Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 32:1-52

32  “Tega ugutwi, mwa majuru mwe, mvuge;Kandi isi niyumve amajambo y’akanwa kanje+.   Inyigisho yanje izotonyanga nk’imvura+,Ijambo ryanje riratemba nk’ikime+Nk’akanyanyaga ku bwatsi+Nk’imicuncubuko y’imvura ku vyatsi+.   Kuko ngira menyeshe izina rya Yehova+.Nimwemere ko ubukuru ari ubw’Imana yacu+!   Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge+,Kuko inzira ziwe zose ari ubutungane+.Ni Imana y’ubwizigirwa+, itagira akarenganyo+;Ni we agororotse kandi atunganye+.   Ubwabo bikwegeye guhona+;Si abana bayo, ikosa ni rwabo+.Ni iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze+!   Yehova ni we mubandanya kugira mutyo+Ga mwa bantu b’ibijuju mutari inkerebutsi+?Mbega si we So yakuvyaye+,Uwakuremye akaguha kudahungabana+?   Ibuka imisi ya kera+,Rimbura imyaka yo hambere uva kw’iyaruka uja ku rindi;Baza so, arakwiganira+;Abatama bawe, barabikubwira+.   Igihe Musumbavyose yaha amahanga intoranwa+,Igihe yatandukanya abana ba Adamu+,Ni ho yashingira urubibe ibisata vy’abantu+Afatiye ku gitigiri ca bene Isirayeli+.   Kuko umuturi wa Yehova ari abantu biwe+;Yakobo ni we mugabane atorana+. 10  Yamusanze mu gihugu c’agahinga+,Mu bugaragwa bw’urwanaga, bugaragara+.Atangura kumukikuza+, kumwitwararika+,Kumuzigama nk’imbone y’ijisho ryiwe+. 11  Nk’uko inkona ikomanga icari cayo,Ikārāra hejuru y’ivyana vyayo+,Igasanza amababa yayo, ikabitora,Ikabitwara ku vyubi vyayo+, 12  Yehova wenyene ni we yaguma amuyobora+,Kandi nta mana y’inyamahanga yari kumwe na we+. 13  Yagumye amugendesha ku bibanza bikirurutse* vy’isi+,Ku buryo yariye ivyamye mw’itongo+.Kandi yaguma atuma anunuza ubuki buva mu rutare+,N’amavuta ava mu gitandara c’isare+; 14  Amasoro y’ubusho n’amata y’umukuku+Kumwe n’ikinure c’impfizi z’intama,N’amasuguru y’intama, ubwoko bw’i Bashani, n’amasuguru y’impene+Kumwe n’ikinure co kw’ifyigo c’ingano+;Amaraso y’inzabibu ni wo muvinyu wanywa+. 15  Aho Yeshuruni*+ atanguriye kudoha, ni ho yaciye atera imigere+.Waradoshe, warakakamye, waradigamwe+.Yaciye aheba Imana, ari yo yamuremye+Asuzugura Igitandara+ c’ubukiriro bwiwe. 16  Batangura kuyiteresha ishari+ imana z’ahandi+;Baguma bayibabarisha ibintu biteye ishishi+. 17  Bashikanira ibimazi amadayimoni*, ntibabishikanira Imana+,Babishikanira imana batari baramenye+,Imana nshasha zije vuba+,Izo ba sogokuruza banyu batari bazi. 18  Ca Gitandara cakuvyara waracibagiye+,Utangura gufuta Imana mu bwenge, imwe yakwibaruka mu bise+. 19  Aho Yehova abiboneye, yaciye abagaya+,Kubera umwikomo abahungu biwe n’abakobwa biwe bamuteye. 20  Ni kwo kuvuga ati: ‘Reka ndabahishe mu maso hanje+,Ndabe iherezo ryabo ryo hanyuma iryo ari ryo.Kuko ari iyaruka ry’ubugorame+,Abana batagira ubwizigirwa+. 21  Bobo banteje ishari imana y’imburakimazi+;Banteje akababaro ibigirwamana vyabo bitagira mvura+;Nanje nzobateza ishari abantu b’imburakimazi+;Nzobababaza nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+. 22  Kuko umuriro wadometswe mw’ishavu ryanje+Kandi uzoturira gushika mu kuzimu*, ahantu h’ibwina+,Kandi uzoyigiza isi n’umwimbu wayo+Kandi uzotongora imishinge y’imisozi+. 23  Nzokwongereza ivyago kuri bo+;Imyampi yanje nzoyimarira kuri bo+. 24  Bazoruhishwa n’inzara+, bamarwe n’inyonko iturira+N’agatikizo kabishe+.Kandi nzorungika kuri bo amenyo y’ibikoko+,N’ubwayi bw’ibinyogomba vyo mu mukungugu+. 25  Hanze inkota izobahekura+,Mu nzu na ho ugucika ivutu+,Ku musore no ku mwigeme w’isugi+,Ku wonka no ku mugabo w’imvi+. 26  Mba naravuze nti: “Nzobashwiragiza+,Nzotuma bataba bakivugwa mu bantu buntu*+,” 27  Iyo ntatinya umwikomo noterwa n’umwansi+,Ngo abarwanizi babo bahave babitahura ukutari kwo+,Ngo bavuge ngo: “Ukuboko kwacu ni kwo kwatsinze+,Kandi si Yehova yakoze ivyo vyose+.” 