Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 28:1-68

28  “Kandi niwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yawe mu kuba maso ugashitsa amabwirizwa yiwe yose ndagutegetse uno musi+, Yehova Imana yawe rero ntazobura kugushira hejuru y’ayandi mahanga yo kw’isi+.  Iyi mihezagiro yose izokuzako iguhamvye+, kuko uguma wumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe:  “Uzohezagirwa mu gisagara+, uhezagirwe no mu mitumba+.  “Hazohezagirwa icamwa c’inda yawe+, n’umwimbu w’ubutaka bwawe, n’icamwa c’ibitungwa vyawe+, n’imitavu y’inka zawe, n’uruvyaro rw’umukuku wawe+.  “Hazohezagirwa igisimbo cawe+ n’igikono cawe c’ugucumba+.  “Uzohezagirwa winjiye, uhezagirwe usohotse+.  “Yehova azotuma abansi bawe baguhagurukiye batsindirwa imbere yawe+. Bazozanana inzira imwe baje kugutera, bajane inzira indwi baguhunga+.  Yehova azotegeka umuhezagiro uze ku bubiko bwawe bw’ibifungurwa+ no ku migambi yawe yose+, kandi azoguhezagira koko mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe.  Yehova azogushimangira umubere igisata ceranda+, nk’uko yabikurahiye+, kuko ubandanya kugumya amabwirizwa+ ya Yehova Imana yawe, kandi ukaba wagendeye mu nzira ziwe. 10  Kandi ibisata vyose vy’abantu vyo kw’isi ntibizobura kubona ko witirirwa izina rya Yehova+, kandi bizogutinya koko+. 11  “Yehova kandi azoguha koko ugutunganirwa gusesekaye mu camwa c’inda yawe+, no mu camwa c’ibitungwa vyawe, no mu camwa c’ubutaka bwawe+, ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe ko azoguha+. 12  Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+. 13  Yehova azoguherereza ku mutwe, ntazoguherereza ku murizo; kandi uzoja hejuru gusa+, ntuzoja hasi, kuko uguma ugamburuka amabwirizwa+ ya Yehova Imana yawe, ayo ndagutegetse uno musi ngo uyubahirize, uyashitse. 14  Ntuze ukebereze iburyo canke ibubamfu+ ngo uve ku majambo yose ndabategetse uno musi, ngo ugendere inyuma y’izindi mana, ngo uzikorere+. 15  “Kandi nutumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe mu kwitwararika gushitsa amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi, iyi mivumo yose rero izokuzako, iguhamvye+: 16  “Uzovumwa mu gisagara+, uvumwe no mu mitumba+. 17  “Hazovumwa igisimbo cawe+ n’igikono cawe c’ugucumba+. 18  “Hazovumwa icamwa c’inda yawe+, n’icamwa c’ubutaka bwawe+, imitavu y’inka zawe, n’uruvyaro rw’umukuku wawe+. 19  “Uzovumwa winjiye, uvumwe usohotse+. 20  “Yehova azokurungikako umuvumo+, umuvurungano+ n’igihano+ mu migambi yawe yose ugerageza kurangura, gushika uzimanganijwe ugahona bidatevye, kubera ububi bw’ingeso zawe, kuko wantaye+. 21  Yehova azotuma ikiza kikwumirako gushika agutikije ku butaka uriko urajamwo ngo ubwigarurire+. 22  Yehova azoguteza igituntu+, n’inyonko iturira, n’ubuvyimbe, n’umururumbo, n’inkota+, n’ukubabuka kw’ibirimwa+ be n’ururyi+, bikwomeko gushika uherengeteye. 23  Amajuru yawe yo hejuru y’umutwe wawe azocika nk’ubutare bw’umujumpu, isi iri munsi yawe na yo icike nk’icuma+. 24  Yehova azotanga intumo n’umukungugu bibe yo mvura y’igihugu cawe. Izokugwako ivuye mu majuru gushika uzimanganijwe. 25  Yehova azotuma utsindwa imbere y’abansi bawe+. Uzojana inzira imwe ugiye kubatera, ujane inzira indwi ubahunga. Kandi uzocika akumiza ku bwami bwose bwo kw’isi+. 