Gusubira mu vyagezwe 21:1-23

21  “Nihagira umuntu basanga yagandaguwe ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ubwigarurire, arambaraye mu gahinga, kandi uwamwishe akaba atamenyekanye+,  abagabo b’inararibonye b’iwanyu n’abacamanza b’iwanyu+ baze bagende bapime gushika ku bisagara bikikuje uwo yagandaguwe:  icagirwa n’ikosa kizoba ari igisagara kirushirije kuba hafi y’uwo yagandaguwe. Abagabo b’inararibonye b’ico gisagara baze batore ishashi yo mu busho itarakoreshwa, itarakwega ingǒgo*;  abagabo b’inararibonye b’ico gisagara baze bamanukane iyo shashi mu mwonga utemba amazi aho badasanzwe barima canke ngo babibe imbuto, baheze bavunire izosi ry’iyo shashi ng’aho muri nya mwonga+.  “Abaherezi, bene Lewi, baze begere, kuko ari bo Yehova Imana yawe yatoye ngo bamukorere+ bongere bahezagire+ mw’izina rya Yehova, kandi biciye ku kanwa kabo akaba ari ho amatati yose ajanye n’igikorwa cose c’ubukazi akwiye kudadanurwa+.  Maze abagabo b’inararibonye bose b’ico gisagara barushirije kuba hafi y’uwo yagandaguwe baze bakarabire amaboko yabo+ hejuru ya ya shashi, imwe izosi ryayo rizoba ryavuniwe mu mwonga;  kandi baze bishure bati: ‘Amaboko yacu si yo yasheshe ayo maraso, eka n’amaso yacu ntiyabonye ingene aseswa+.  Ntuyaharure ku bantu bawe Isirayeli, abo wacunguye+, ewe Yehova, kandi ntushire amaraso y’intungane+ hagati y’igisata cawe Isirayeli.’ Kandi ayo maraso ntazoharurwa kuri bo.  Wewe rero, uzokura hagati yawe icaha c’ukwagirwa n’amaraso y’intungane+, kuko uzokora ibigororotse mu maso ya Yehova+. 10  “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe, kandi Yehova Imana yawe akaba yabagabuye mu kuboko kwawe+, nawe ukabatwara ari imbohe+, 11  maze muri izo mbohe ukabonamwo umugore mwiza ku mubiri, hanyuma ukamugomwa+, ukamutwara ngo abe umugore wawe, 12  uze umuzane rero mu nzu yawe. Aze yimoshe umutwe+ yongere atunganye inzara ziwe, 13  yambure umutamana yajemwo ari imbohe aheze abe mu nzu yawe, aririre se na nyina ukwezi* kwose+. Inyuma y’ivyo uze uryamane na we, umutware akubere umugeni, abe umugore wawe. 14  Niwabona na ho ataguhimbaye, uze umurungike+, uko umutima wiwe ugomba; mugabo ntuze umugurishe amahera. Ntuze umucuranguze+ umaze kumutetereza. 15  “Umugabo niyagira abagore babiri, umwe akundwa uwundi yankwa, maze bompi, uwukundwa be n’uwankwa, bakamuvyarira abahungu, umuhungu w’imfura akaba uw’uyo yankwa+, 16  ku musi rero azoha abahungu biwe intoranwa y’ivyo afise, ntazokwemererwa gufata umuhungu w’umugore akundwa ngo amugire imfura ngo arenganye umuhungu w’umwe yankwa, kandi ari we mfura+. 17  Kuko akwiye kwemera ko imfura ari umuhungu w’umwe yankwa mu kumuha imigabane ibiri ku kintu cose afise+, kuko uyo ari we buzibūra bwiwe*+. Uburenganzira bw’imfura ni we bwegukira+. 18  “Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji+, akaba atumviriza ijwi rya se canke ijwi rya nyina+, kandi bakaba baramukosoye mugabo ntabumvirize+, 19  se na nyina rero baze bamufate, bamusohore bamujane ku bagabo b’inararibonye bo mu gisagara c’iwabo no kw’irembo ry’aho aba+, 20  baheze babwire abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo bati: ‘Uyu mwana wacu ni intagondwa akaba n’umugarariji; ntiyumviriza ijwi ryacu+, kandi ni umukunzi w’inda+ akaba n’imborerwa+.’ 21  Maze abagabo bose bo mu gisagara c’iwabo baze bamutere amabuye, apfe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe, kandi Isirayeli yose izovyumva itinye koko+. 22  “Nihagira umuntu abonekamwo igicumuro gikwiriye urubanza rwo gupfa, akicwa+, kandi mukaba mwamumanitse ku giti+, 23  umuvyimba wiwe ntuze urare ku giti+; ahubwo utegerezwa kumuhamba kuri uyo musi, kuko uwumanitswe ari ikintu kivumwe ku Mana+. Ntuze uhumanye ubutaka bwawe, ubwo Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
Ijambo ku rindi ni “Intango y’ububasha bwiwe bwo kurondoka.”