Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 2:1-37

2  “Maze turahindukira tugenda tugana mu gahinga tujanye inzira y’ikiyaga Gitukura, nk’uko Yehova yari yambariye+; kandi twamaze imisi myinshi tuzunguruka umusozi Seyiri.  Yehova arateba ambwira ati:  ‘Mwarazungurutse uyu musozi igihe kirekire bihagije+. Hindukire mwerekeze mu buraruko.  Kandi tegeka abantu uti: “Mugira muce hafi y’umupaka wa bene wanyu+, bene Esawu+, baba i Seyiri+. Bazogira ubwoba kubera mwebwe+, namwe mutegerezwa kuba maso cane.  Ntimushihane na bo, kuko ntazobaha ku gihugu cabo n’akangana n’ubwaguke bw’ubworo bw’ikirenge; kuko umusozi Seyiri nawuhaye Esawu ngo awiganzire+.  Ibifungurwa muzogura amahera kuri bo ni vyo muzorya; kandi amazi muzogura amahera kuri bo ni yo muzonywa+.  Kuko Yehova Imana yawe yaguhezagiye mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+. Arazi neza igenda ryawe muri aka gahinga kanini. Iyi myaka mirongo ine+ Yehova Imana yawe yarabanye nawe. Nta kintu wabuze+.”’  Nuko duca kure ya bene wacu, bene Esawu+, ababa i Seyiri, kure y’inzira ya Araba+, kure ya Elati na kure ya Eziyoni-geberi+. “Hanyuma turahindukira turengana duciye mu nzira y’agahinga ka Mowabu+.  Yehova maze ambwira ati: ‘Ntusindire Mowabu canke ngo uje mu ntambara na bo, kuko ata na gatoyi nzoguha ngo wiganzire ku gihugu ciwe, kuko Ari+ nayihaye bene Loti+ ngo bayiganzire. 10  (Abemimu+ kera baba muri co, ari igisata gikomeye, c’abantu benshi kandi barebare nk’Abanakimu+. 11  Nayo Abarefayimu+, na bo nyene babonwa nk’Abanakimu+, kandi Abanyamowabu bahora babita Emimu. 12  Abahori+ na bo kera baba i Seyiri, hanyuma bene Esawu+ barabomora, barabazimanganya imbere yabo baraheza baba ahantu habo+, nk’uko Isirayeli itegerezwa kugirira igihugu yiganzira, ico Yehova azobaha ata gukeka.) 13  Ubu rero nimuhaguruke mufate inzira mujabuke umwonga wa Zeredi.’ Nuko turagenda tujabuka umwonga wa Zeredi+. 14  Kandi imisi twagenze kuva i Kadeshi-baruneya gushika tujabutse umwonga wa Zeredi yabaye imyaka mirongo itatu n’umunani, gushika iyaruka ryose ry’abarwanyi rimaze kurangira mw’ikambi, nk’uko Yehova yari yarabarahiye+. 15  Mbere n’ukuboko+ kwa Yehova nyene kwari kuri bo kugira kubadurumbanye hagati mw’ikambi, gushika barangiye+. 16  “Hanyuma abarwanyi bose bakimara gupfa bakarangira hagati mu bantu+, 17  Yehova yongera kumbwira ati: 18  ‘Uno musi ugira uce mu karere ka Mowabu, ari ko Ari+, 19  kandi utegerezwa kwegera gushika imbere ya bene Amoni. Ntubasindire canke ngo ushihane na bo, kuko ata na gatoyi nzoguha ngo wiganzire ku gihugu ca bene Amoni, kuko nagihaye bene Loti ngo baciganzire+. 20  Cahora kandi kibonwa nk’igihugu c’Abarefayimu+. (Abarefayimu kera baba muri co, kandi Abamoni bahora babita Zamuzumimu. 21  Bari igisata gikomeye, c’abantu benshi kandi barebare nk’Abanakimu+; hanyuma Yehova arabazimanganya+ imbere yabo, ngo bitume babomora maze babe ahantu habo; 22  nk’uko yagiriye bene Esawu, ababa i Seyiri+, igihe yazimanganya Abahori+ imbere yabo, ngo bitume babomora maze babe ahantu habo gushika uyu musi. 23  Nayo Abavimu+, abahora baba mu mihana irundanye gushika i Gaza+, Abakafutorimu+, abavuye kuri Kafutori+, barabazimanganije, kugira babe ahantu habo.) 24  “‘Nimuhaguruke, mugende mujabuke umwonga wa Arunoni+. Raba, ntanze mu kuboko kwawe Sihoni+ umwami wa Heshiboni, Umwamori. Tangura rero kwigarurira igihugu ciwe, uje mu ntambara na we. 25  Uyu musi ngira ntangure gutuma ibisata vy’abantu vyo munsi y’amajuru yose bizokwumva inkuru yawe bikugirira ubwoba, bigutinye. Kandi bazohagarika umutima koko, bagire ububabare nka burya bw’ukwibaruka, kubera wewe+.’ 26  “Maze turi mu gahinga ka Kedemoti+ ntuma intumwa kuri Sihoni+ umwami wa Heshiboni, zijanye amajambo y’amahoro+, nti: 27  ‘Ndeka ndengane nciye mu gihugu cawe. Mu nzira gusa ni ho nzogendera. Sinzokebereza iburyo canke ibubamfu+. 28  Ibifungurwa uzongurishako ku mahera ni vyo nzorya, n’amazi uzompa ku mahera ni yo nzonywa. Ndeka gusa nirenganire n’amaguru yanje+, 29  nk’uko bene Esawu baba i Seyiri+ n’Abanyamowabu+ baba i Ari bangiriye, gushika njabutse Yorodani nkinjira mu gihugu Yehova Imana yacu agira aduhe+.’ 30  Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+. 31  “Kuri ivyo Yehova ambwira ati: ‘Raba, ntanguye kugabura Sihoni n’igihugu ciwe mu maboko yawe. Tangura kwigarurira igihugu ciwe+.’ 32  Aho Sihoni asohokeye n’abantu biwe bose guhura natwe mu rugamba i Yahazi+, 33  Yehova Imana yacu yaciye amugabura mu maboko yacu+, ku buryo tumutsinda+ n’abahungu biwe n’abantu biwe bose. 34  Hanyuma dufata ibisagara vyiwe vyose ico gihe nyene, dutikiza+ igisagara cose, abagabo n’abagore n’abana batoyi. Nta n’umwe twasigaje. 35  Ibitungwa gusa ni vyo twatwaye bwa sahu ryacu, hamwe n’iminyago yo mu bisagara twari twafashe+. 36  Kuva i Aroweri+, ahaherereye iruhande y’inkombe y’umwonga wa Arunoni, be n’igisagara kiri mu mwonga, gushika i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catubereye kirekire birenze+. Yehova Imana yacu yarabigabuye vyose mu maboko yacu. 37  Gusa, ntiwegereye igihugu ca bene Amoni+, inkombe yose y’umwonga wa Yaboki+, canke ibisagara vy’akarere k’imisozi, canke ikintu cose Yehova Imana yacu yari yatanzeko itegeko.

Amakuru yiyongereye