Gusubira mu vyagezwe 30:1-20
30 “Kandi aya majambo yose niyagushikako, umuhezagiro+ n’umuvumo+, ivyo nashize imbere yawe, maze ukavyibuka mu mutima wawe+ uri mu mahanga yose Yehova Imana yawe yagushwiragirijemwo+,
2 hanyuma ukagaruka kuri Yehova Imana yawe+ kandi ukumviriza ijwi ryiwe wisunze ivyo ndagutegetse uno musi, wewe n’abana bawe, ukabigira n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+,
3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.
4 Naho abantu bawe bashwiragiye bazoba bari ku mpera y’amajuru, Yehova Imana yawe azokwegeranya, agukureyo+.
5 Yehova Imana yawe azokuzana koko mu gihugu ba so bigaruriye, kandi uzocigarurira ata kabuza; kandi azokugirira neza koko yongere akugwize kuruta ba so+.
6 Kandi Yehova Imana yawe azobwirizwa kugenyera umutima wawe+ n’umutima w’uruvyaro rwawe+, kugira ukunde Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose, ku bw’ubuzima bwawe+.
7 Kandi Yehova Imana yawe azoshira koko izi ndahiro zose ku bansi bawe no ku bakwanka, abaguhamye+.
8 “Nayo weho, uzohindukira wumvirize koko ijwi rya Yehova kandi ushitse amabwirizwa yiwe yose ndagutegetse uno musi+.
9 Kandi Yehova Imana yawe azotuma koko ugira umurengera mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+, mu camwa c’inda yawe n’icamwa c’ibitungwa vyawe+ n’icamwa c’ubutaka bwawe+, bitume utunganirwa+; kuko Yehova azokwongera kukwiratira akugirire neza, nk’uko yiratiye ba sogokuruza bawe+;
10 kuko uzoba wumvirije ijwi rya Yehova Imana yawe ku buryo ushitsa amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe vyanditse muri iki gitabu c’itegeko+, kuko uzoba wagarutse kuri Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+.
11 “Kuko iri bwirizwa ndagutegetse uno musi atari amananiza kuri wewe, canke ngo ribe kure cane+.
12 Ntiriri mu majuru, ku buryo umuntu yovuga ngo: ‘Ni nde azotudugira mu majuru akarituzanira, ngo aritwumvishe, natwe turishitse+?’
13 Nta n’ubwo riri hakurya y’ikiyaga, ku buryo umuntu yovuga ngo: ‘Ni nde azotujabukira hakurya y’ikiyaga akarituzanira, ngo aritwumvishe, natwe turishitse?’
14 Kuko iryo jambo riri hafi yawe rwose, mu kanwa kawe no mu mutima wawe+, ngo urishitse+.
15 “Raba, nshize imbere yawe uno musi ubuzima n’iciza, urupfu n’ikibi+.
16 Niwumviriza amabwirizwa ya Yehova Imana yawe, ayo ndagutegetse uno musi, ku buryo ukunda Yehova Imana yawe+, ukagendera mu nzira ziwe kandi ugashitsa amabwirizwa yiwe+ n’ivyagezwe vyiwe n’ingingo ziwe z’ubutungane+, ntuzobura rero kubaho+ no kugwira, kandi Yehova Imana yawe ntazobura kuguhezagira mu gihugu ugiye kwigarurira+.
17 “Mugabo umutima wawe niwakevya kandi wewe ntiwumvirize+, ukaryosharyoshwa koko ukunamira izindi mana, ukazikorera+,
18 ndababwije ukuri uno musi yuko muzoyogera ata kabuza+. Ntimuzorambira* ku butaka uriko urajabuka Yorodani ngo ubwigarurire.
19 Uno musi ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza+, yuko nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu+, umuhezagiro+ n’umuvumo+; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho+, wewe n’uruvyaro rwawe+,
20 mu gukunda Yehova Imana yawe+, mu kwumviriza ijwi ryiwe no mu kumata kuri we+; kuko ari we buzima bwawe n’uburebure bw’imisi yawe+, kugira ube ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+.”
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “Ntimuzorehura imisi yanyu.”