28  Kuko ari ihanga impanuro ipfana+,Akaba ata gutegera kuri muri bo+. 29  Ese iyo baba inkerebutsi+! Bari kubizirikana+.Bari kurimbura iherezo ryabo ryo hanyuma+. 30  Mbega umwe yokinagiza gute igihumbi,Babiri na bo bakomora ibihumbi cumi+,Gitandara cabo atabagurishije+,Yehova atabatanze? 31  Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu+,Mbere n’abansi bacu bakaba boruca+. 32  Kuko umuzabibu wabo uva ku muzabibu w’i SodomuNo ku mikobeko y’i Gomora+.Inzabibu zabo ni inzabibu z’ubumara,Imisoko yabo irarura+. 33  Umuvinyu wabo ni ubwayi bw’ibiyoka bininibininiUkaba n’ubumara bwica nabi bw’imvuvyi+. 34  Ivyo none ntibibitse iruhande yanje,Bikaba biriko ikidodo mu kigega canje+? 35  Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’ 36  Kuko Yehova azocira urubanza abantu biwe+Kandi azokwicuza ku bijanye n’abasavyi biwe+,Kuko azobona ko icishimikizo cazimanganyeHakaba hasigaye gusa uwutagira gitabara, uwutagira ico amaze. 37  Kandi ntazobura kuvuga ati: ‘Za mana zabo ziri hehe+,Ca gitandara barondeyemwo ubuhungiro+, 38  Zimwe zahora zirya ikinure c’ibimazi vyabo+,Zikanywa umuvinyu w’amashikanwa yabo y’ibinyobwa+?Nizihaguruke rero zibatabare+.Nizibabere ubwihisho+. 39  Ubu rero nimubone ko jewe ubwanje ndi we+Kandi nta zindi mana turi kumwe+.Ndica, nkabeshaho+.Narakomerekeje cane+, kandi ni jewe nzokiza+,Kandi nta wushikura mu kuboko kwanje+. 40  Kuko ntarika ukuboko kwanje mw’ijuru ndahira+,Nkavuga koko nti: “Ndahiye ukubaho kwanje kw’ibihe bidahera+,” 41  Ninaramuka nkarihije inkota yanje ica ibibatsi+,Kandi ukuboko kwanje kukifatira mu minwe urubanza+,Nzokwihora abarwanizi banje+Mpembe abanyanka bimwe bikaze+. 42  Nzoboreza imyampi yanje amaraso+,Inkota yanje na yo irye inyama+,Iborerwe amaraso y’abagandaguwe n’ay’imbohe,Iborerwe imitwe y’indongozi z’umwansi+.’ 43  Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+,Kuko azohōra amaraso y’abasavyi biwe+,Kandi azokwihora abarwanizi biwe+Kandi koko azotangira impongano* ubutaka bw’abantu biwe.” 44  Nuko Musa araza, avuga amajambo yose y’urwo ruririmbo abantu bumva+, we na Hosheya mwene Nuni+. 45  Musa arangije kubwira Isirayeli ayo majambo yose, 46  abandanya kubabwira ati: “Mushire imitima yanyu ku majambo yose ndababwiye ndababurira uno musi+, kugira mutegeke abana banyu kwitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko+. 47  Kuko atari ijambo ata co rimaze kuri mwebwe+; ahubwo ni ryo buzima bwanyu+, kandi biciye kuri ryo muzoshobora kurambira* ku butaka mugiye kujabuka Yorodani ngo mubwigarurire+.” 48  Yehova abwira Musa kuri uyo musi nyene ati: 49  “Duga kuri uyu musozi wa Abarimu+, umusozi Nebo+, uwuri mu gihugu ca Mowabu, urabana n’i Yeriko, urabe igihugu ca Kanani, ico ngiye guha bene Isirayeli ngo kibabere itongo bigabira+. 50  Uheze upfire kuri uyo musozi uduzeko, uhamvye abantu b’iwanyu+, nk’uko Aroni mwene wanyu yapfiriye ku musozi Horo+, agahamvya ab’iwabo; 51  kubera ko mutashikije ivyo mwategerezwa kungirira+ hagati ya bene Isirayeli kuri ya mazi y’i Meriba+ i Kadeshi mu gahinga ka Zini; kubera ko mutanyejeje hagati muri bene Isirayeli+. 52  Kuko ico gihugu uzokibonera kure, mugabo ntuzokwinjira muri nya gihugu ngira mpe bene Isirayeli+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Bisobanura ngo “Umugororotsi;” ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
Raba Inyongera ya 21.
Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Canke, “abantu bapfa.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “muzoshobora kurehura imisi yanyu.”