Gusubira mu vyagezwe 16:1-22
16 “Ukwezi kwa Abibu+ nikwubahirizwe, kandi utegerezwa guhimbariza pasika* Yehova Imana yawe+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Yehova Imana yawe yagukuye mu Misiri mw’ijoro+.
2 Kandi utegerezwa gushikanira pasika Yehova Imana yawe kw’ikimazi+, ku vyo mu mukuku no ku vyo mu busho+, ahantu Yehova azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+.
3 Ntuze uyiryane n’ikintu na kimwe cambiye, mu misi indwi+. Ukwiye kuyirya uyikojeje udutsima tutarimwo umwambiro, wa mukate w’amarushwa, kuko wavuye mu gihugu ca Misiri gihutihuti+, kugira wibuke umusi w’ukuva kwawe mu gihugu ca Misiri imisi yose y’ubuzima bwawe+.
4 Kandi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka iwawe mu karere kawe kose mu misi indwi+, eka no ku nyama uzoshikana kw’ikimazi ku mugoroba ku musi wa mbere nta zikwiye kurara gushika mu gitondo+.
5 Ntuzokwemererwa gushikana pasika kw’ikimazi mu gisagara na kimwe mu bisagara vyawe Yehova Imana yawe agira aguhe.
6 Mugabo ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+, ni ho ukwiye gushikanira pasika kw’ikimazi ku mugoroba izuba rikimara kurenga+, ku gihe cashinzwe c’ukuva mu Misiri kwawe.
7 Kandi nya hantu Yehova Imana yawe azotora+ ni ho utegerezwa gutekera no kurira+, mu gitondo na ho uhindukire uje ku mahema yawe.
8 Imisi itandatu ukwiye kurya udutsima tutarimwo umwambiro; ku musi ugira indwi na ho hazoba ikoraniro ry’agakūra ku bwa Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe.
9 “Ukwiye kwiharūrira amayinga indwi. Kuva harya agakero gatanguye gushirwa ku ntete zihagaze ni ho uzotangura guharura amayinga indwi+.
10 Maze utegerezwa guhimbaza umusi mukuru w’amayinga ku bwa Yehova Imana yawe+, hisunzwe ishikanwa ritangwa ku bushake uzotanga ryo mu kuboko kwawe, nk’uko Yehova Imana yawe azoba yaguhezagiye+.
11 Kandi utegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yawe+, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi ari mu marembo yawe na kavamahanga+ n’impfuvyi+ n’umupfakazi+ bari hagati yawe, ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+.
12 Kandi utegerezwa kwibuka ko wacitse umushumba mu Misiri+, kandi utegerezwa kwubahiriza no gushitsa izi ngingo nyobozi+.
13 “Umusi mukuru w’insago+ ukwiye kuwihimbariza imisi indwi igihe wegeranya ivyo ku mbuga yawe y’ikubitiro no mu ruganiro rwawe rw’amavuta n’umuvinyu.
14 Kandi utegerezwa kunezerwa mu gihe c’umusi mukuru wawe+, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi na kavamahanga n’impfuvyi n’umupfakazi, bari mu marembo yawe.
15 Imisi indwi uzohimbaza umusi mukuru+ ku bwa Yehova Imana yawe ahantu Yehova azotora, kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira+ mu mwimbu wawe wose no mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe, kandi utegerezwa kuba uwunezerewe gusa+.
16 “Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe akwiye guseruka imbere ya Yehova Imana yawe ahantu azotora+: mu musi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+ be no mu musi mukuru w’amayinga+ no mu musi mukuru w’insago+, kandi nta n’umwe akwiye guseruka imbere ya Yehova iminwe misa+.
17 Ingabirano y’ukuboko kw’umwumwe wese izotangwa bivanye n’umuhezagiro Yehova Imana yawe yaguhaye+.
18 “Ukwiye kwishiriraho abacamanza+ n’abarongozi+ mu marembo yawe yose Yehova Imana yawe agira aguhe hakurikijwe imiryango yawe, na bo bategerezwa gucira abantu urubanza rugororotse.
19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi.
20 Ubutungane, ubutungane ni bwo ukwiye gukurikirana+, kugira ugume uri muzima kandi wigarurire koko igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+.
21 “Ntuze witerere igiti c’ubwoko na bumwe ngo kibe igikingi ceranda hafi y’igicaniro ca Yehova Imana yawe uzokwihingurira+.
22 “Eka ntukwiye no kwishingira inkingi nyeranda+, ikintu Yehova Imana yawe yanka koko+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.