Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 31:1-30

31  Maze Musa aragenda, abarira aya majambo Isirayeli yose,  ababwira ati: “Uno musi mfise imyaka ijana na mirongo ibiri+. Ntibigikunda ko nza ndagenda nongera ngaruka+, kuko Yehova yambwiye ati: ‘Ntuzojabuka uru ruzi Yorodani+.’  Yehova Imana yawe ni we azojabuka imbere yawe+. Ubwiwe azozimanganya ayo mahanga imbere yawe, kandi utegerezwa kuyirukana+. Yosuwa ni we azojabuka imbere yawe+, nk’uko Yehova yavuze.  Kandi Yehova azoyagira nk’uko yagize Sihoni+ na Ogi+, ba bami batwara Abamori, n’igihugu cabo, hamwe yabazimanganya+.  Kandi Yehova yarayagabuye kuri mwebwe+, namwe mutegerezwa kuyagira nk’uko ibwirizwa ryose nabategetse riri+.  Mugire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntutinye canke ngo uranduke umutima imbere yabo+, kuko Yehova Imana yawe ari we agendana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere+.”  Nuko Musa ahamagara Yosuwa, amubwirira mu maso ya Isirayeli yose ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzokwinjiza aba bantu mu gihugu Yehova yarahiye ba sekuruza babo ko azobaha, kandi ubwawe uzokibaha bwa ntoranwa+.  Kandi Yehova ni we agendera imbere yawe. Ubwiwe azogumana nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.”  Maze Musa yandika iri tegeko+, ariha abaherezi bene Lewi+, abareruzi b’isandugu y’isezerano rya Yehova+, ariha n’abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli. 10  Nuko Musa abandanya kubategeka ati: “Uko haheze imyaka indwi, ku gihe cashinzwe c’umwaka w’uguheba imyenda+, ku musi mukuru w’insago+, 11  igihe Isirayeli yose izoza kuraba mu maso ha Yehova+ Imana yawe ahantu azotora+, uzosomera iri tegeko imbere ya Isirayeli yose, bose bumva+. 12  Koranya abantu+, abagabo n’abagore n’abana batoyi na kavamahanga wawe ari mu marembo yawe, kugira bumvirize no kugira bige+, kuko bategerezwa gutinya Yehova Imana yanyu+ kandi bakitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko. 13  Kandi abana babo ata co bamenye baze bumvirize+, bige gutinya Yehova Imana yanyu imisi yose muzoba muba ku butaka muriko murajabuka Yorodani ngo mubwigarurire+.” 14  Inyuma y’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Ehe imisi y’uko upfa iregereje+. Hamagara Yosuwa, muheze muhagarare mw’ihema ry’ihuriro, kugira ndamushinge igikorwa+.” Nuko Musa na Yosuwa baragenda, bahagarara mw’ihema ry’ihuriro+. 15  Maze Yehova aboneka kuri iryo hema mu nkingi y’igicu, hanyuma nya nkingi y’igicu itangura guhagarara ku bwinjiriro bw’ihema+. 16  Yehova rero abwira Musa ati: “Ehe ugira uryame hamwe na ba sogokuruza bawe+; kandi aba bantu ntibazobura guhaguruka+ bagashurashura n’imana z’inyamahanga z’igihugu bariko barajamwo+, hagati yabo nyene, kandi bazonta koko+ barenge kw’isezerano ryanje nagiranye na bo+. 17  Maze ishavu ryanje rizobarurumbira koko kuri uyo musi+, kandi sinzobura kubata+ no kubahisha mu maso hanje+, bacike ikintu co kuyigizwa. Bazotegerezwa gushikirwa n’ivyago vyinshi n’amarushwa menshi+, kandi kuri uyo musi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Mbega ibi vyago ntivyadushikiye kubera ko Imana yacu itari hagati yacu+?’ 18  Nayo jewe, nzohisha koko mu maso hanje kuri uyo musi kubera ibibi vyose bakoze, kuko bahindukiriye izindi mana+. 19  “Ubu rero nimwiyandikire uru ruririmbo+, urwigishe bene Isirayeli+. Rushire mu kanwa kabo kugira rumbere icabona co kwagiriza bene Isirayeli+. 20  Kuko nzobazana ku butaka narahiye ba sekuruza babo+, ubutaka butemba amata n’ubuki+, kandi bazorya vy’ukuri+ bahage, badohe+, hanyuma bahindukire baje ku zindi mana+, bazikorere koko nanje bangaye kandi barenge kw’isezerano ryanje+. 21  Kandi ivyago n’amarushwa menshi nivyabashikira+, uru ruririmbo rero ruzokwishura imbere yabo bwa cabona, kuko rudakwiye kwibagirwa mu kanwa k’uruvyaro rwabo, kuko nzi neza impengamiro+ bariko baratsimbataza uno musi imbere y’uko ndabajana mu gihugu narahiye.” 22  Nuko Musa yandika urwo ruririmbo kuri uyo musi, ngo arwigishe bene Isirayeli+. 23  Hanyuma atangura gushinga igikorwa Yosuwa mwene Nuni+, ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzokwinjiza bene Isirayeli mu gihugu nabarahiye+, kandi jewe ubwanje nzogumana nawe.” 24  Maze Musa akirangiza kwandika amajambo y’iri tegeko mu gitabu, ayahejeje+, 25  atangura gutegeka Abalewi, abareruzi b’isandugu y’isezerano rya Yehova+, ati: 26  “Muze mufate iki gitabu c’itegeko+, mugishire iruhande y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova Imana yanyu, kandi ng’aho kize kibe icabona kikwagiriza+. 27  Kuko jewe nzi neza ubugarariji bwawe+ n’izosi ryawe ridadaraye+. Aho mwarinze mugarariza Yehova+ nkiri muzima kumwe namwe uno musi, hari akantu ninamara gupfa! 28  Koraniriza hambavu yanje abagabo bose b’inararibonye b’imiryango yanyu n’abarongozi banyu+, mpeze mvuge aya majambo bumva, ntange amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza+. 29  Kuko nzi neza yuko ninamara gupfa mutazobura kwikwegera guhona+, kandi ntimuzobura gukevya mukava mu nzira nabategetse; kandi ivyago+ ntibizogenda bitabashikiye ku mpera y’imisi, kuko muzokora ibibi mu maso ya Yehova kugira mumubabarishe ibikorwa vy’amaboko yanyu+.” 30  Maze Musa atangura kuvuga ishengero ryose rya Isirayeli ryumva, avuga amajambo y’uru ruririmbo gushika ayahejeje+:

Amakuru yiyongereye