Gusubira mu vyagezwe 18:1-22
18 “Nta muturi canke intoranwa muri Isirayeli bikwiye kwegukira abaherezi, Abalewi, umuryango wose wa Lewi+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro ya Yehova, mbere intoranwa yiwe, ni yo bakwiye kurya+.
2 Nta ntoranwa rero ikwiye kumwegukira hagati ya bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe+, nk’uko yamubwiye.
3 “Ibi rero ni vyo bikwiye kuguma ari uburenganzira bw’abaherezi bivuye ku bantu, bivuye ku bashikana ikimazi c’imbagwa, yaba ishūri canke intama: Umuntu ategerezwa guha umuherezi ibega n’imibangabanga n’umushishito.
4 Ivya mbere ku ntete zawe, ku muvinyu wawe mushasha no ku mavuta yawe n’ubwoya bwa mbere ku bukemuwe ku mukuku wawe, ukwiye kubimuha+.
5 Kuko ari we Yehova Imana yawe yatoye mu miryango yawe yose ngo ahagarare akore igikorwa mw’izina rya Yehova, we hamwe n’abahungu biwe, nantaryo+.
6 “Kandi Umulewi niyasohoka hanze ya kimwe mu bisagara vya Isirayeli yose, aho yari amaze igihe aba+, maze akaza azanywe n’ikintu ico ari co cose umutima wiwe uhahamiye ahantu Yehova azotora+,
7 ategerezwa rero gukora igikorwa mw’izina rya Yehova Imana yawe cokimwe na bene wabo bose, Abalewi, bahagaze ng’aho imbere ya Yehova+.
8 Umuturi ungana n’uw’abandi ni wo akwiye kurya+, iruhande y’ivyo aronka bivuye ku vyo agurishije ku bintu vya ba sekuruza.
9 “Niwamara kwinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze wige gukora wisunze ibintu biteye ishishi vy’ayo mahanga+.
10 Muri wewe ntihaze haboneke umuntu acisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro+, uwuragura+, umunyamageza+ canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba+ canke umupfumu+,
11 canke uwuzirikisha abandi ubupfumu+ canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke uwagize umwuga ukubura ibizoba+ canke umuntu asiguza abapfuye+.
12 Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova, kandi ivyo bintu biteye ishishi akaba ari vyo bitumye Yehova Imana yawe abirukana bakava imbere yawe+.
13 Ukwiye kwerekana ko utagira amahinyu kuri Yehova Imana yawe+.
14 “Kuko ayo mahanga uriko uromora yahora yumviriza abagira ivy’amageza+ n’abaragura+; ariko weho, Yehova Imana yawe nta kintu na kimwe yaguhaye kimeze nk’ico+.
15 Umuhanuzi avuye hagati yawe, avuye muri bene wanyu, nka jewe, ni we Yehova Imana yawe azoguhagurukiriza, ari na we mukwiye kwumviriza+,
16 bwa nyishu ku vyo wasavye Yehova Imana yawe vyose i Horebu kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+, uti: ‘Sinsubire kwumva ijwi rya Yehova Imana yanje, n’uyu muriro ukomeye sinongere kuwubona, kugira simpfe+.’
17 Kuri ivyo Yehova ambwira ati: ‘Bagize neza mu kuvuga batyo+.
18 Umuhanuzi ameze nka wewe ni we nzobahagurukiriza hagati ya bene wabo+; kandi nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe+, na we azobabwira ivyo nzomutegeka vyose+.
19 Kandi umuntu atazokwumviriza amajambo yanje uno azovuga mw’izina ryanje, jewe ubwanje nzobimubaza+.
20 “‘Ariko umuhanuzi yihaye kuvuga mw’izina ryanje ijambo ntamutegetse kuvuga+ canke akavuga mw’izina ry’izindi mana+, uyo muhanuzi ategerezwa gupfa+.
21 Niwibwira na ho mu mutima wawe uti: “Tuzomenya gute ijambo Yehova atavuze+?”
22 Nya muhanuzi niyavuga mw’izina rya Yehova hanyuma nya jambo ntiribe canke ngo riranguke, iryo ni ryo jambo Yehova atazoba yavuze. Nya muhanuzi azoba yarivuganye ukwita imbere+. Ntaze agutere ubwoba+.’