Gusubira mu vyagezwe 21:1-23
21 “Nihagira umuntu basanga yagandaguwe ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ubwigarurire, arambaraye mu gahinga, kandi uwamwishe akaba atamenyekanye+,
2 abagabo b’inararibonye b’iwanyu n’abacamanza b’iwanyu+ baze bagende bapime gushika ku bisagara bikikuje uwo yagandaguwe:
3 icagirwa n’ikosa kizoba ari igisagara kirushirije kuba hafi y’uwo yagandaguwe. Abagabo b’inararibonye b’ico gisagara baze batore ishashi yo mu busho itarakoreshwa, itarakwega ingǒgo*;
4 abagabo b’inararibonye b’ico gisagara baze bamanukane iyo shashi mu mwonga utemba amazi aho badasanzwe barima canke ngo babibe imbuto, baheze bavunire izosi ry’iyo shashi ng’aho muri nya mwonga+.
5 “Abaherezi, bene Lewi, baze begere, kuko ari bo Yehova Imana yawe yatoye ngo bamukorere+ bongere bahezagire+ mw’izina rya Yehova, kandi biciye ku kanwa kabo akaba ari ho amatati yose ajanye n’igikorwa cose c’ubukazi akwiye kudadanurwa+.
6 Maze abagabo b’inararibonye bose b’ico gisagara barushirije kuba hafi y’uwo yagandaguwe baze bakarabire amaboko yabo+ hejuru ya ya shashi, imwe izosi ryayo rizoba ryavuniwe mu mwonga;
7 kandi baze bishure bati: ‘Amaboko yacu si yo yasheshe ayo maraso, eka n’amaso yacu ntiyabonye ingene aseswa+.
8 Ntuyaharure ku bantu bawe Isirayeli, abo wacunguye+, ewe Yehova, kandi ntushire amaraso y’intungane+ hagati y’igisata cawe Isirayeli.’ Kandi ayo maraso ntazoharurwa kuri bo.
9 Wewe rero, uzokura hagati yawe icaha c’ukwagirwa n’amaraso y’intungane+, kuko uzokora ibigororotse mu maso ya Yehova+.
10 “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe, kandi Yehova Imana yawe akaba yabagabuye mu kuboko kwawe+, nawe ukabatwara ari imbohe+,
11 maze muri izo mbohe ukabonamwo umugore mwiza ku mubiri, hanyuma ukamugomwa+, ukamutwara ngo abe umugore wawe,
12 uze umuzane rero mu nzu yawe. Aze yimoshe umutwe+ yongere atunganye inzara ziwe,
13 yambure umutamana yajemwo ari imbohe aheze abe mu nzu yawe, aririre se na nyina ukwezi* kwose+. Inyuma y’ivyo uze uryamane na we, umutware akubere umugeni, abe umugore wawe.
14 Niwabona na ho ataguhimbaye, uze umurungike+, uko umutima wiwe ugomba; mugabo ntuze umugurishe amahera. Ntuze umucuranguze+ umaze kumutetereza.
15 “Umugabo niyagira abagore babiri, umwe akundwa uwundi yankwa, maze bompi, uwukundwa be n’uwankwa, bakamuvyarira abahungu, umuhungu w’imfura akaba uw’uyo yankwa+,
16 ku musi rero azoha abahungu biwe intoranwa y’ivyo afise, ntazokwemererwa gufata umuhungu w’umugore akundwa ngo amugire imfura ngo arenganye umuhungu w’umwe yankwa, kandi ari we mfura+.
17 Kuko akwiye kwemera ko imfura ari umuhungu w’umwe yankwa mu kumuha imigabane ibiri ku kintu cose afise+, kuko uyo ari we buzibūra bwiwe*+. Uburenganzira bw’imfura ni we bwegukira+.
18 “Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji+, akaba atumviriza ijwi rya se canke ijwi rya nyina+, kandi bakaba baramukosoye mugabo ntabumvirize+,
19 se na nyina rero baze bamufate, bamusohore bamujane ku bagabo b’inararibonye bo mu gisagara c’iwabo no kw’irembo ry’aho aba+,
20 baheze babwire abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo bati: ‘Uyu mwana wacu ni intagondwa akaba n’umugarariji; ntiyumviriza ijwi ryacu+, kandi ni umukunzi w’inda+ akaba n’imborerwa+.’
21 Maze abagabo bose bo mu gisagara c’iwabo baze bamutere amabuye, apfe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe, kandi Isirayeli yose izovyumva itinye koko+.
22 “Nihagira umuntu abonekamwo igicumuro gikwiriye urubanza rwo gupfa, akicwa+, kandi mukaba mwamumanitse ku giti+,
23 umuvyimba wiwe ntuze urare ku giti+; ahubwo utegerezwa kumuhamba kuri uyo musi, kuko uwumanitswe ari ikintu kivumwe ku Mana+. Ntuze uhumanye ubutaka bwawe, ubwo Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
^ Ijambo ku rindi ni “Intango y’ububasha bwiwe bwo kurondoka.”