Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 27:1-26

27  Maze Musa, ari kumwe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, abandanya gutegeka abantu ati: “Haze hubahirizwe ibwirizwa ryose ndabategetse uno musi+.  Kandi umusi muzojabuka Yorodani+ mwinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, uze wishingire amabuye maninimanini, uyasige ishwagara.  Uze uyandikeko amajambo yose y’iri tegeko+ niwamara kujabuka+, kugira winjire mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, igihugu gitemba amata n’ubuki, wisunze ivyo Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yakubwiye+.  Kandi nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+, nk’uko ndabategetse uno musi, uyasige ishwagara+.  Uze uhubakire igicaniro Yehova Imana yawe, igicaniro c’amabuye. Ntuze uyakozeko igikoresho c’icuma+.  Ico gicaniro ca Yehova Imana yawe uze ucubakishe amabuye ari uko yakabaye, uheze ugishikanireko Yehova Imana yawe amashikanwa aturirwa+.  Kandi utegerezwa gushikana ibimazi vy’ugusangira+, ubirire ng’aho+, kandi utegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yawe+.  Utegerezwa kwandika kuri ayo mabuye amajambo yose y’iri tegeko+, ku buryo asomeka neza+.”  Maze Musa n’abaherezi, Abalewi, babwira Isirayeli yose bati: “Cereza wumvirize, ewe Isirayeli. Uyu musi ucitse igisata ca Yehova Imana yawe+. 10  Kandi utegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe ugashitsa amabwirizwa yiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+ ndagutegetse uno musi.” 11  Nuko kuri uwo musi Musa abandanya gutegeka abantu ati: 12  “Aba ni bo bazohagarara ngo bahezagire abantu ku musozi Gerizimu+ nimwamara kujabuka Yorodani: Simeyoni na Lewi na Yuda na Isakari na Yozefu na Benyamini. 13  Aba na bo ni bo bazohagarara ku bwo gutanga umuvumo+ ku musozi Ebali+: Rubeni, Gadi na Asheri na Zebuloni, Dani na Nafutali. 14  Kandi Abalewi baze bishure, babwire abantu bose bo muri Isirayeli n’ijwi rirenga+, bati: 15  “‘Aravumwe umuntu akora igishusho c’ikibazano+ canke igishushanyo mu cuma gishongeshejwe+, ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, ikintu gikozwe n’amaboko y’umuhinguzi w’ibiti n’ivyuma+, akagishira ahihishije.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen+!’) 16  “‘Aravumwe umuntu akengera se canke nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 17  “‘Aravumwe umuntu yigiza inyuma akarimbi ka mugenziwe+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 18  “‘Aravumwe umuntu azimiza impumyi mu nzira+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 19  “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 20  “‘Aravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba yambuye impuzu* se+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 21  “‘Aravumwe umuntu aryamana n’igikoko ico ari co cose+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 22  “‘Aravumwe umuntu aryamana na mushikiwe, umukobwa wa se canke wa nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 23  “‘Aravumwe umuntu aryamana na inabukwe+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 24  “‘Aravumwe umuntu akubita mugenziwe agapfa yabanje kumwinyegeza+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 25  “‘Aravumwe umuntu yemera igiturire kugira akubite umuntu apfe, kandi ari amaraso y’intungane+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 26  “‘Aravumwe umuntu atazoshira mu ngiro amajambo y’iri tegeko mu kuyashitsa+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”