Gusubira mu vyagezwe 25:1-19
25 “Nihaduka amatati hagati y’abantu+, hanyuma bakarenguka gucirwa urubanza+, baze babacire urubanza, umugororotsi bavuge ko ari umugororotsi, umubisha na we ko ari umubisha+.
2 Nimba nya mubisha akwiye gukubitwa+, umucamanza aze ategeke ko aryama yubitse inda, akubitirwe imbere yiwe igitigiri c’inkoni+ gihuye n’igikorwa ciwe c’ububisha.
3 Ashobora kumukubita inkoni mirongo ine. Ntaze arenzeko n’imwe, kugira ntabandanye kumukubita inkoni nyinshi zirenze izo+, mwene wanyu agateterezwa mu maso yawe.
4 “Ntukarumye umunwa w’ishūri iyo iriko irakubita ibinyantete+.
5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+.
6 Imfura azovyara ize itware izina rya mwene wabo yapfuye+, kugira izina ryiwe ntirihanagurike muri Isirayeli+.
7 “Ariko nimba nya mugabo adahimbawe no gutwara umupfakazi asigwa na mwene wabo, uyo mupfakazi aze aduge rero kw’irembo ahari abagabo b’inararibonye+, avuge ati: ‘Mwene wabo n’umugabo wanje yanse kuzigama izina rya mwene wabo muri Isirayeli. Ntiyemeye kuncūra.’
8 Abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo na bo baze bamuhamagare bavugane na we, na we aheze ahagarare avuge ati: ‘Sinahimbawe no kumutwara+.’
9 Kuri ivyo nya mupfakazi aze amwegere mu maso y’abagabo b’inararibonye, amwambure inkweto* ku kirenge+ aheze amucire mu maso+, asubizeyo ati: ‘Ukwo ni ko umugabo yanse kwubaka urugo rwa mwene wabo azogirirwa+.’
10 Maze izina bazomwita muri Isirayeli, rize ribe: ‘Inzu y’uwambuwe inkweto.’
11 “Abagabo nibarwana, maze umugore w’umwe akegera kugira akize umugabo wiwe ukuboko kw’uwuriko aramukubita, agatuma ukuboko kwiwe agacakira nya mugabo ku bihimba vy’irondoka+,
12 uze umuce igikonjo. Ijisho ryawe ntirize ryumve akagongwe+.
13 “Ntuze ugire mw’isaho yawe ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima+, rinini na ritoyi.
14 Ntuze ugire mu nzu yawe ubwoko bubiri bw’ingero za efa+, nini na ntoyi.
15 Uze ugume ufise ibuye ry’umunzane ritabesha kandi ry’ukuri. Uze ugume ufise ingero ya efa itabesha kandi y’ukuri, kugira imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+.
16 Kuko uwukora ivyo bintu wese, uwugira ivy’akarenganyo wese, ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe+.
17 “Haze hibukwe ivyo Amaleki yakugiriye mu nzira igihe wariko urava mu Misiri+,
18 ingene yagusanze mu nzira, agakubita mu ruhande rwawe rw’inyuma abagenda bagozēra inyuma yawe bose, mu gihe wari urushe, urambiwe; kandi ntiyatinye Imana+.
19 Maze Yehova Imana yawe niyamara kukuruhura abansi bawe bose hirya no hino mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa ngo ucigarurire+, uze uhanagure Amaleki ntibe ikivugwa munsi y’amajuru+. Ntuze wibagire.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “isandali.”