26  Umuvyimba wawe uzocika ivyo kurya vy’ibiguruka vyose vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, ata n’umwe abijugumiza+. 27  “Yehova azoguteza vya bihute vyo mu Misiri+, n’ibivyimba*, n’intuta, n’ibiturika, ivyo utazoshobora gukira. 28  Yehova azoguteza ibisazi+, n’uruhumyi+, n’ukuzazanirwa mu mutima+. 29  Uzogenda urakabakaba ku mutaga, nka kurya impumyi ikabakaba mu muzimagiza+, kandi ntuzotuma inzira zawe ziroranirwa; uzocika gusa uwama agungwa kandi yamburwa, ata wuri bugukize+. 30  Uzoresha umugore, uwundi mugabo amushurashuze ku nguvu+. Uzokwubaka inzu, ariko ntuzoyibamwo+. Uzotera umurima w’imizabibu, ariko ntuzonatangura kuwikorako+. 31  Ishūri yawe izokererwa ubona, ariko ntuzoyiryako na gatoyi. Indogobwa yawe izokwamburwa ubona, ariko ntizogaruka kuri wewe. Intama yawe izohabwa abansi bawe, ariko nta wuzogukiza+. 32  Abahungu bawe n’abakobwa bawe bazohabwa ikindi gisata+ amaso yawe avyitegereza, yame yipfuza kubabona, ariko amaboko yawe ata co ari bushobore+. 33  Icamwa c’ubutaka bwawe n’umwimbu wawe wose bizoribwa n’abantu utamenye+; uzocika gusa uwama agungwa kandi akandamizwa+. 34  Kandi uzosarishwa koko n’ivyo amaso yawe azoba abonye+. 35  “Yehova azoguteza ibihute bikaze ku mavi yompi no ku maguru yompi, ivyo utazoshobora gukira, kuva mu bworo bw’ikirenge gushika mu rutwariro+. 36  Yehova azogushorera+, wewe n’umwami+ uzoba wimitse ngo akuganze, uje mw’ihanga utamenye, yaba wewe canke ba sogokuruza bawe; kandi hiyo uzokorera izindi mana, z’ibiti n’amabuye+. 37  Uzocika akajoreza+, iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose Yehova azokujanamwo. 38  “Uzojana imbuto nyinshi mu murima, ariko wimbure duke+, kuko inzige zizobiyogeza+. 39  Uzotera imirima y’imizabibu kandi uyikorere koko, mugabo nta muvinyu uzonywa canke ngo hagire ico usarura+, kuko urunyo ruzobirigata+. 40  Uzogira ibiti vy’imyelayo mu karere kawe kose, ariko nta mavuta uzokwisiga, kuko imyelayo yawe izotibagurika+. 41  Uzovyara abahungu n’abakobwa, mugabo ntibazoguma ari rwawe, kuko bazoja kugirwa imbohe+. 42  Ibiti vyawe vyose be n’icamwa c’ubutaka bwawe bizokwigarurirwa n’udukoko tuduma. 43  Kavamahanga aba hagati yawe azoguma arushiriza kuduga aja hejuru yawe, ariko weho, uzoguma urushiriza kumanuka uja hasi+. 44  Ni we azoguha ingurane, ariko weho, ntuzomuha ingurane+. Azoba umutwe, ariko weho ube umurizo+. 45  “Kandi iyo mivumo yose+ izokuzako koko, ikwomeko, iguhamvye, gushika uzimanganijwe+, kuko utumvirije ijwi rya Yehova Imana yawe mu kugumya amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe yagutegetse+. 46  Kandi izoguma kuri wewe no ku ruvyaro rwawe bwa kimenyetso n’imburizi gushika igihe kitagira urugero+, 47  bitumwe n’uko utakoreye Yehova Imana yawe n’umunezero n’akanyamuneza+ ko mu mutima kubera ubwinshi wagize muri vyose+. 48  Uzobwirizwa gukorera abansi bawe+, abo Yehova azorungika kugutera, ubakorere n’inzara+ n’inyota kandi uri gusa, ukenye vyose. Kandi azokuremeka ingǒgo y’icuma kw’izosi gushika akuzimanganije+. 49  “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+, 50  ihanga rifise mu maso hakaze+, ritagira nkunzi ku mutama canke ngo rigirire ubutoni umusore+. 51  Kandi bazorya koko icamwa c’ibitungwa vyawe n’icamwa c’ubutaka bwawe gushika uzimanganye+, kandi nta rutete, nta muvinyu mushasha canke amavuta, nta mutavu w’inka zawe canke uruvyaro rw’umukuku wawe bazogusigariza gushika bakuranduye+. 