Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 19:1-21

19  “Yehova Imana yawe niyarandura amahanga+ yegukira igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, umaze kubomora ugasigara uba mu bisagara vyabo no mu mazu yabo+,  uzokwishirira ku ruhande ibisagara bitatu hagati mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ucigarurire+.  Uzokwitegurira inzira, kandi uze ugaburemwo gutatu akarere k’igihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ucigabire, habe aho uwishe umuntu wese ahungira+.  “Ivyerekeye uwishe umuntu ashobora guhungirayo akabona kubaho biri uku: Igihe akubise mugenziwe atabizi kandi akaba atari asanzwe amwanka+;  canke igihe ajanye na mugenziwe mw’ishamba gusenya inkwi, hanyuma akabangura ukuboko kwiwe ngo ateme igiti n’ishoka, maze icuma cayo kikarokōka mu kirindi c’igiti+, kigakubita mugenziwe agapfa; uyo muntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara, abone kubaho+.  Ahandiho, umuhōzi+ w’amaraso, kubera umutima wiwe warunguriye n’ishavu, yohava yoma inyuma uwo yishe umuntu akamuhamvya, kubera ko inzira ari ndende. Yohava amukubita agapfa, kandi ata rubanza rwo gupfa+ akwiriye, kuko atari asanzwe amwanka.  Ni co gituma ndagutegetse nti: ‘Uzokwishirira ku ruhande ibisagara bitatu+.’  “Kandi Yehova Imana yawe niyāgura akarere kawe yisunze ivyo yarahiye ba sogokuruza bawe+, kandi akaba yaguhaye igihugu cose yasezeranye guha ba sogokuruza bawe+,  kuko uzoba wagumije iri bwirizwa ryose ndagutegetse uno musi ukarishitsa, ugakunda Yehova Imana yawe kandi ukagendera mu nzira ziwe nantaryo+, uze rero wiyongerereko ibindi bisagara bitatu kuri ivyo bitatu+, 10  kugira ntihagire amaraso y’intungane+ avishwa hagati mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe kw’intoranwa, kandi ntihagire amaraso akwagira+. 11  “Ariko mu gihe hogira umuntu yanka+ mugenziwe, akamubundira maze akamugurukirako akamukubita, agapfa+, hanyuma nya muntu agahungira muri kimwe muri ivyo bisagara, 12  abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo baze barungike abamukurayo, baheze bamushire mu kuboko kw’umuhōzi w’amaraso, apfe+. 13  Ijisho ryawe ntirize rimwumvire akagongwe+, kandi utegerezwa gukura muri Isirayeli icaha c’amaraso y’intungane+, kugira uronke ivyiza. 14  “Ntuze wigize inyuma uturimbi twa mugenzawe+, igihe ba sokuruza bazoba bamaze gushinga imbibe mu ntoranwa yawe uzotorana mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ucigarurire. 15  “Nta cabona kimwe rudende gikwiye guhaguruka ngo cagirize umuntu kw’ikosa iryo ari ryo ryose canke ku gicumuro ico ari co cose+, ku biraba igicumuro ico ari co cose yokora. Ikintu gikwiye kwemezwa bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona bibiri canke bitatu+. 16  Mu gihe icabona gitegura gukora ivy’ubukazi cohagurukira umuntu ngo kimuremeke ikirego c’umugararizo+, 17  abo bantu babiri bafitaniye amatati baze bahagarare imbere ya Yehova, imbere y’abaherezi n’abacamanza bazoba bakora muri iyo misi+. 18  Abacamanza baze batohoze bitonze+, maze nimba ico cabona ari icabona c’ikinyoma kandi kikaba caremetse mwene wabo ikirego c’ikinyoma, 19  muze mumugirire nk’uko nyene yari yateguye kugirira mwene wabo+, kandi utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+. 20  Abasigaye rero bazovyumva batinye, kandi ntibazokwigera basubira gukora ikintu na kimwe kibi nk’ico hagati yawe+. 21  Kandi ijisho ryawe ntirize ryumve akagongwe+: ubuzima ku bundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi, ikirenge ku kindi+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “bivuye mu kanwa.”