No ku majuru yuzuye ibicu mu bukuru bwayo+. 27  Ya Mana yo mu gihe ca kera ni ubwikingo+, Munsi na ho hari ya maboko yamaho igihe kitagira urugero+. Azokwirukana umwansi imbere yawe+, Kandi azovuga ati: ‘Bazimanganye+!’ 28  Isirayeli izokwiberaho mu mutekano+, Rya sôko rya Yakobo ryibere ukwa ryonyene+, Mu gihugu c’intete n’umuvinyu mushasha+. Egome, amajuru azoreka ikime gitonyange+. 29  Urahiriwe, ewe Isirayeli+! Ni nde ameze nkawe+, Igisata cifitiye ubukiriro kuri Yehova+, Inkinzo y’ugutabarwa kwawe+, Akaba na we nkota yawe iminuje+? Abansi bawe rero bazohinda agashitsi imbere yawe+, Ariko wewe, ku bibanza vyabo bikirurutse ni ho uzogendera+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Canke, “ububani.”