Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 14:1-29

14  “Mwebwe muri abana ba Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mwikebagure+ canke ngo mwice ubuhanza+ ku ruhanga rwanyu ku bw’umuntu yapfuye.  Kuko muri igisata ceranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova akaba yabatoye ngo mube igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka.  “Ntuze urye ikintu na kimwe giteye ishishi c’ubwoko na bumwe+.  Ubu ni bwo bwoko bw’igikoko mushobora kurya+: ishūri, intama, impene,  ifumbēri, ingeregere, inzobe+, impene y’inyeshamba, impongo, intama y’inyeshamba, indonyi;  n’igikoko cose gisatuye ikinono kandi kikagira umwanya ugabura ikinono mu binono bibiri, kikaba cuza+. Ico murashobora kukirya.  Ariko ubu ni bwo bwoko mutazorya mu vyuza canke bisatuye ikinono, kikaba gitanye: ingamiya+ n’urukwavu rwo mw’ishamba+ n’inkezi yo mu bitandara+, kuko vyuza mugabo bikaba bidasatuye ikinono. Birahumanye kuri mwebwe.  N’ingurube+ nyene, kuko isatuye ikinono mugabo ikaba ituza. Irahumanye kuri mwebwe. Nta n’imwe mu nyama zavyo mutegerezwa kurya, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko+.  “Ubu bwoko ni bwo mushobora kurya mu bintu vyose biri mu mazi: Ikintu cose gifise amababa n’ibigaragamba mushobora kukirya+. 10  Kandi ikintu cose kidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mukirye+. Kirahumanye kuri mwebwe. 11  “Inyoni idahumanye iyo ari yo yose mushobora kuyirya. 12  Mugabo ibi ni vyo mutegerezwa kutarya: inkona na kagoma n’ikinyakabaka cirabura+, 13  n’ikinyamwanira gitukura, n’ikinyamwanira cirabura+, n’ikibakabaka hisunzwe ubwoko bwavyo; 14  n’igikona cose+ hisunzwe ubwoko bwaco; 15  n’ikinyoni citwa imbuni+, n’igihuna, n’inguriguri, n’agaca hisunzwe ubwoko bwavyo; 16  na ca gihuna gitoyi, na ca gihuna c’amatwi maremare+, n’imbata yo mu mazi, 17  n’ikinyoni ntamayuruzi+, n’ikinyakabaka, n’ikirovyi, 18  n’agasoza, n’inyange hisunzwe ubwoko bwavyo, na samunsure, n’agahungarema+. 19  Kandi ibiremwa vyose bigwirirana vy’amababa birahumanye kuri mwebwe+. Ntibikwiye kuribwa. 20  Ikiremwa kiguruka kidahumanye cose murashobora kukirya. 21  “Ntimuze murye umuvyimba n’umwe w’icamaze gupfa+. Ushobora kuwuha kavamahanga ari mu marembo yawe, awurye; canke ushobora kugurishwa ku munyamahanga, kuko wewe uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe. “Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+. 22  “Ukwiye ata kabuza gutanga ic’icumi c’umwimbu wose w’imbuto yawe, urya uva mu murima umwaka ku mwaka+. 23  Kandi imbere ya Yehova Imana yawe, ahantu azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba, ni ho utegerezwa kurira ic’icumi c’intete zawe+, umuvinyu wawe mushasha n’amavuta yawe n’ivy’uburiza vyo mu busho bwawe no mu mukuku wawe+; kugira ngo wige gutinya Yehova Imana yawe nantaryo+. 24  “Mu gihe rero urugendo rwokubera rurerure birenze+, kuko utazoshobora gutwara ico c’icumi, kubera ko ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo ahashire izina ryiwe+ hazoba hakubereye kure birenze, (kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira+,) 25  uze ugikabe rero amahera, uyazingire mu kuboko kwawe, uheze ufate urugendo uje ahantu Yehova Imana yawe azotora. 26  Uze rero uyagure ikintu cose umutima wawe uhahamiye+, ari inka, intama, impene, umuvinyu, inzoga iboreza+, be n’ikintu cose umutima wawe wogusaba; uze ukirire ng’aho imbere ya Yehova Imana yawe, unezerwe+, wewe n’urugo rwawe. 27  Kandi ntuze uhebe Umulewi ari mu marembo yawe+, kuko atagira umuturi n’intoranwa kumwe na wewe+. 28  “Ku mpera y’imyaka itatu uzosohora ic’icumi cose c’umwimbu wawe muri uyo mwaka+, ugitereke mu marembo yawe. 29  Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”