Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 26:1-19

26  “Niwateba ukinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa, umaze kucigarurira ukakibamwo+,  uze utore bikeyi ku mushuzo+ w’ivyamwa vyose vy’ubutaka, ivyo uzokwimbura mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, uheze ubishire mu gisimbo hanyuma uje ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+.  Uzoze ku muherezi+ azoba akora muri iyo misi, umubwire uti: ‘Ndamenyesheje uno musi Yehova Imana yawe yuko ninjiye mu gihugu Yehova yarahiye ba sogokuruza ko azokiduha+.’  “Umuherezi na we aze yakire nya gisimbo mu kuboko kwawe, agitereke imbere y’igicaniro ca Yehova Imana yawe.  Nawe uze wishure, uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: ‘Dawe yari Umusiriya+ ari ku mpfiro; maze amanuka mu Misiri+, abayo ari kavamahanga ari kumwe n’abantu b’imparurwa+; mugabo hiyo yacitse ihanga rihambaye, rikomeye kandi ry’abantu benshi+.  Maze Abanyamisiri batangura kudufata nabi no kuducumukuza no kuturemereza ubushumba buruhije+.  Nuko dutangura kuririra Yehova Imana ya ba sogokuruza+, Yehova na we yumva ijwi ryacu+ araheza araba amarushwa yacu n’ivyago vyacu n’agahahazo turimwo+.  Amaherezo Yehova adukuza mu Misiri ikiganza gikomeye+, n’ukuboko kuramvuye+, n’ububasha bukomeye kandi buteye ubwoba+, n’ibimenyetso be n’ibitangaro+.  Maze atuzana aha hantu aduha iki gihugu, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 10  None ehe nzanye umushuzo w’ivyamwa vy’ubutaka Yehova yampaye+.’ “Utegerezwa rero kubitereka imbere ya Yehova Imana yawe, uheze wuname imbere ya Yehova Imana yawe+. 11  Kandi utegerezwa kunezererwa+ ivyiza vyose Yehova Imana yawe yaguhaye wewe n’urugo rwawe, n’Umulewi na kavamahanga ari hagati yawe+. 12  “Niwaheza kwegeranya ic’icumi+ cose c’umwimbu wawe mu mwaka ugira gatatu+, umwaka w’ic’icumi, uze rero ugihe Umulewi, kavamahanga, impfuvyi n’umupfakazi, na bo baze bakirire mu marembo yawe bahage+. 13  Maze uze uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: ‘Nakuye mu nzu ivyeranda ndaheza ndabiha Umulewi na kavamahanga, impfuvyi n’umupfakazi+, nisunze ibwirizwa ryawe ryose wantegetse. Sinahonyanze amabwirizwa yawe, canke ngo ndayibagire+. 14  Sinabiriyeko ndi mu kigandaro, canke ngo nkureko na gatoyi mpumanye, canke ngo ntangeko na gatoyi ku bw’uwapfuye. Narumvirije ijwi rya Yehova Imana yanje. Nakoze nisunze ivyo wantegetse vyose. 15  Nurabe hasi uri aho uba heranda+, ari ho mu majuru, uhezagire igisata cawe Isirayeli+ n’ubutaka waduhaye, nk’uko warahiye ba sogokuruza bacu+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.’ 16  “Uyu musi Yehova Imana yawe agutegetse gushitsa izi ngingo nyobozi n’izi ngingo z’ubutungane+; kandi utegerezwa kuzubahiriza no kuzishitsa n’umutima wawe wose+ n’ubuzima bwawe bwose+. 17  Uno musi Yehova umuteye kuvuga ko azocika Imana yawe, niwagendera mu nzira ziwe, ukubahiriza ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe+ n’ingingo ziwe z’ubutungane+, ukongera ukumviriza ijwi ryiwe+. 18  Yehova na we uno musi aguteye kuvuga ko uzocika igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, nk’uko yabigusezeraniye+, be n’uko uzokwubahiriza amabwirizwa yiwe yose, 19  kandi ko azogushira hejuru cane y’ayandi mahanga yose yaremye+, bivemwo ishemezo, izina ryiza n’ubwiza, niwerekana ko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+, nk’uko yasezeranye.”

Amakuru yiyongereye