Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 17:1-20

17  “Ntuze ushikanire kw’ikimazi Yehova Imana yawe ishūri canke intama iri n’agahonzi, ikintu cose kimeze nabi; kuko ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe+.  “Hagati muri wewe, muri kimwe mu bisagara vyawe Yehova Imana yawe agira aguhe, nihasangwa umugabo canke umugore afise akamenyero ko gukora ikibi mu maso ya Yehova Imana yawe agahonyanga isezerano ryiwe+,  maze akagenda agasenga izindi mana kandi akazunamira, canke akunamira izuba canke ukwezi canke ingabo zose zo mu majuru+, ikintu ntategetse+,  kandi ukaba wabibwiwe, ukaba wavyumvise, kandi ukaba warondeye witonze, maze nya kintu kikemezwa ko ari ukuri+, ico kintu giteye ishishi kikaba cakozwe muri Isirayeli,  uze usohore hanze ku marembo yawe uyo mugabo canke uyo mugore yakoze ico kintu kibi, egome, nya mugabo canke nya mugore, umutere amabuye, apfe+.  Uwupfa akwiye kwicwa bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona bibiri canke bitatu+. Ntazokwicwa bivuye ku ntahe ishinzwe n’icabona kimwe+.  Ukuboko kwa nya vyabona ni kwo gukwiye kuza ubwa mbere kuri we kumwica, ukuboko kw’abantu bose na kwo kugakurikira+; utegerezwa gukura ikibi hagati muri wewe+.  “Mu marembo yawe nihagira ikibazo co gufatirwa ingingo y’ubutungane kikubera akataraboneka birenze+, aho amaraso yasheshwe+, ahavyutse imburano+, canke hakaba hakozwe ivy’ubukazi, canke habaye amatati+, uze uhaguruke uduge ahantu Yehova Imana yawe azotora+,  uje ku baherezi+, Abalewi, no ku mucamanza+ azoba akora muri iyo misi, ubariritse, na bo baze bagushikirize ijambo ry’ingingo y’ubutungane+. 10  Maze uze ukore wisunze ijambo bazogushikiririza aho hantu Yehova azotora; kandi uze ube maso ukore wisunze ivyo bagutegetse vyose. 11  Uko itegeko bazokwereka riri, uko ingingo y’ubutungane bazokubwira iri, ni ko ukwiye gukora+. Ntuze ukevye ngo uve kw’ijambo bazogushikiriza, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+. 12  Umuntu azogira inyifato y’ukwita imbere mu kutumviriza umuherezi ahagaze ng’aho ngo akorere Yehova Imana yawe, canke mu kutumviriza uwo mucamanza+, uyo muntu azotegerezwa gupfa+; utegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+. 13  Maze abantu bose bazovyumva batinye+, kandi ntibazokwongera kwita imbere. 14  “Niwateba ukinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, kandi ukaba wacigaruriye kandi wakibayemwo+, maze ukaba uvuze uti: ‘Reka nishirireho umwami wo kunganza, cokimwe n’amahanga yose ankikuje+’; 15  uze wishirireho umwami Yehova Imana yawe azotora akuganze+. Umwami avuye muri bene wanyu ni we ukwiye kwishiriraho ngo akuganze. Ntuzokwemererwa kwishiriraho umunyamahanga atari mwene wanyu ngo akuganze. 16  Ariko ntaze yiyongerereze amafarasi+, canke ngo atume abantu basubira mu Misiri ku bwo kwongereza amafarasi+ kandi Yehova yababwiye ati: ‘Ntimuze mwongere gusubira inyuma mujanye iyi nzira.’ 17  Ntakwiye kandi kwigwiriza abagore, kugira umutima wiwe ntuhave ukevya+; eka kandi ntakwiye kwiyongerereza ifeza n’inzahabu cane rwose+. 18  Kandi, niyafata icicaro ciwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, aze yiyandikire mu gitabu ikopi y’iri tegeko afatiye ku rijejwe abaherezi, Abalewi+. 19  “Ritegerezwa kugumana na we, kandi ategerezwa gusoma muri ryo imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kugira yige gutinya Yehova Imana yiwe ngo agumye amajambo yose y’iri tegeko n’izi ngingo nyobozi, mu kubikora+; 20  kugira ngo umutima wiwe ntiwishire hejuru ya bene wabo+ kandi ntakevye ngo ave kw’ibwirizwa ngo akebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ashobore kurambira* ku bwami bwiwe+, we hamwe n’abahungu biwe hagati ya Isirayeli.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “bivuye mu kanwa.”
Ijambo ku rindi ni “kurehura imisi yiwe.”