Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 3:1-29

3  “Maze turahindukira, tudugana inzira ya Bashani. Ogi+ umwami wa Bashani aca arasohoka, we hamwe n’abantu biwe bose, aza guhura natwe mu rugamba i Edireyi+.  Yehova ni ko kumbwira ati: ‘Ntumutinye+, kuko ntazobura kumutanga mu kuboko kwawe, we n’abantu biwe bose n’igihugu ciwe; uze umugirire nk’uko wagiriye Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni.’  Nuko Yehova Imana yacu atanga mu kuboko kwacu na Ogi nyene umwami wa Bashani n’abantu biwe bose, tuguma tubasasika gushika n’aho atagira n’umwe asigara acitse kw’icumu+.  Ico gihe nyene dufata ibisagara vyiwe vyose. Nta gisagara na kimwe tutabatse: ibisagara mirongo itandatu+, akarere kose ka Arugobu+, ubwami bwa Ogi i Bashani+.  Ivyo vyose vyari ibisagara bikingijwe ibihome birebire, imiryango n’ibihindizo, uretse ibisagara vyinshi cane vyo hagati mu gihugu.  Ariko twarabitikije+ nk’uko twari twagiriye Sihoni umwami wa Heshiboni, mu gutikiza ibisagara vyose, abagabo, abagore n’abana batoyi+.  Kandi ibitungwa vyose be n’iminyago yo mu bisagara twarabitwaye bwa sahu ryacu+.  “Ico gihe nyene dukura igihugu mu kuboko kwa ba bami babiri batwara Abamori+ bari mu karere ka Yorodani, kuva ku mwonga wa Arunoni+ gushika ku musozi Herumoni+;  (Abanyasidoni bahora bita Herumoni Siriyoni+, Abamori na bo bakahita Seniri+,) 10  ibisagara vyose vyo mu matāba na Gileyadi yose na Bashani yose gushika i Saleka+ n’i Edireyi+, ibisagara vy’ubwami bwa Ogi i Bashani. 11  Kuko Ogi, umwami wa Bashani, ari we gusa yasigaye mu masigarira y’Abarefayimu+. Mbere inderuzo yiwe yari iy’icuma. Mbega ntiri i Raba+ ha bene Amoni? Uburebure bwayo ni amatambwe* icenda, ubwaguke bwayo na bwo amatambwe ane, kw’itambwe ry’umugabo. 12  Nuko ico gihe nyene twigarurira iki gihugu. Kuva i Aroweri+, ahari iruhande y’umwonga wa Arunoni, n’ica kabiri c’akarere k’imisozi ka Gileyadi, n’ibisagara vyaho, nahahaye Abarubeni n’Abagadi+. 13  Maze ahasigaye kuri Gileyadi+ na Bashani+ yose y’ubwami bwa Ogi ndahaha igice c’umuryango wa Manase. Akarere kose ka Arugobu+ h’i Bashani hose, mbega ntikitwa igihugu c’Abarefayimu+? 14  “Yayiri+ mwene Manase afata akarere kose ka Arugobu+ gushika ku rubibe rw’Abageshuri+ n’Abamayakati+, hanyuma ivyo bigwati vya Bashani avyita Havoti-yayiri+ afatiye kw’izina ryiwe, gushika n’uyu musi. 15  Makiri+ na we namuhaye Gileyadi+. 16  Abarubeni+ n’Abagadi na bo nabahaye kuva i Gileyadi+ gushika ku mwonga wa Arunoni, hagati na hagati mu mwonga hakaba ari rwo rubibe, no gushika i Yaboki, umwonga w’urubibe rwa bene Amoni+; 17  na Araba na Yorodani n’umupaka, kuva i Kinereti+ gushika ku kiyaga co muri Araba, ikiyaga c’Umunyu+, ku mucamo w’imimanuko ya Pisiga+ amaja i burasirazuba. 18  “Nuko ico gihe nyene ndabategeka, nti: ‘Yehova Imana yanyu abahaye iki gihugu ngo mucigarurire. Muzojabuka imbere ya bene wanyu, bene Isirayeli, mufise ibikoresho bikwiye, mwese abagabo b’intwari+. 19  Abagore banyu n’abana banyu batoyi n’ibitungwa vyanyu gusa (ndazi neza ko mufise ibitungwa vyinshi) ni vyo bizoguma biba mu bisagara vyanyu nabahaye+, 20  gushika Yehova ahaye bene wanyu akaruhuko, na mwebwe nyene, emwe, gushika na bo nyene bamaze kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe hakurya ya Yorodani. Inyuma y’ivyo muzogaruka, umwe wese ahantu hiwe yiganzira, aho nabahaye+.’ 21  “Hanyuma ico gihe nyene ntegeka Yosuwa+, nti: ‘Amaso yawe aribonera ibintu vyose Yehova Imana yanyu yagiriye abo bami babiri. Ukwo nyene ni ko Yehova azogirira ubwami bwose uriko urajabuka ujamwo hariya+. 22  Ntimubatinye, kuko Yehova Imana yanyu ari We abarwanira+.’ 23  “Maze ico gihe nyene ndatakamba nsaba ubutoni kuri Yehova, nti: 24  ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, wewe ubwawe ni we watanguye kwereka umusavyi wawe ubukuru bwawe+ n’ukuboko kwawe+ gukomeye, kuko, ni nde mana mu majuru canke kw’isi ikora ibikorwa nk’ivyawe n’ibikorwa vy’ubushobozi nk’ivyawe+? 25  Ndeka njabuke, ndakwinginze, mbone ico gihugu ciza+ kiri hakurya ya Yorodani, ako karere keza k’imisozi+ na Libani+.’ 26  Yehova abandanya kundakira kubera mwebwe+, ntiyanyumviriza. Mugabo Yehova ambwira ati: ‘Ivyawe biramaze! Ntihagire ico usubira kumbwira kuri ico kintu. 27  Duga kw’isonga rya Pisiga+ uraramurire amaso yawe mu burengero, no mu buraruko, no mu bumanuko, no mu buseruko, urabe n’amaso yawe, kuko utazojabuka uru ruzi Yorodani+. 28  Kandi shinga igikorwa+ Yosuwa, umuremeshe wongere umukomeze, kuko ari we azojabuka+ imbere y’aba bantu, kandi ni we azotuma batorana igihugu uza kubona+.’ 29  Ico gihe cose twaba mu mubande imbere ya Beti-peyori+.

Amakuru yiyongereye

Ni itambwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora. Ni nka cm 44,5.