52  Kandi bazokwugariza mu marembo yawe yose gushika impome zawe ndende kandi zikomejwe wari wizigiye zitemvye mu gihugu cawe cose; emwe, bazokwugariza mu marembo yawe yose ari mu gihugu cawe cose Yehova Imana yawe yaguhaye+. 53  Maze uzobwirizwa kurya icamwa c’inda yawe, inyama z’abahungu bawe n’abakobwa bawe+ Yehova Imana yawe yaguhaye, bitewe n’ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza. 54  “Nayo umugabo wo muri wewe yorohewe kandi yadibamye, azoraba ribi+ mwene wabo, n’umugore wiwe yakunda cane n’abasigaye mu bana azoba asigaranye, 55  kugira ntihagire n’umwe aha na gatoyi ku nyama z’abana biwe azorya, kuko ata kintu namba azoba asigaranye kubera ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza mu marembo yawe yose+. 56  Nayo umugore wo muri wewe yorohewe kandi yadibamye, atigeze ahirahira ngo akoze hasi ubworo bw’ikirenge ciwe kubera yamenyereye kudibama no kubera ukworoherwa+, azoraba ribi umugabo wiwe yakunda cane n’umuhungu wiwe n’umukobwa wiwe, 57  mbere n’ingovyi yiwe isohoka iva hagati y’amaguru yiwe, n’abahungu biwe yavyaye+, kuko azobarira mu kinyegero bitumwe n’uko akenye vyose kubera ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza mu marembo yawe+. 58  “Nutitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko yanditse muri iki gitabu+ ngo utinye iri zina rininahaye+ kandi riteye ubwoba+, ari ryo Yehova+, Imana yawe, 59  Yehova rero ntazobura gutuma ivyago vyawe n’ivyago vy’uruvyaro rwawe biba ibisesereza cane, ivyago bikomeye kandi vy’igihe kirekire+, n’indwara zibabaza kandi z’igihe kirekire+. 60  Kandi koko azogarukana kuri wewe za ndwara zose zo mu Misiri waraba ugatinya, kandi zizokwomako vy’ukuri+. 61  Vyongeye, indwara yose n’icago cose bitanditse mu gitabu c’iri tegeko, Yehova azobizana kuri wewe gushika uzimanganijwe. 62  Kandi koko muzosigara muri imparurwa+, naho mwacitse nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+, kuko utumvirije ijwi rya Yehova Imana yawe. 63  “Kandi nk’uko nyene Yehova yahimbawe no kubakorera ivyiza no kubagwiza+, ni ko Yehova azohimbarwa no kubarandura no kubazimanganya+; muzorandurwa ku butaka mugiye kwigarurira+. 64  “Kandi Yehova azogusanzaza mu bisata vyose vy’abantu kuva ku mpera imwe y’isi gushika ku yindi+, kandi hiyo uzobwirizwa gukorera izindi mana utamenye, yaba wewe canke ba sogokuruza bawe, z’ibiti n’amabuye+. 65  Kandi muri ayo mahanga nta gahengwe uzoronka+, eka nta n’ahantu na hamwe h’ukuruhukira ubworo bw’ikirenge cawe buzoronka; kandi hiyo Yehova azoguha koko umutima ujugumira+, ukugwabira kw’amaso+, n’umwiheburo w’umutima. 66  Kandi ubuzima bwawe buzoba mu kaga gahebuje, wame mu bwoba ijoro n’umurango, kandi wamanire impungenge ubuzima bwawe+. 67  Bukeye uzovuga uti: ‘Icompa bukira!’, bwije na ho uti: ‘Icompa bugaca!’, kubera ubwoba bwo mu mutima wawe buzoba bugutekeye, no kubera ivyo uzobona n’amaso yawe+. 68  Kandi Yehova azogusubiza mu Misiri mu meri agucishije muri ya nzira nakubwira nti: ‘Ntuzopfa usubiye kuyibona+,’ kandi hiyo muzobwirizwa kwigurisha ku bansi bawe ngo mube abashumba n’abasukukazi+, ariko nta muguzi azoboneka.”

Amakuru yiyongereye

Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.