Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 20:1-20

20  “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe maze ukabona amafarasi n’imikogote y’intambara+, abantu benshi kukuruta, ntuze ubatinye; kuko Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri+, ari kumwe nawe+.  Kandi niwegereza urugamba, umuherezi aze yegere avugane n’abantu+.  Aze ababwire ati: ‘Umve, ewe Isirayeli, uno musi muregereje urugamba ngo murwane n’abansi banyu. Imitima yanyu ntishe coba+. Ntimutinye ngo mute umutwe canke ngo muhinde agashitsi kubera bo+,  kuko Yehova Imana yanyu agendana namwe ngo abarwanire mu kurwanya abansi banyu, kugira abakize+.’  “Abarongozi+ na bo nyene baze babwire abantu bati: ‘Ni nde muntu yubatse inzu nshasha akaba atarayinjira? Nagende asubire ku nzu iwe, ntahave apfira ku rugamba maze uwundi muntu akayinjira+.  Kandi ni nde muntu yateye umurima w’imizabibu akaba ataratangura kuwikorako? Nagende asubire ku nzu iwe, ntahave apfira ku rugamba maze uwundi muntu agatangura kuwikorako+.  Vyongeye, ni nde muntu yari areheje umugore akaba atari bwamutware? Nagende asubire ku nzu iwe+, ntahave apfira ku rugamba maze uwundi muntu akamutwara.’  Abarongozi baze bongere babwire abantu bati: ‘Ni nde muntu afise ubwoba kandi afise umutima uhuha+? Nagende asubire ku nzu iwe, ntahave atuma umutima wa bene wabo ushonga nk’uwiwe bwite+.’  Kandi abo barongozi nibaheza kuvugana n’abantu, baze bagene abakuru b’ingabo baja imbere abantu. 10  “Niwegereza igisagara kugira ngo ukirwanye, utegerezwa kukimenyesha ibisabwa kugira habe amahoro+. 11  Kandi uku ni ko bizogenda: nicaguha inyishu y’amahoro kikakwugururira amarembo yaco, abantu bose bari muri co baze bacike abawe bakore ibikorwa vy’agahato, kandi baze bagukorere+. 12  Mugabo nikitagiriranira amahoro nawe+, kikakurwanya koko bikaba ngombwa ko ucugariza, 13  Yehova Imana yawe rero azokigabura koko mu kuboko kwawe, nawe utegerezwa kwicisha ubugi bw’inkota uw’igitsina-gabo wese+. 14  Abagore gusa n’abana batoyi+ n’ibitungwa+ be n’ikintu cose kizoba kiri muri ico gisagara, isahu yaco yose, ni vyo uzosahura bikaba rwawe+; kandi uze urye isahu y’abansi bawe, abo Yehova Imana yawe azoba yaguhaye+. 15  “Ukwo ni ko uzogirira ibisagara vyose biri kure yawe cane bitari mu bisagara vy’ayo mahanga. 16  Mu bisagara vy’ivyo bisata vy’abantu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa, ni ho gusa utazozigamira ubuzima ikintu na kimwe gihumeka+, 17  kuko ubwirizwa kubitikiza ata kabuza: Abaheti n’Abamori, Abanyakanani n’Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, nk’uko Yehova Imana yawe yagutegetse; 18  kugira ntibabigishe gukora mwisunze ibintu vyabo vyose biteye ishishi bakoreye imana zabo, mugahava mucumura koko kuri Yehova Imana yanyu+. 19  “Niwugariza igisagara imisi myinshi uriko urakirwanya kugira ugifate, ntuze uhonye ibiti vyaco mu kubibangurira ishoka; kuko uzobiryako; ntuze uvyicire+. Mbega igiti co mw’ishamba kibaye umuntu ngo ugisugereze? 20  Igiti gusa muzi ko kitaribwa ni co muzohonya, kandi muze mucicire mucubakishe ivyo kwuririrako mu gusugereza+ igisagara kizoba kiriko kirabarwanya, gushika nya gisagara gitemvye.

Amakuru yiyongereye