Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 22:1-30

22  “Ntuze ubone ishūri ya mwene wanyu canke intama yiwe izimiye ngo uvyirengagize+. Utegerezwa kubigarurira mwene wanyu+.  Nimba na ho mwene wanyu atari hafi yawe kandi ukaba utamumenye, utegerezwa rero kuyijana i muhira iwawe mu nzu yawe, ikaguma iwawe gushika mwene wanyu ayirondeye. Nawe utegerezwa kuyimusubiza+.  Ukwo nyene ni ko uzogira ku ndogobwa yiwe, no ku mutamana wiwe, no ku kintu cose ca mwene wanyu catakaye, camutakaranye ukaba wagitoye. Ntuzokwemererwa kuvyirengagiza.  “Ntuze ubone indogobwa ya mwene wanyu canke ishūri yiwe itemvye ku nzira ngo uvyirengagize nkana. Utegerezwa kumufasha kubivyura+.  “Nta mpuzu y’umuntu w’umugabo ikwiye kwambarwa n’umugore, eka n’umuntu w’umugabo ntakwiye kwambara igikwemu c’umugore+; kuko uwukora ivyo wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe.  “Mu gihe icari c’inyoni coba kiri imbere yawe mu nzira, mu giti ico ari co cose canke hasi, kirimwo ivyana+ canke amagi, kandi nyina ikaba ibundikiriye ivyo vyana canke amagi, ntuze utware nyina n’ivyana+.  Nyina utegerezwa kuyirekura, ariko ivyana urashobora kubitwara, kugira bikugendere neza, urambe* koko+.  “Niwubaka inzu nshasha, uze ukore igitangirizo c’igisenge cawe+, kugira ntukwegere amaraso inzu yawe, kuko hogira uwukoroka avuye kuri co.  “Ntuze ubibe umurima wawe w’imizabibu imbuto z’ubwoko bubiri+, kugira ngo umwimbu wose w’imbuto wobiba be n’umwimbu wa nya murima w’imizabibu ntibihave bitwarwa impaga bikegukira aheranda. 10  “Ntuze urimishe ishūri n’indogobwa bibohewe ku ngogo imwe+. 11  “Ntuze wambare impuzu y’ubwoya n’ilino* bivanze+. 12  “Uze wihingurire ubushenza ku mpera zine z’ivyambarwa vyawe wirenzako+. 13  “Umugabo niyatwara umugore kandi koko akaryamana na we hanyuma nya mugabo agahava akamwanka+, 14  akaba yamwagirije ibikorwa vy’agaterasoni, agatuma agira izina ribi+, akavuga ngo: ‘Uyu ni we mugore natwaye, hanyuma ndamwegera, sinasanga muri we ikimenyamenya c’ubusugi+,’ 15  se w’uyo mukobwa na nyina wiwe baze batore ikimenyamenya c’ubusugi bw’uyo mukobwa, bakizanire abagabo b’inararibonye b’ico gisagara kw’irembo ryaco+, 16  se wa nya mukobwa azoce abwira abagabo b’inararibonye ati: ‘Nahaye umukobwa wanje uyu mugabo ngo amubere umugore, hanyuma aramwanka+. 17  None ehe ariko amwagiriza ibikorwa vy’agaterasoni+, ngo: “Nasanze umukobwa wawe adafise ikimenyamenya c’ubusugi+.” Ng’iki rero ikimenyamenya c’ubusugi bw’umukobwa wanje.’ Maze baze basanze nya mutamana imbere y’abagabo b’inararibonye b’ico gisagara. 18  Abagabo b’inararibonye+ b’ico gisagara baze bafate nya mugabo bamutoze indero+. 19  Baze bamuce amande ya shekeli ijana z’ifeza, bazihe se wa nya mukobwa, kuko yatumye umwigeme w’isugi wo muri Isirayeli agira izina ribi+; kandi azoguma ari umugore wiwe. Ntazokwemererwa kumwirukana, imisi yiwe yose. 20  “Mugabo nimba bibonetse ko ico kintu ari ukuri, ata kimenyamenya c’ubusugi cabonetse muri uyo mukobwa+, 21  baze basohore nya mukobwa ku bwinjiriro bw’inzu ya se, maze abagabo bo mu gisagara c’iwabo bamutere amabuye apfe, kuko yakoze ubusazi bw’agaterasoni+ muri Isirayeli mu gukorera ubumaraya mu nzu ya se+. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+. 22  “Umugabo niyafatwa aryamanye n’umugore afise umugabo+, bompi rero bategerezwa gupfira hamwe, uwo mugabo yari aryamanye n’umugore n’uwo mugore nyene+. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+. 23  “Nimba hari umwigeme w’isugi yarehejwe n’umugabo+, maze hakagira umugabo amusanga mu gisagara akaryamana na we+, 24  muze mubasohore bompi kw’irembo ry’ico gisagara mubatere amabuye, bapfe, uyo mukobwa azire kuba atakomye induru mu gisagara, uyo mugabo na we azire kuba yatetereje umugore wa mugenziwe+. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+. 25  “Ariko nimba mu gahinga ari ho nya mugabo yasanze uyo mukobwa yari arehejwe, akamufata akaryamana na we, uyo mugabo yaryamanye na we aze apfe wenyene, 26  umukobwa nta co uzomugira. Uyo mukobwa nta gicumuro afise gikwiriye urupfu, kuko nka kurya nyene umuntu agurukira kuri mugenziwe akamwica+, akamwaka ubuzima, ni co kimwe n’ivyo. 27  Kuko mu gahinga ari ho yamusanze. Nya mukobwa yari arehejwe yakomye induru, mugabo nta n’umwe yariho wo kumutabara. 28  “Umugabo niyabona umukobwa, umwigeme w’isugi atarareshwa, kandi vy’ukuri akamucakira akaryamana na we+, maze bagafatwa+, 29  nya mugabo yaryamanye na we ategerezwa rero guha se wa nya mukobwa shekeli mirongo itanu z’ifeza+, na we acike umugore wiwe kubera yamutetereje. Ntazokwemererwa kumwirukana, imisi yiwe yose+. 30  “Nta mugabo akwiye gutwara umugore wa se, ngo ntiyambure impuzu* se+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “urehure imisi yawe.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”