Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 23:1-25

23  “Nta mugabo yakonywe+ mu gufyonyorwa amatengatwa+ canke yacitse igihimba c’irondoka ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.  “Nta mwana w’ikivyarwa+ ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova. Mbere no gushika kw’iyaruka rigira icumi, mu biwe nta n’umwe ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.  “Nta Mwamoni canke Umunyamowabu ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova+. Mbere no gushika kw’iyaruka rigira icumi, mu babo nta n’umwe ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova, gushika igihe kitagira urugero,  kuko bataje kubatabaza+ umukate n’amazi mu nzira igihe mwari muvuye mu Misiri+, no kubera bahereye Balamu mwene Beyori w’i Petori h’i Mezopotamiya ngo ahamagarire akabi kuri wewe+.  Yehova Imana yawe ntiyashatse kwumviriza Balamu+. Mugabo Yehova Imana yawe yahinduye uyo muvumo umuhezagiro ku bwawe+, kuko Yehova Imana yawe yagukunze+.  Ntuze ukore urondera amahoro yabo canke ugutunganirwa kwabo, imisi yawe yose gushika igihe kitagira urugero+.  “Ntuze wanke Umwedomu urunuka, kuko ari mwene wanyu+. “Ntuze wanke Umunyamisiri urunuka, kuko wacitse kavamahanga mu gihugu ciwe+.  Abana bovuka kuri bo b’iyaruka rigira gatatu bobo boshobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.  “Niwasohoka gushinga ikambi kugira urwanye abansi bawe, utegerezwa kwirinda ikintu kibi cose+. 10  Muri wewe nihagira umugabo ataguma ari uwudahumanye, bivuye ku buhumane buza mw’ijoro+, ategerezwa kuja hanze y’ikambi. Ntashobora kwinjira mw’ikambi+. 11  Kandi uku ni ko bitegerezwa kugenda: bugorovye aze yiyoge n’amazi, izuba rirenze na ho ashobore kwinjira mw’ikambi+. 12  Uze wame ufise ahantu hiherereye ho kwifashisha, hanze y’ikambi, abe ari ho uza uraja. 13  Kandi uze wamane urumambo wifashisha kumwe n’ibikoresho vyawe, maze niwasutama ku gahinga ngo witabare, uze urwimbishe ikinogo hanyuma uhindukire upfuke umwanda wawe mukuru+. 14  Kuko Yehova Imana yawe agendagenda mw’ikambi yawe kugira akurokore+ no kugira agabure abansi bawe mu kuboko kwawe+. Kandi ikambi yawe itegerezwa kuba nyeranda+, kugira ntabone muri wewe ikintu kitabereye ngo ace asigaho kujana nawe+. 15  “Ntuze ushikirize umushumba shebuja igihe ahunze shebuja akaza iwawe+. 16  Azoguma abana nawe hagati muri wewe, ahantu azohitamwo muri kimwe mu bisagara vyawe+, aho ashaka hose. Ntuze umufate nabi+. 17  “Nta n’umwe mu bakobwa ba Isirayeli akwiye kuba umumaraya w’urusengero+, eka nta n’umwe muri bene Isirayeli akwiye kuba umumaraya w’urusengero+. 18  Ntuze uzane mu nzu ya Yehova Imana yawe ingero+ ya maraya canke ikiguzi c’imbwa+ ku bw’indagano iyo ari yo yose, kuko ivyo ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe, mbere vyose uko ari bibiri. 19  “Ntuze urihishe mwene wanyu inyungu+: inyungu ku mahera, inyungu ku bifungurwa+, inyungu ku kintu ico ari co cose umuntu ashobora kwakako inyungu. 20  Umunyamahanga+ woshobora kumurihisha inyungu, mugabo mwene wanyu ntuze umurihishe inyungu+; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire mu migambi yawe yose mu gihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire+. 21  “Niwaraganira indagano Yehova+ Imana yawe, ntuze utebagane kuyishitsa+, kuko Yehova Imana yawe atazobura kuyikwishuza, bikakubera igicumuro+. 22  Mugabo uretse kugira indagano, ntibizokubera igicumuro+. 23  Irivuzwe n’iminwa yawe ukwiye kurishitsa+, kandi utegerezwa gukora nk’uko nyene waraganiye Yehova Imana yawe, bwa shikanwa ritangwa ku bushake wavugishije akanwa kawe+. 24  “Niwaja mu murima w’imizabibu wa mugenzawe, uze urye gusa inzabibu ziguhaza, mugabo ntihaze hagire izo ushira mu co ufise+. 25  “Niwaja mu murima w’intete zigihagaze za mugenzawe, uze uhuruture gusa amahundo yeze n’ukuboko kwawe, mugabo ntuze ucishe agakero mu murima w’intete zigihagaze za mugenzawe+.

Amakuru yiyongereye